article comment count is: 0

Kirundo : kwibana abakozi vyimonogoje

Ubusuma ni vyo buri kwinshi ariko hari ubutari bumenyerewe kandi bugoye no kwemera ko bubaho. “Kwibana abakozi bo mu nzu” ni ikintu gitangaje ariko cimonogoje cane mu ntara ya Kirundo, kuko umukozi ashobora guteka ivy’umurango ivy’ijoro bigatekwa n’uwundi. None bitumwa n’iki ? Bifise ingaruka izihe ? 

Mariya* ashinga intahe ati : “Namye mfise ikibazo c’abayaya (abakozi bo mu nzu b’abakobwa). Narazana umwe yarara kabiri nkamurondera nkamubura, simenye irengero ryiwe. Nahavuye nibaza ko ari ubunyamuji buba bwabasaranye nca nja kwironderera uwo ku gatumba. Na we nyene ariko yamaze imisi itatu nca nzana uwundi  na we nyene nkuye ku gatumba. Nta na kimwe cahindutse. Haheze imisi mike na we yaciye agenda.” 

Mu nyuma yaratohoje kugira amenye igituma abakozi aronse baca bagenda batamusezeye. Yari afise umubanyi yikeka ko yoba abaja mu matwi akabahenda, mugabo amubajie arabihakana. Haciye imisi umukozi umwe muri bo yaciye agaruka kumusaba akazi. Yamubwiye ko bamuhenze ngo bamutware aho bamuhemba menshi. 

Ari mu bandi

Uwundi mupfasoni akidoga ati: “Uwombaza abakozi maze gukoresha nanje sinobamenya. Kuko hariho n’uwuza mu gatondo kunsaba akazi agateka  ivy’umurango, nkamurondera ngo ateke  ivyo mw’ijoro nkamubura.” 

Abo bakozi batwarwa n’ababanyi akenshi babahenze ibintu bidafashe. “Harya ntibahemba, harya baguhemba make ingo ndakwereke aho uzohembwa menshi. Urya we ntazonakugaburira. Mu Kirundo bahemba make cane ingo ndagutware i Bujumbura ni ho uzohembwa menshi, n’ibindi.” 

Ku bw’umwe muri abo bakenyezi twayaze, urusaku rudafashe, rutera ubwoba wa mukozi akumva yokwomoka ni bimwe mu bituma abakozi babo bataragama. Igituma ababanyi babo babatwara abakozi na co ntikiramenyekana neza. Akagira ati: “Nibaza ko babura ico bakora bakarambirwa.”

Inkurikizi

Uko kwibana abakozi ntikwijana na gato. Kubera insaku zibiherekeza, bituma ukwikekana kugwira mu babanyi ndetse n’urwanko rukaziramwo. Niho usanga umubanyi aguma yidogera uwundi yibaza ko ari we yamutwaye umukozi.  

Ikindi bishobora kuzana ni ubusuma. Na rirya baba bataramenya ingeso ziwe aho yahora akora, umukozi ashobora kwadukana ingeso y’ubusuma, abonye agira agende akaraba ico acikana. N’abakoresha, kubera baba bama biteguye ko umukozi agira agende, baca bama biteguye kurondera abandi, gutyo ugasanga ntibaciyumvira no kubafata neza nk’abantu, ntibigere biyumvira ku gateka kabo. 

Umuti urama

Uwahoze ari umushikiraganji w’abakozi n’akazi  Domine Banyankimbona  yari yaramenyesheje ko abakozi bo mu nzu na bo nyene bakwiye gukora bakingiwe n’amategeko. Umukozi agatangura akazi ari uko umukoresha amuhaye amasezerano yanditse (contrat). Ivyotuma n’abakozi bo mu nzu bafatwa neza kurusha. 

Nkako, nk’uko tubisanga mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryateweko igikumu kw’igenekerezo rya 24 Munyonyo 2020, abakozi bo mu nzu bararekuriwe kuronswa amasezerano y’akazi yanditse. Gusa iryo tegereko ntiriragaragaza akarusho kuko hatarajaho amategeko mperekeza.  Ayo mategeko yojaho,  kumbure vyotuma ico kibazo c’abakozi bo mu nzu  mu Kirundo, eka mbere n’ahandi, gitorerwa umuti burundu. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion