article comment count is: 1

Kuharya i reggae : si bibi ariko ni ukuhagabira

‘‘Kuharya i reggae’’ vyamaze kuba igikorwa kimenyerewe aha i Bujumbura na canecane muri iyi misi ikibazo c’igitoro cabaye urusyo. Ubu benshi ntibacemera guta umwanya ngo barindiriye ibibunguruza, bariyunguruza. Ego gutambuka ni vyiza muga iyo utaravye neza abo mufatanye urugendo, hari aho wosanga hari imfyisi mu ntama.

Nkiri muto, ndibuka tuzinduka agaturuturu tuja kw’ishure. Hari akaririmbo ko mu rurimi rw’igifaransa kandyohera kavuga ngo: “1 kilometre à pied ça use les souliers ! (ikirometero kimwe uriko utambuka n’amaguru biraheza ibirato)”, niko twagenda turavyinirako duhibongoza umwe atera abandi bitabira, emwe twabivuga ataco twinona ntitwari tuzi ko ari vyo biturindiriye muri kazoza. Eka mbere twatanguye kubigira umugenzo ubu, ku buryo hari n’imigwi yavutse yitwa ngo “kurya i reggae”.

Ejo bundi mbere nabonye ubutumwa  muri uwo mugwi wo ku rubuga koraniro “WhatsApp” ngo : “ni bande bari hafi tuhiyereke”. Nkibona ubwo butumwa ikintu ca mbere canje mu mutwe ni : “iyo iracavugwa ?” Hari haheze igihe itavugwa jeho nagira ngo abari bayirimwo barubuye ubundi buryo bwo kwiyunguruza, kuko iyo gurupe ikiza nabona bandika ubutumwa bwinshi muga hari haheze igihe ata n’uwugikoma. Muga nahavuye ndonka umugenzi ansigurira igituma bari barahoze. Aline*, adandaza impuzu  mu gisagara hagati yaranyiganiye ambwira ati : “Gutambuka nkajana n’abandi nari nabigize umugenzo, ariko umusi umwe vyarankozeko.”

Uja mw’ishamba utazi ukahaca inkoni utazi

Akomeza agira ati: “Hari ku musi wa kane, nabaye ngishika mu gisagara hagati nsanga imirongo niyo yivugira. (Nta gitangaje kikirimwo turabimenyereye, ahubwo umusi twosanga ata yihari aho niho vyoba bitangaje). Ni uko ndegera ntonda mu bandi, ndavye umurongo uko wangana narabona ko kuronka bisi atari vuba. Umurongo urahuza abantu harya ubona, je nabo twari kumwe twaciye dutangura gutera inkuru mu kurindira ko ibisi iboneka.  Vyakabaye kera nabona twabaye abagenzi, eka mbere duhava dufata umugambi wo gufatanya urugendo, ivyo twita “kuharya i reggae”.

Ibarabara ng’iryo turaryihereje. Umwe mu bo twari kumwe yarahavuye arashiramwo n’akaziki, iryo joro narahavuye ndamenya n’abaririmvyi ntari nzi. Inkuru ng’izo. Emwe twarananyaruka kuko na ka morale twari tugafise. Ni ukuri nta bwoba nari mfise kuko mu bo twari kumwe harimwo abakobwa 3 n’abahungu babiri. Hari nabo nari numvise tubana hafi na hafi je numva ntekanye.

Imfyisi mu ntama

Ng’aho turarenganye ikiraro ca Ntahangwa. Umukobwa umwe araheza aratubwira ko azi inzira ya hafi,  uwavuze ngo inzira ya hafi yamaze abatwa ntiyabeshe da ! Narijijanije imitima muga mpava mfata intumbero yo kubakurikira kuko n’ubundi abantu twari twafatanye urugendo, twayaze neza sinari kubata uko. Ngo akarimi kavuga inagore karagororoka, emwe si vya bose ni ukuri ! Hari abavuga bakaguhuvya ! Umwe yaciye ambwira n’akajwi gatuje ngo turi benshi nta na kimwe twoba naho umenga ntihabona. Jeho nagira ngo barahamenyereye, ni uko ntega umutwe nk’umumobwa ndakurikira.   Twagize ngo turigiye imbere, akabarabara urenganye ishure Saint Esprit,  barampindukirira. Burya nagiye gutahura ibigomba bimbeko mbonye bose bahinduye isura,  batanguye kunyambura isaho nari mfise mu mugongo. Nari mfise amafaranga mvuye kudandaza n’impuzu nkeyi nari natumwe n’umukiriya. 

Emwe naciye ndayita ku munwa, yamara ngira igihe abantu batabara hari kera ! Baciye biruka bumvise nkomeje gukoma akaruru muga bagenda bantwaye ya n’amahera, n’impuzu zose nari ngarukanye. 

Muragabe

Aline ahejeje kunyiganira ivyamubayeko, numvise ishavu rikuye n’i manyika. Bati uwagowe n’ivyatsi ntibimuha inzira, mwibaze namwe ! Akire kuba yatashe n’amaguru kubera kubura bisi, ace agirako aburiremwo n’utwo yakoreye ! Emwe naciye ngira ubwoba mbere na ya groupe nca ndayivamwo. Gutambuka ugafatanya urugendo n’abandi jeho nabibona nk’ibintu bije guhuza abantu, aho abantu bashira kure ibibatandukanya, yamara hari imfyisi zamaze kudushwara, ubunyamaswa bwamaze kutubamwo. Ni ukuri gutambuka ukajana n’abandi ni vyiza muga tutahagabiye twohagwa.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)