ⒸBNP TV
article comment count is: 0

“Ibivizi”: uko ubwo uburyohe bw’i Gitega bwashitse mu Burundi

Iyo utembereye canke ukaja gukorera mu gisagara ca Gitega, usubiye inyuma udatwaye “ikivizi”, abana canke abandi bamaze kuvyihereza ntimuteka ngo bishe. Indamutso bakwakiriza ni “ko watevye ngo turye ibivizi?”. Muti none ivyo bisuguti vyabaye nk’akaranga k’ico gisagara bikomoka hehe ? Ubwo buryohe abantu bavyumvisemwo buva kuki ?

Mu 1610, umwerenda Francesco w’i Sale afadikanije n’uwitwa Jeanne de Chantal, umupfakazi w’abana bane, bashize hamwe iciyumviro co gushinga umuryango w’abihebeye Imana usa n’uwutandukanye n’iyindi miryango y’ababikira mu vy’indinganizo. Ubutandukane bw’uwo muryango n’iyindi ni uko wo utagira ico ufatiyeko kugira wakire umwigeme canke umugore yipfuza kwinjira. Baba abakenyezi bashaje canke abarwaye canke ibimuga, bose barashobora kwakirwa.

Ng’uyo umuryango w’aba “visitandine“, (les Soeurs de la Visitation de Sainte Vierge Marie mu gifaransa)  benshi bita “Abavizi” uba uravutse.

Mu Burundi bahashika inyuma yo kwikukira

Imyaka itanu nyuma y’ukwikukira kw’Uburundi, mu 1967,  uzanywe n’aba misionari bo mu gihugu ca Espagne, uwo muryango warashitse mu gihugu cacu. Uca uragasara, kugera ubu, ufise ibirimba vyinshi mu ntara zitandukanye nko mu ntara ya Gitega, Ruyigi, Rutana, Kirundo n’ahandi.

Akarangamutima k’abihebeye Imana b’uyo muryango bagira bati: “Birabereye ko abakozi b’Imana babaho ubuzima bwabo nk’abatumwa ariko ibikorwa vy’intoke zabo bikabunganira mu buzima barimwo”.

Ku bw’abo rero, igikorwa cose, caba ikiboneka canke ikitaboneka, kiranguwe ku neza y’umuryango canke gituma haboneka inyungu, ni ico guhabwa agaciro. Barongera bati: “Dutegezwa kwifadikanya n’abandi babaye kuri iyi si mu gukora yaba ivyoroshe canke ibigoye kugira tuyihindure”. Vyaba ibibiboneka canke ivy’umutima barondera kunezera Imana no kugendera mu rukundo rwayo.

Ariko naho biri uko, ibikorwa bihabwa agaciro mw’uyo muryango ntibishobora gusubirira igisabisho caba rusangi canke ic’umwe umwe. Igisabisho nico kitegerezwa kuza imbere ya vyose.

Nibo dukesha “ibivizi”

Bashitse mu Burundi, bazanye ubumenyi budasanzwe mu gukora ibisuguti biryoshe cane bitarigera bikorerwa ahandi mu Burundi. Birakundwa cane, abavyihereje baguma bavyikugura. Ni naho baca babitazira iryo zina nyene ry’abavizi maze bavyita “Ibivizi”. Kubera rero ahantu habaye rurangiranwa cane bikorerwa ari i Gitega, uwugiye muri ico gisagara nta kindi bamusaba nk’akaganuke. 

Naho benshi bafatira muri rusangi mu kuvyita “Ibivizi”, bisanzwe bifise amazina abitandukanya kimwekimwe cose ukwaco. Hari ivyitwa Angelika (Kamakayika Ndrl) , Mignonette (Keza Ndrl), Mexicain (Akamegizike Ndrl), Ronde (Akazingi Ndrl), Carré (Agakwadarato Ndrl), Coeur (Agatima Ndrl),   n’ibindi. Mu kubitorera amazina bisunga uko bicapuye. Iyo bahejeje gucanga ibirungo bihingurwamwo ivyo bisuguti (ifarini, amavuta, amagi, isukari hamwe n’ubuki) hari ama mashini yagenewe gutanga ishusho canke iforoma y’igisuguti. Uko rero vyitwa ugutandukanye, niko n’ibirungo biba bitandukanye. Vyumvikana neza ko n’uburyohe aba ari uko nyene.

Si mu Burundi gusa ivyo bisuguti vyabaye rurangiranwa bizanywe n’abo babikira. No mu gihugu c’Ubufaransa, mu gisagara citwa Nancy, ababikira bo muri uwo muryango nyene barakoze ibisuguti biryoshe cane, maze uko imyaka yagiye iragenda abakora ibisuguti baca babafatirako akarorero.  Gushika n’uno musi ibi Visitandines mu Bufaransa birakundwa cane, kandi baracavyitirira abo babikira babitanguye.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion