article comment count is: 0

« Aga sortie » : twanyoye urwarwa rw’60 000 turi bane

Iyi nkuru si imbarirano. Yiganywe na nyene yo uwo yabayeko mu buyabaga aho yiga mw’ishure ry’indaro mu bihebeye Imana. Ashimye kuyisabikaniriza barumunabe n’abasomyi ba Yaga ababwira ati : “Ibisanga vyanshikiye ntivyari bisengeye namba”. Intahe. 

Mu mashure y’indaro aga « sortie » kari mu bidutera umunezero cane, eka mbere kagera tugakaniye. Uwo musi twagiye twikina amatavu n’ i « kundi » twagendana. Davy*, yari akuze kudusumba kandi wewe yiga mu w’icumi natwe turi mu w’icenda niwe yatugiye imbere. Yari azi ikirengero ducamwo kugira tunyaruke dushike ku kaligala badandarizamwo urudateye amazi. 

Marimari turi bane, dutambuka nk’abamajusi, kiretse ko twebwe urunyenyeri rwatuyobora wari umutoto w’igitoke werekana akazu baruryoheje. Akamwemwe kari kose kuko kuri jewe cari nk’ikirori, uburambe bwo gucimba nari mfise buke, mukumva ko ntari menyereye kuribaba. Abo twari kumwe bose bobo bari abakambwe mugani wa wawundi. 

Uburyohe bw’umuvango

Twasohotse nk’isaha zine kuko twategerezwa kubanza gusenga kw’ishure. Mu kanya gatoya twari dushitseyo. Icabanje kumbabaza ni uko twasanze hari abamaze kudutanga. Jeho numva ko iyiryoshe bamaze kuyidutanga canke twosanga banayimaze. Ico bita kwogera ku yirinze, bamwe tujanye bashitse binjira nanje ndabaja inyuma, dushikira mu kibeto, ahinyegeje. Abapima bo ngaho bari baramenyereye ko abanyeshure ata kubicarika ahabonera, kuko abigisha bobabona. Izo ntwari wumva zarashobora kunywesha abanyeshure n’abigisha mu bunywero bumwe ata n’uwuciye n’ikanda uwundi. 

Ata n’umwanya uheze, tuza tubona ikidumu cuzuye urwarwa kirashitse. Ico cari kiguzwe cumi na bitanu ( BIF 15 000). Bibiri twanyoye vyaguzwe ibihumbi mirongo itatu (BIF 30 000). Umwe mu bo twari kumwe nja numva ambwiye ati: “Iki gipeti kidakunda gusohoka ni co kitunywesha uno musi. Amahera carabitse.” Aho nanje ni yo yonyene nari mfise ata n’urundi rumeya. Ndijijanya imitima: nkayatanga, ndashobora gufata imbwa amaboko. Ariko kubera amaso y’abandi, ndifata mu jisho ndayariha. Muga nagira nti Imana imfashe ntibasubire kunsaba ayandi. Ngize ntya, Davy yari amaze umwanya ntamubona mbona aragarutse n’akabido gatoya. Kari karimwo iyindi yitwa ngo ‘’ikwete’’ duca tunimbamwo. Hari n’akandi gacupa gatoya ntari nzi inzoga irimwo ubwoko bwayo, nayo bamemeramwo, urwarwa rutangura kubira gushasha. Ndibuka ko yatubwiye ko izo yongeyemwo zaguzwe ibihumbi mirongo itatu (BIF 30 000).

Akanyamuneza ari kose, tuzigonga twivuga abigisha baturuhisha kuruta abandi, dutangura kwihereza.

Urukozasoni

Nkirukoza mu kanwa, numva umenga ni umuriro, ariko mize kamwe nkumva amero antumirira gusoma irindi. Rimwe rimwe ndateba ndamenyera. Aho bose baguma bihera iryinyo bantwenga kuko bo bari inzobere. Uko nanywa ni ko nabona bukwegana nk’ubwira. 

Inkuru twatera turiko turanywa wamenga ndazumvira mu ndoto. Hari n’ivyo wamenga abo turi kumwe bariko bavugira mw’iradiyo. Sinzi ingene umwe yatujana atubwiye ko nawe yakariwe, dukwiye gutaha ko bwatwiriyeko, umwanya wa “sortie” waheze. 

Tugenda turanyobanyoba ngo bwije, dushitse kw’ishure, duca muri ca gitoboro tugenda turinyegeza. Aho rero abarezi twaca mu kibuga batubona, twebwe tuzi ko ari mw’ijoro ry’umuniha, nabo  babona ubupina bukwegana bwiyegekanye. 

Twashitse twinjira mu buryamo turisakara inzamu twibaza ko turi mw’ijoro ry’umuniha. Twakanguwe n’abarezi baje kutuvyura ngo tuje guhamagarwa babone abavuye muri “sortie” n’abacerewe kugaruka mu bigo vy’ishure. Niko gukanguka tugasanga twese twadashwe mu mashuka. Tuvyuka badushengereye, Patiri yaraba uburaro n’uwari ajejwe ivyigwa eka na ba barezi batubona tunyobanyoba bose bari hejuru yacu. Ndi mu bitirotiro numva Patiri mukuru ati: “Mwana, na wewe ?” Izo nari nanyoye zose numva ziramvuyeko. Ibimaramare binshwara wese nca ntangura kwiyuha iryosozi. Ku mutima nca ndasezera ko ntazopfa nsubije inzoga ku munwa.

Bukeye, twavyutse amazina yacu amanitse ku capa camanikwako abirukanywe, tugira Imana dusanga ntitwirukanywe burundu. Ariko amakuba nagize yari ayo kuronka ikinshikana i muhira kuko yose twari twaraye tuyagandaguye. 

*: izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion