article comment count is: 0

Kubona umwanda n’umwijima muri Rumuri biteye agahinda

Abahaciye bahazi nk’ahantu “heranda”, “ahantu h’ubuntu, hari abantu b’ubuntu, ikirimba c’ubumenyi n’ubushakashatsi”. Ariko uwo mwidondoro ntukibereye kuko, hari ibintu biriko birahatosekaza.  Ubu hoho vyarenze ihaniro. Ata gikozwe birayangara. 

“Iki kibazo kimaze hafi umwaka !  Mu tuzu twa surwumwe nta mazi ariyo. Urusazi ni rwo ruduma, umunuko na wo usigaye udusanga mw’ishure ukatubuza kwiga. Nka twebwe abakobwa turacumukura cane, iyo dukeneye kwiherera bidusaba gufata urugendo runini tuja iyo turara, ugasanga dutakaje umwanya munini maze tugahomba n’ivyigwa”. 

Iyo ni imyidogo ya Nkunda Espy, umunyeshure wo muri kaminuza y’Uburundi inyuma y’aho ikibazo c’isuku mu bigo vy’amakaminuza atandukanye bibereye akananirabahinga. Iyo midogo ntayisangije kuko ubu abanyeshure, mu vyo bidogera cane, ico kibazo kiza imbere. Espy wewe akagira ati: “Abigeme bari mu  butinyanka bobo birabahanga cane kuko bataronka aho bihindurira mu gihe bikenewe.”  Ivyo bikiyongera ku kibazo c’ikena ry’umuyagankuba n’ibindi bibazo. 

Ntibitahuritse

Ikigaragara coco, ni uko iyo kaminuza atari ntahonikora.  Ingingo ya 55 y’itegeko ry ‘umukuru w’igihugu N° 100/07 ryo ku wa 22 Nzero 2019 ritunganya uko iyo kaminuza itunganya ibikorwa irerekana neza ko hari amafaranga agenewe gusanura ivyononekaye muri iyo kaminuza. Kira noneho isanzwe ifise ayandi mikoro.  Hambavu y’imiliyaridi 26 z’amarundi isanzwe ironswa na Reta, isanzwe yifitiye ubundi butunzi buyisahiriza. Aha twovuga nk’amazu ipangishije, imfanshanyo zisanzwe ziva mu bayifasha.  None uko imyaka yagiye ihera, ubwo bwari bugenewe gusanura izo nyubwakwa bwaja hehe?

Mu rwandiko Jonas Musavyimana aserukira abanyeshure yandikiye ubuyobozi bwa kaminuza agaha n’ikopi umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi kw’igenekerezo ry‘ 1 Ruhuhuma 2022, yarerekanye ibibazo iyo kaminuza irimwo.   Muri izo ngorane , harimwo kubura amazi mu buzu bwa surwumwe no mu bwogero, kubura amatara  mu birasi vyo kwigiramwo no  mu buraro,  insenge hamwe n’impome ziri mu guhenuka.  Ivyo rero uwo aserukira abandi akabona ko ata gikozwe mu maguru masha, ivyo bishobora kubangamira ubuzima bw’abaje kuharonderera ubumenyi. 

Hagire igikozwe

Ako kamo kari gakwiye kwumvirwa kuko nta kintu na kimwe coza gisigura ukuntu abanyeshure igihugu kizeyeko incabwenge zizogiteza imbere, bakorera mu mwijima n’umunuko. Mbega ko ba sogokuru bavuze ko inka ikamwa ico yariye, abo bantu twobitegako ubushakashatsi nyabaki ? Ko umwanya munini baba bariko biyumvira ivyo bibazo barimwo, mwumva bokwiyumvira ibintu bihanitse kandi bishasha gute ?  

Abafise ico bokora kugira ibigo vya kaminuza imwe rudende y’igihugu irangwe n’isuku n’umuco ukwiriye, bonyaragasa bakabikora mu maguru masha. Ivyo bizobera akarorero n’ibindi bigo, n’amashure yisumbuye hamwe na matomato. Vyonasubiza agashambara haba ku babijejwe, eka mbere no ku bahiga. Birateye isoni cane ikigo kiramura incabwenge gifise amakemwa nk’ayo.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion