article comment count is: 1

Inzoga zikaze: umve uko zigeramiye benshi mu kayombekero

Vodoka, Kiki (Kick), Karibu, Hozagara…, izo zose ni inzoga zikaze cane usanga mu mabutike menshi haba mu bisagara canke hagati mu gihugu. Benshi bavuga ko batangura bumviriza bukebuke ariko umaze kuzimenyera, ubuzima bugenda buyonga bukebuke, amagara agatangura gusinzikara. Hari n’abo zica kubera kuzinywa ukutari kwo nk’uko twavyiganiwe n’uwo zagejeje habi. 

Ni ku kagoroba k’ijoro, izuba ryarenze kera. Turi mu Nyakabiga ya 3 kw’ibarabara rya 13, ku ruhande rwo haruguru, hafi y’ibarabara bita avenue de l’Unesco. Hapfo gato y’ibarabara rya 13, hari ikirabo badandarizamwo urwarwa. Ku rundi ruhande, hakurya y’ibarabara, Masta, nk’uko bamutazira, niho yicaye ari kumwe n’uwundi mugenzi wiwe. 

Tumubajije intahe yiwe yerekeye kwihereza ibinyobwa bikaze yatwiganiye ati: “Jewe natanguye kunywa Vodoka ikiri mw’isashe. Naza ndafata udusashe tw’izo nyoye ndadupanga mu mufuko uvamwo isima, uhava uruzura.  Nzana uwundi nguma mpanga, nawo uruzuramwo. Wamenga ni ubuhuzi. Aho rero nashiramwo ubwo nywa mw’ijoro gusa, ubwo nywera mu gahinga sinashiramwo. Bamaze guhindura Vodoka bakayishira mu ducupa, nahone naciye nguma ndatubika mw’igunira hama ryuzuye ngaca ndabugurisha. Aho bugariye Vodoka, naciye ntangura kunywa zimwe nini nini. Ariko uko nazinywa ubuzima bwagiye buyongayonga ukuntu. Bitangura kwanka ko nfungura. Ntangura kuza ndamererwa nabi, ku mugoraba hageze nkagugumwa cane. Niho nafata umugambi wo kuja kwa muganga.  Muganga yarampaye imiti, aca ambwira guheba inzoga n’itabi. Ariko napfuye guheza imiti, sinakurikije impanuro yampaye nca nsubira kunywa ukuri kwamye. Ariko mu ntango y’2022, niho naciye nfatwa neza. Nagiye kwa muganga vyanse gose, baritonda barampima neza, baranyereka ingene umushishito wabaye kubera izo nzoga nanywa, naciye numirwa. Wari waritunatunye utagikora neza. Bamaze kuntera inshinge baciye banyandikira imiti izomara amazi 12. Guhera ico gihe naciye mpagarika inzoga. Mbere binankundiye ngakira numva noca mpeba burundu”.

“Ikiki” yarihaye inkumbi

Inyuma y’iyo ntahe yiwe, Masta yaciye atubwira ibara riherutse kugwa mu Nyakabiga ya 2 kw’ibarabara rya 6 aho inzoga ikaze bita i Kiki yagandagura umugabo yahora akora umwuga wo gusudira. Yazindukanya inyota mu gitondo aca azinduka kwa sebuja kumusaba akagurane. Arayamuha ariko bibanje kugorana. 

Ni uko wa mugabo aca asimbira kw’ibutike agura ya nzoga  yitwa i Kiki, impima ml 350, ikaba ifisa amakari ari ku rugero rwa 42%. Iyo Kiki mwumva, ni iyindi nzoga ikaze cane kandi isanzwe inyobwa henshi mu ma karitiye y’igisagara ca Bujumbura. Yayiguze amafaranga 4 000.  

Ayishikanye, atarayisoma aca aja gupinga n’abandi ko yoyisoma incuro zibiri ikaba iheze. N’umubabaro mwinshi, Masta atwiganira uko vyagenze : “Bamaze guharira aca arayugurura, arasoma irya mbere, asoma irya kabiri arayiheza, muga babona aguma aravye hejuru. Agacupa baciye babona gakoroka hasi aba arayimaze. Yaciye amara umwanya mu gacerere. Hanyuma haciye iminota mike aca abwira bagenzi biwe ko yumva imuboreye kandi atameze neza agiye kuryama gato. Burya bagiye kumuraba yaremvye gose, sebuja aca azana tagisi. Bamushikanye kwa muganga acikanye”. 

Uyo nyakwigendera yahitanywe na Kiki, ari mu bantu imiriyoni 3 bapfa buri mwaka kw’isi bahitanywe n’inzoga canke inkurikizi zazo, nk’uko tubimenyeshwa n’ishirahamwe mpuza makungu ryitaho amagara y’abantu OMS.

Muganga nawe abivugako iki ?

Muganga Leonard Bivahagumye, yanonosoye ibijanye n’inzoga (Alcoologue) yarigeze kutuyagira ko ingaruka z’inzoga ku magara y’abantu ziri kwinshi. Zikavana n’ingene abantu banywa inzoga, ubwoko bw’inzoga n’urugero umuntu anywako. Ariko indwara zoza ziterwa n’inzoga ni nyishi cane. Hari umutima, ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, igitigu, kanseri, n’izindi nyishi. Vyiza rero, n’ukunywa twigerera, mbere uwo bishobokeye akaziheba.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)