Kuva hagiye mu ngiro itegeko ryo kwororera inka mu mpongore, ikirundi mu karanga kaco kajanye n’ibicuba, amazina n’ukubonekesha biriko biragenda amazimayongo. Mu gihe Uburundi budakwiye gusigara inyuma mu gukingira no mu guteza imbere ubutunzi kama, hokorwa iki ngo ako karanga k’ururimi rwacu ntikaduce mu myanya y’intoke ?
“Icompa inka conjana ku Ntega nziza ya Mugano itega amashashi imikangara ikaribonga, ibona rya Karunga ribona imbogo rikavuma, ngo ribone iyavyaye rigatonyanga iremba,…”. Amayagwa nk’ayo mu gahogo karyohoye ariko arashira ayonga nk’ifu y’imijira.
Mu gihe ibicuba bivugwa n’umwungere acuye canke agishuye inka, ivyo ntibigikunda kubera inka zitakija kurisha ku mitumba canke kugisha. Eka noneho, n’uwobigeragereza muhira yoba arenze ku migenzo y’ikirundi kuko bibujijwe kuvuga ibicuba utari mu bunyovu canke mu kibara. Eka si ibicuba n’amazina gusa. Kubera iyo ngingo nyene, umuco w’ukubonekesha uriko urazimangana. Ayo nayo yari amazina bavugira inka zishotse kunywa amazi.
Kuzimangana
Mu mwaka w’i 1982, ni ho hasohoka itegeko ribuza kugisha. Ku bwa Nzojiyobiri Athanase, umworozi w’inka twasanze muri komine Ntega, uwo mwaka ni ho amayagwa y’ikirundi mu bijanye n’ibicuba yatangura guhungabana. Agira ati: “Jewe ibicuba nabimenyeye mu ndagiro tugiye kugisha, ab’ubu mbe bazobimenyera he ko batakigisha canke ngo baturutse”. Ku bwa Athanase, ingingo yo kwororera mu mpongore, naho ifise ivyiza vyinshi, yaje kwonza ururimi rw’ikirundi na rirya mu kuvuga ayo mayarwa bakoresha amajambo afobetse y’inkoramutima kandi ahinyanyuye.
Nk’uko umwuzukuru wa Athanase abituyagira, “Kiretse amayagwa ajanye n’ibicuba n’ukubonekesha nize mu mashure, aho naho nyene ata gaciro kanini babiha mu kutabitebako, ayo majambo y’ikirundi nta na kimwe ndayaziko kandi sindi jenyene”. Yuhira ko yama yabipfuye na Sekuru wiwe iyo asanze ariko arakama atabanje kuvumereza. “Ashaka tubimenyere hehe ko iragi ari irihanahanwa mu mvugo no mu ngiro ?”.
Ntugende akagirire
Ibicuba canke kubonekesha, ni umuco w’aborozi. Ni kama k’abarundi n’ikirundi igihugu cisangije. Mu gihe ikirundi ari karangamuntu yacu, kandi ukaba uta akaranga ukaba utaye akabanga ugatorana akaranda, urwego nshingwakirundi rurakwiye kwandika igitabo kirimwo amayagwa abanje gutohozwa neza mu ntara zose z’igihugu, kugira ayo mayagwa ashirwe mw’iragi ndangakaranga ntakabakabwa ya Unesco, nk’uko biri mu yindi midiho yashizwe muri izo ngero.
Ariko kubera umuco uzigamwa iyo uhanahanywe, kandi kugira urwaruka rumenye agahogo n’umudiho bijanye n’ayo mayagwa, ruyimenye, ruyihe agaciro kandi ruyihanahane, hobaho umusi umwe mu kwezi, inka zigasohorwa impongore zikajanwa ku mitumba, maze abungere bagahiganwa mu kuvuga ibicuba n’ukubonekesha.
Wumvirije ubutunzi ururimi rw’ikirundi rufise mw’ayo mayagwa, ukumva indimburo n’insiguro y’amajambo mbagarabwenge avyubatse, umuntu aca yumva ukuntu igihugu cacu kiriko kirahomba mu gihe ako karanga koduca mu myanya y’intoke.