article comment count is: 0

Abarundi vyokunda ko bagira imanza ata rukanywa ?

Gusaba umugeni, gusaba inka, kuramukanya, kuvyina amahasa, gukaraba…, hari ibintu vyinshi vyerekena ko inzoga zari zifise ikibanza kidasanzwe mu mibereho n’imico n’imigenzo vy’Abarundi. Kandi umuntu  yihweje neza usanga n’ubu bitahindutse cane. None vy’ukuri izo manza ntizogenda neza ata nzoga zirimwo ? Twarayaze na bamwe bamwe kugira tubice irya n’ino. 

Turi mu ntara ya Cibitoke, hafi y’isoko ya kijambere ya Rugombo. Iruhande ishami ry’ibanki BCB hari akabare kitwa Buhinyuza gasize irangi ry’ubururu n’ibimenyetso vy’ishirahamwe Brarudi. Ku mpome zisizeko iryo rangi handitseko  n’ibidome binini binini ngo Kirinyota Mugenzi. Kuko buriko buragoroba, abakiriya baguma baza. Akaziki ni wararaye. Inkumi zimonoye ziguma zinjira. Imisore, n’abagabo bariko bakamagira “urukanywa”. Ku meza iri hirya nciye menyamwo umugenzi, nca nja kwicaraho. Akanyota naje sinari ndakabuza, nca ntumako “Beshu’’ ikanye nicara mu bandi tuba turatera ryarenga. 

“Inzoga ni gahuzamiryango”

Maze gusoma kabiri niho rero twatangura kuyaga neza duhejeje kwidondorana. Haciye iminota nka 10 umwe mu bo ndahasanze batazira Mujosi, ahejeje kwihweza ingene tuguma tuganira neza kandi tutari tumenyeranye niho yaca avuga ati : “Inzoga ni gahuzamiryango”. Bose baciye bemera ivyo avuze bati ni vyo cane, inzoga iratuma abantu bahura. Niko kumubaza igituma yemeza ko inzoga zifise ikibanza cane mu migenderanire y’abantu. 

Yanyiganiye ati: “Mu manza, no mu bindi bihe zirakenerwa gose, kuko ntawokwiyumvira kugira urubanza rukomeye hama ngo ace aja kuvoma amazi abe ariyo azimana abashitsi”.  Avuze uko, bose baciye batwenga, baranamushigikira. 

Niko gutangura kurabira hamwe ibihe vyo mu buzima bw’Abarundi usanga inzoga itegerezwa kuhaba.

“Ha kudashishira woshishira”

Hakizimana wo mu Mparabo II twamusanze ari ku kabare k’urwarwa kari ku Munyika kurya kabiri hafi y’umurwa mukuru wa komine Rugombo. Ku vyerekeye ikibanza c’inzoga mu mibano y’Abarundi agira ati : “Raba udusanze turi benshi ubu. Mugabo nije nashitse ubwa mbere ata n’umwe ahari, nca mba ndanywa kamwe. Baciye baguma baza umwe umwe tuguma dusangira, hari nabo tutamenyeranye cane, mugabo ko numvise ari Abarundi naciye ndabasomya hanyuma tuguma tuyaga, abandi batangura kwuhira. Na wewe mu nyamakuru washikiyemwo tukwakirira aha nyene urasoma kandi tutari tukuzi. N’ikihe kindi gihuza abantu nk’uku ? ». Yabandanije yerekena ibindi bintu vyerekana ko mu buzima bwa misi yose inzoga ifise ikibanza kidasazwe. Ati : “Uja gusaba umugeni, uja gusaba inka, uja gufuba uwawe yitavye umuremyi, hose inzoga iba ahari. Ha kudashishira woshishira sigaho”. 

No mu guhinda ikibiri akarwa ntikahara 

Umuhumure Simbare wo kw’ibarabara rya 2 rya Rugombo, aho ku Munyika, we yatweretse akamaro k’inzoga mu gukorera hamwe. Yagize ati: ”Iyo umuntu afise nk’umurima munini atoshobora kurima wenyene n’umuryango wiwe yasaba ababanyi canke abagenzi kuza kumufasha. Nivyo bita: ‘’Guhinda ikibiri’’. Mu kubikora yategura inzoga hama akabatumira, akababwira icatumye abatumako, maze bakamwitaba bakirigwa barakutsa isemo. Bahejeje naho nyene, turetse ko yaba yamaze kubaha impembo (infungurwa), yaca n’ubundi abaterekera akarwa bagaca bitahira bishongora”.

Ikibazo umuntu yokwibaza ni : none iyo nzoga itahari ivyo vyose duhejeje kuvuga ntivyokunda ? Anniella ni umupfasoni aba mu Kanyosha asengera mw’isengero bita Life Center. Kuri ico bibazo avuga ko ari ibintu vy’amaze kuja mu migenzo y’Abarundi. Ati nayo ubundi izo manza ziraba zikagenda neza ata nzoga zirimwo. Yemeza ko abaje mu rubanza banywa imitobe canke ifanta vyose bikagenda neza. Ati “Nko mu bugeni bw’abakizwa, baranywa amafanta amajambo akavugwa vyose bikagenda neza. Hama hageze ko hasabwa akuki kuka inka, baca bafata umutobe uryoshe, rimwerimwe bakawushira muri pasiteke, hama vyose bikagenda neza”. 

Nta wobideha ko inzoga ifise ikibanza kidasazwa mu buzima bw’Abarundi. Haba mu bihe vy’umunezero, ivy’umubabaro, eka mbere n’iyo kera baba bariko bambaza Imana yabo, akayoga wasanga kadahara. N’abavuga ko badakoresha izambiye nka Anniella, urumva ko ikinyobwa kidahara. Bikaboneka ko bigoye ko haba urubanza rw’amajambo gusa. Mbega Patiri we ariko asoma misa ntashira umuvinyu hejeru agira ati: ‘’Akira munywe mwese’’? 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion