Urwanda n’Uburundi ni ibihugu bisangiye ibitari bike, haba muri kahise canke imico. Muri ivyo bihugu vyompi, hari abantu bafashe ingigo yo guteza imbere imico n’akaranga kandi ubona ko babikunze, banabishoboye. Ingorane bagira muri urwo rugamba birashusha, ariko abo mu Rwanda hari ako barusha abo mu Burundi kandi ni ingendo nziza.
Isaha cumi na zibiri z’umuhingamo. Mfashe ipikipiki inshikana ahabera igiteramo. Nari narahiye ndarengwa ko ntashobora kugisiba. Naribaza ukuntu kija kuba kimeze, aho ata kindi cuma kija kuba kirobetse atari umurya w’inanga gusa. Nkibaza nti ko twamaze kurendegezwa n’ibigezweko, ubu twitambira “Afro beat” n’iyindi midiho ifise ingeromugere (rythme) inyiganza abakiri bato, ubwo ntituja kurambirwa ?
Nari nazindutse ntwenzwa n’abagenzi twayaze ndababaza indirimbo z’Abarundi bazi canke zikunzwe i Kigali. Mwibaza ko bambwiye izihe ? Ntivyantangaje ariko nk’uko ni aha iwacu atari agaseseshwa rumuri, umugani w’abaziririmvye, n’i Kigali “ibisusu vyaratsinze amatora”. Indirimbo bambwiye bakunda ni Ibisusu, Yooo, Abamasera b’i Roma, (aha bavuga iya Olegue), Utuntu, …. Nkubitije agatima kuri ico kiyago, nkumva izivuzwa aho nciye kw’ibarabara, naragira nti abo bantu ntaho vyoca ngo baryoherwe n’ico giteramo c’indonongo !
Igitangaza ca mbere
Ncururuka ipikipiki, nakiriwe na Mac*, yari muri bamwe twamye tuganira (nkumva ari “branché” mu mvugo y’abakiri bato). Sinari nanamubwiye ko njayo kuko nibaza ko ivyo bintu bitomuryohera. Ariko nasanze ari we yereka abantu aho bicara. Anyakira ahimbawe, kuko nanje asanze nkunda “umuco gakondo” (baba bagomvye kuvuga umuco kama). Anyicarika imbere na we aja hafi yanje.
Bidatevye igiteramo kiratangura. Uburyohe, ikiroroge, umurya unyura umutima ubwoya bugashinga, udushwara twese muri iyo nyubakwa. Si Abazungu, si Abanyarwanda, abato n’abakuru bari bahari, abagiye barakurikirana bakiranura umurya w’inanga twese batwifatiye nk’itu.
Hatanguye umusore akiri muto ari na we yari yatunganije ico giteramo, hakurikira mushikiwe, inkumi isa n’irirenga y’inzobe y’ikimonge (ndamubonye nibaza nti bamwe bashiki bacu barundikazi ko batajijuka ngo bayicurarange), mu nyuma hakurikira umutama Mushabizi amaze imyaka 60 acuraranga inanga hasozera umupfasoni w’igitangaza, Sofiya Nzayisenga umukobwa wa Kirusu Thomas. Mu buhinga bwiwe mu kuvuza inanga-mudiho (cithare rythmique mu gifaransa), vyashobowe na Ntahonkiriye gusa mu gihugu cacu, abari bahari bahagurukiye rimwe bamuha amashi.
Vyari bibereye ijisho. Kubona sekuru aterera mu gahogo ahamagara Zaninka ( inanga niko yitwa), maze abuzukuru bakitabirira rimwe ni ivya mbere. Mu kayamuneza kenshi, umutama Mushabizi yavugije inanga kera akanavuza inanga itangurira ikinamico yaranihiriza inanga maze abaje kurorera, bagwiriyemwo abakiri bato cane, bakitabira ndetse bakanahaguruka bakanatamba. Ku mutima nti mbega yemwe ibi twe tubiheruka ryari ? Hari ivyo twimirije hoho ?
Umuco urahanahanwa
Mu majambo yaranze ico giteramo, haguma hagaruka akamaro k’ihanahanwa ry’umuco uko bamwe basaza abandi bakavyiruka. Kwumva ko agashitsi ka kera kavumbika umuriro, kandi bakibuka ko urwaruka rushoboye ni co caguma kigaruka. Ivyo vyama vyabaye no ku bandi baririmvyi aho twabonye umuririmvyikazi Butera aririmbana na Abdul Makanyaga.
Ivyo nabonye mu Rwanda vyantumye niyumvira kure, nkibaza nti kuki tutagira ihuriro ry’abanyamuco bose, aho dutera ryarenga, abato n’abakuru, gutyo tukareka kuguma dutanako imyikomo ngo ivya kera vyarataye igihe, nayo ngo ivy’ubu vyaratitutse ? Hazogera ryari aho tubona abaririmvyi bakunzwe nka Fizzo, Sat-B, Vichou, n’abo bandi benshi bohurira hamwe na Africa Nova, Bahaga, Torobeka, Sindirimba, Mijuriro, na Steven Sogo hatibagiwe ba Baransananikiye na Adelino Hakizimana, bose baremesheje igiteramo kimwe ? Ni ryari Kireko n’abo bari mu runganwe rumwe bohura na nabo bangana mu myaka maze ibikino ndangamico bikaganirwako, bikanovora kandi bikaryohorwa ku ntererano ya twese hamwe ? Ni ryari umwanditsi yabunyoye azohura n’uwukivyiga, maze akamuvuvurira ku gasabirwa yanyoye kugira agere aho ageze ata pfa wipfane ? N’abakora ubundi buhazampano butandukanye bose ako karorero baragakeneye.
Abahazampano b’Abarundi bafise ingabirano zidasanzwe. Kandi n’imico n’imigenzo vy’Ikirundi ni intashikirwa. Ariko agahaze ni ibibanza n’abashigikira izo ngabirano n’akanovera twisangije, hamwe n’uko batagira ikibahuza ngo habe ihererekana mu ngeri zitandukanye.
Ariko naho biri uko, urukiza ruva iwacu. Hamwe abahinga ndangakaranga mu Burundi boshira hamwe, bakareka ivyo gusharikana, nyabuna bagasenyera ku mugozi umwe, bagafashanya, bagakuzanya, nta nkeka ko Abarundi bokwubaka umuco n’akaranga vy’akataraboneka kw’isi.
*: Izina ryahinduwe
Bavyanke canke bavyemere, akaranga turagata mugabo tuzogatora dukuvye. Tuzokwicuza