Hari mu mwaka w’2020, aho umwanditsi wa Yaga yatwiganiye uko abona urwego rw’abajejwe umutekano mu Burundi rukwiye gusukura isura yarwo. Mu vyo yarunegura, hari ivyagabanutse ariko hari icanse kuhava: ugusegerereza kuri bamwebamwe bari muri urwo rwego. Ikibituma, ni uko ata kanya karafatwa ngo maze batore umuzi w’iyo ngeso maze bawurandure.
Twaraye duhimbaje imyaka mirongo itandatu igihugu cacu cikukiye. Abashoboye kuraba ibirori, barabonye ukuntu vyari biteye igomwe intwaramiheto z’igihugu ziriko ziratambuka zerekana ubutwari buziranga. Eka n’abajejwe umutekano bari babereye ijisho bariko baratambuka ku murindi umwe. Kari akaror’uhore.
Jewe nabikurikiranye ikibiriraho ku rubuga koraniro rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu. Ndiko ndaratira ijisho nkabona uko biryoshe, numvise ikiroroge ku mutima nibutse inyifato naraye mbonye ku mupolisi twasanze acunze umutekano kw’ibarabara ncako ntashe.
Hari igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Naronse umugenzi anyunguruza anshikana ku muhana. Ijoro ryari ryitereye naho mw’ibarabara ari agacerere. Nta bantu benshi bari bagitembera ico twabona yari amatara arasira kure na kure.
“Igipolisi kizira igiturire”, nabo abapolisi…
Twigiye imbere, dushikira ku capa kiriko ivyandiko twama twabonye ngo “igipolisi kizira igiturire.’’ Umupolisi yari ahahagaze aramanika ikiganza araduhagarika. Yari arushe, ubona ko twatanguye n’igihe c’ici, emwe ni ukuri vyaragaragara ko izuba ryo ryari ryamwakiye pe !
Mu gihe tumenyereye baka impapuro ziranga umuduga na za karangamuntu z’abari muri wo, emwe uyo wewe yabanje kuturamutsa adutwengera n’icubahiro cinshi. Ku mutima nti uwo ni umupolisi aturamukanije ubugwaneza nk’ubu ? Ntibesheye naratangaye kubera ko ntavyo nari menyereye. Turamuramutsa natwe. Tuja narwo ngo ni ubugwaneza naho shwi.
Ikiyago yagitanguye neza ariko ivyo yakurikije ni vyo vyanteye ubwoba. Numva arinamuye ati: “Nta bihumbi bibiri wonsigira none ga shefu ?’”. Ndihangana biranka, nsanga ndaturitse ndatwenga. Ukaba utaraba umu shefu ahantu, ntugire ubwoba bazobikwita ni ukuri. Aga ‘’Fbu’’ kubahwe.
Inzeragiza
Umuririmvyi w’umunyarwanda niwe yaririmvye ati: “Ibi ni ibiki ko mbona bikaze ! Jewe ndumiwe”. Ni ukuri naje narumiwe pe. Muga icanyumije gusumba ibindi ni kubona uwo twari kumwe ayamuhaye. Bavuga ngo inyuma y’igicapo cose haba hari inkuru yinyegeje inyuma, emwe nari mfise inyota yo kumenya insiguro yinyegeje muri iyo sanamu nshansha nari mpejeje kubona y’abapolisi (erega umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango). Sije nabonye turamurenganye gato kugira mbaze neza uwo mugenzi igituma yemeye “kumucorera” kandi bibujijwe.
Yanyiganiye ati : ’’ Abarundi barayamaze ngo nta kabura imvo. Ntibabeshe. Ejo bundi, hari umupolisi yansavye amahera, ansiguriye nsanga ivyo avuga koko birafise ifatiro. Yambwiye ati : “Imishahara turonka ni intica ntikize, amafaranga ari hagati y’ibihumbi 90 n’ibihumbi 120 muri ubu Bujumbura biragoye kuyatungamwo umuryango. Aho simvuze amafaranga yo kwigisha abana 4. Kugira ntunge umuryango, ntegerezwa kurondera ahandi ndayakura.” Ni ukuri yari umupolisi akuze naje vyaranse ko ndamwima kubera kubona umuntu yari akuze ukuri aho yubahuka kunsaba amahera vyarantangaje. Niko kuyamuha ntitangiriye itama. Ubu n’uwundi azonsaba nzoyamuha ntivyiringira”.
Uwo mugenzi we yabona ko uwo amubwiza ukuri atarinze kurondera ivyitwazo biba birabateranya ari we ashima. Niko kunyagira uko ejo bundi yari muri tagisi, maze umupolisi aramubwira ngo asohoke kubera karangamuntu yiwe ishaje. Nawe yanka kugarariza inzego arasohoka. Aramusigurira ko abandi yahora ayereka ata mahinyu bari bwayitore ! Burya yaciye ambwira ati : “Oya ntuhogore, mpa bibiri ntaco nca ndakureka!” Hari n’izindi nyifato tumaze kubabonako nk’izo.
Ntivyizana
Biroroshe gucira urubanza abandi, je nari numva umenga barateye isoni haba kuri abo basaba amahera co kimwe n’abemera kuyabaha. Ntawobideha, biracafuza ishusho y’igihugu. Ikibabaje kandi canteye kwiyumvira cane, ni uko ntari nigeze niyumvira ikibitera. Uko uwo mugenzi yansigurira, niko amaso yasa n’ayariko aruguruka, ivyiyumviro bihinduka.
Twakomeje urugendo, nk’uyu mwanya mba ndashitse, tukiganira. Nururuka ntashaka kubera ico kiyago, ariko ndikebanura ndagenda. Uwo musi naryamye nkubitiza agatima kuri ba bapolisi bama batujuragiza, badutako amashavu, n’izindi nyifato nyishi zitubabaza, nkabiroresha kuri ya ntahe numva. Nibaza nimba abaturongoye boba barafata akanya na rimwe ko kwiga imvo n’imvano y’iyo nyifato maze bakagerageza kuyitorera umuti.
Birateye isoni ariko suko igihugu gikenye wapi kweli nibabahe bareke gucafuza urwego