article comment count is: 4

“Akayeri ni umuti w’ububabare mu butinyanka”: ntimuhendwe !

Ntihabuze abamaze kubibwirwa kandi bakanavyemera. Ko umwigeme aja mu butinyanka akababara cane afashe akayeri kagabanya ububabare. Ababibwirwa bovyemera bageguza kuko agahiriye umwe kadahira n’uwundi. Kira noneho, akayeri ntigakiza na gato. Vyose ni mu mutwe nk’uko uwu mwanditsi avyigana.  

Umuririmvyi w’umubirigi Stromae yagize ati : “Turi bamwe twese”. Emwe ngira ntiyegereye inkumi n’abakenyezi ngo bamucire agace. Muri vya bihe vy’ubutinyanka, hari abigeme baja mu butinyanka muga n’agapira bakikinira, bakaguma bijandajandira,  ukamenga ntacabaye. 

Hariho n’abandi barangamiza ivyibukiro vy’amagorwa. Iyo “ibi choses” bije babibonamwo amaganya, kuko bibakuramwo iyo kwotsa. Imisonga nkuko umenga ni imbugita babacumise mu nda, kuribwa, kudahwa, kumeneka umutwe, gucibwamwo, uburuhe, … ububabare bwinshi cane. Aho rero bakama bavyiteze buri kwezi.  

“Ibi chose”! Kwumva iryo jambo vyonyene birabahahamura naho ubundi ari ikimenyetso ciza cerekana ko bafise amagara meza kandi bashobora gutanga ubuzima. 

Amabwire

Clarisse*, ni umuyabaga ari muri uwo mugwi w’abababara. Iyo hageze kuja mu butinyanka, aba azi ko ababara cane. Ariko akavuga ko wewe yatoye umuti. Arabandanya ati : “Itariki ndayibuka nkuko umenga hari ejo. Ubutinyanka bwanje bwa mbere bwaje ndabwiteguriye. Yamara umunezero wanje wamaze umwanya urume rumara kuko natanguye kuribwa. Ndarwara ndaremba. Namaze imisi itanu ntafunguye kubera ko ico mfunguye cose naca ndakidahwa. Aho muga sinari bwamenye umuti, ubu ububabare ndabaza. Uko ngiye mu butinyanka, ndategekanya igihumbi n’amajana atanu kugira ngure ikiyeri gishushe kimwe benshi bita « Mubimba ». Ukikigotomera ububabare bwose piii !’’

Siwe wenyene. Mathilde* we avuga ko iyo agiye mu butinyanka, asigaye aguma yumva anyotewe kubera yayimenyereye. Akavuga ko n’uwo wese amubwiye ko yumva ariko arababara, impanuro amuha ari imwe gusa:  “None nta kayeri ubona ?’”

Ahubwo bigira ingaruka

Naho hari bamwe bakoresha ikiyeri mu kwivura, ntibibuze ingaruka mbi.  Eka mbere muganga Intungane Axel avuga ko ata n’uwo yobihanura.

Agira ati: “Abari mu butinyanka iyo bariko barababara bakanywa akayeri, ububabare buragabanuka kubera uko banywa ni ko imitsi yiyegeranya bikabibagiza ububabare buriko buva mu gitereko. Umuntu abiravye neza ni ibibera mu mutwe, iyo umuntu ariko aranywa inzoga, ntasubira kwiyumvira bwa bubabare , bigatuma yumva umenga ububabare bwagiye.

Ingaruka bifise ni uko hagera igihe uwuzinywa ataba akicigerera kuko abo bazikoresha, ntibamenya ngo kugira ububabare buhere, umuntu yonywa inzoga zingana uku. Uko bazinywa niko usanga bazingamitswe nazo ugasanga babaye imborerwa mbere batazibonye ugasanga nta mahoro bagira”.

Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru AfriqueMag.com, kunywa inzoga ziboreza mu gihe c’ubutinyanka nyabuna bigwiza inkurikizi nyinshi, nk’igwirirana ry’ububabare mu nda no mu mabere, kumeneka umutwe, kwumva umubabaro ataco uvuyeko, uburuhe, kwumva inyota y’ibisosa, ndetse bigashobora no gutuma ikiringo ciwe co kuja mu butinyanka gihindagurika. 

*: amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Ego nivyo inzoga ziragoye kwigerera.Vyongeye turumvise ko biera ingorane kuri abo bigeme bazifashisha iyo bari mu butinyanka.Ariko none mubahanuye ko bokwigenza gute mu gihe bafise ubwo bubare?