Gupanga amazu biguma bizimba uko bukeye uko bwije. Iyo umupangayi yimutse, umengo ryabaye itegeko ko nyene inzu aca aduza igiciro kuri mushasha aje. Uwubatse nshasha wewe mu gushinga igiciro arihanukira, canecane mu gisagara ca Bujumbura. None vyoba biva kuki ? Reka duhe ijambo abo vyega batuyagire bikurubikuru mu bituma ivyo biciro biguma biduga.
“Muri Kigarama 2021 ngiye kuriha amahera, nyene inzu yaciye ambwira ko adugije igiciro, nzohora ndiha BIF 150 000 guhera muri Nzero 2022 (Nahora ndiha BIF 120 000). Yongeyeko ko nimba ntashoboye kuyariha noca nicarira avanse yanje nce ndamubisa inzu arondere uwundi amupangira “. Uwo ni Jules N*. Aba muri Nyakabiga III. Avuga ko yaciye yemera kuko aravye kw’ibarabara abako ata yindi nzu yari kuronka y’ivyumba bibiri na “saro” kuri ayo mahera, kuko zizimvye gusumba aho. Hari izingana uko usanga zipangwa ibihumbi 250 canke arenga bivanye n’ingene zubatswe. Arangiza avuga ati “Nta nkeka ko mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uza nyene inzu azoca asubira kuduza.”
Kubera abaranzi
Kuri ico kibazo, Mélance Harerimana umupangayi aba mu Nyakabiga ya III ku rya gatandatu asanga ibituma bene amazu bayaduza ibiciro ari vyinshi. Agira ati : “Amazu yo gupanga ni make ugereranije n’abayarondera bigatuma abazifise ayo basaba yose bayaronka kuko abazikeneye baba ata kundi bari bugire. Inzu wari upanze iyo bishitse ukimuka nyeneyo aca ayisiga akarangi hama uwuje kuyirondera agaca ayimuha ku giciro c’umurengera”.
Ikindi abona kiduza ibiciro vy’amazu, ni abaranzi. Agira ati: “Abaranzi (abakomisiyoneri) b’amazu baziduza kuko bahembesha baravye amahera inzu ipanzweko bagaca babaha igice c’ukwezi c’agahembo kabo. Ni ukuvuga ko inzu ipanzwe BIF 100 000 ku kwezi umuranzi aca arya 50 000”. Ivyo bigatuma ibiciro biduga cane kuko abo bararanzi baca baduza inzu kugira bahembwe menshi.
N’ibiciro vyaduze
Eriya* yaraguze iparasera ipima are 4 aho mu Nyakabiga nyene umwaka uheze w’2021. Yayiguze imiriyoni 85 ayiguriye umutama yari yayiguze ibihumbi 22 mu mwaka w’1970. Iyo parasera aharura kuyubaka akayishiramwo amazu yo gupangisha. Mugabo naho atoyubakisha akagurisha ubu bomuha ayarenga ayo cane kuko nk’uko twavyumvise, kw’ibarara rya 13 hirya yo kwa Eriya, haherutse kugurwa iparasera ingana n’iyiwe (are 4) ku miriyoni 120. Uwariko atuyagira iyo nkuru ya Eriya ati: “None wumva ibiciro vy’ama parasera biguma biduga uko gupangisha amazu vyoreka kuduga gute ?”
Turetse ivy’ibiciro, abafise amazu canke abariko barayubaka baravuga ko ibiciro vy’ibikoresho vyo kwubaka vyaduze bituma nabo iyo hageze gupangisha baduza igiciro. None ivyo bavuga nivyo ? Twarashitse muri karitiye Aziyatike aho ivyo bikoresho bigurirwa. Tibe nomero 60 yahora kuri bihumbi 80 twasanze iri ku bihumbi 100. Ferabeto nomero 12 yahora ku bihumbi 50 ubu ibarizwa mu bihumbi 64. Nayo isima uwubuze iya Buceco izimbutse ntibimworohera kuko isima yitwa Dangote iri ku bihumbi 42 ku mufuko. Amabati nayo nyene si icoroshe. Hari aya Musumba, irizimbutse rigura 24 500 muga ngo ntiriramba, n’irindi riri ku bihumbi 47. Ushatse rimwe ritukura ryo muri Kenya, ntukura hasi udatanze 60 000 (uca wumva inzu ko itwaye amabati 50, imiriyoni 3 ziba zigoroye).
“Bazubaka kugira zibabesheho”
Uwundi azi ivyo kwubakisha atashimye ko tumuvuga izina yavuze ati : “Wubatse inzu nziza y’ivyumba bitatu mu gisagara ifise ubwogero n’ubwiherero indani, igisenge ca Dubayi, ifise n’aho batekera n’imiryango y’ivyuma bishobora kugutwara imiriyoni 70”. None uciye upangisha umuntu aguha ibihumbi 300 ku kwezi wumva uzogaruza amafaranga yawe ryari ?” Twaraharuye dusanga kugira inoti yiwe igaruke ufatiye kuri ayo mahera arihisha umupangayi vyofata imyaka hafi 20. Muca mwumva ko iyo nzu aca ayiduza igiciro.
Ego nivyo ko ibikoresho bizimvye, mugabo kuki abafise inzu zisanzwe zubatse boca baduza nabo ? Nico kibazo umuntu yibaza. Aha uwashimye kutwishura, ni Manirakiza* aba mu Bwiza. Yagize ati none ko ubuzima bubandanya buzimba, hamwe ababeshejweho no gupangisha amazu batoduza, wosanga abapangayi basigaye babariha intica ntikize. Yongerako ati : “Erega baba baratubitse umukanda bazubaka kugira zizobabesheho.”