Umusi w’iyimikwa ry’umwami, hari imigirwa yategerezwa kugira mu ntumbero yo kugaragaza ko yashitse ku ngoma vy’ukuri. Umwe muri yo, ni gutera ikigabiro, igiti kiranga intwaro ya cami. Reka tugaruke kuri uwo mugirwa hamwe n’akandi kamaro ico giti cari kimaze vyiyongera ku co vyari bimaze ku ntwaro ya cami.
Twisunze indangurakintu itangwa na Pascal Ndayishunguje mu gitabu ciwe « L’intronisation des bami au Burundi : un aspect de la monarchie sacrée », izina ikigabiro ryoba rikomoka mu rivuga « Kugaba » risigura « kuganza, gutwara ». Umwigisha muri kaminuza y’Uburundi Emile Mworoha na we akongerako avuga ko iryo jambo risigura ahantu umwami yatangira ibimazi.
Naho ikigabiro tugiha izo ndangurakintu zose, ico twomenya ubwa mbere na mbere ni uko ari igiti giterwa. Ni igiti c’umumanda canke c’umuvumu, ubwoko bubiri bw’umumanda. Gishobora kandi kuba umurinzi. Ni ibiti biba bininibinini kandi bimara imyaka myinshi. Ariko caba gito canke kinini, ikigabiro ni ikimenyetso c’iyimikwa ry’umwami kanaka.
Aho ikigabiro caterwa
Ibigabiro vyinshi tubisanga i Nkondo. Ni co kibanza vyari biteguriwe. Neza na neza ahitwa i Rubumba. Caterwa umusi w’iyimikwa ry’umwami. Nk’uko bivugwa n’Umwigisha muri kaminuza Jean Bosco Manirambona, biragaragara ko umwami, mu gutera ikigabiro, yahagarara ku kigabiro c’uwo agiye gusubirira, maze akarasa urumambo aho ruguye akaba ari ho baca batera ikigabiro ciwe. Ni vyo bita gutera imbiriko. Ni ho twama twumva bavuga ngo ikigabiro ca Ntare, ikigabiro ca Mwezi, n’ibindi. Biranigaragaza uravye ukuntu bigenda bikurikirana aho i Rubumba. Naho kuri uwo mutumba tuhasanga ibigabiro vya Mwezi II, Mutaga II hamwe n’ica Mwambutsa II, Ndayishinguje avuga ko n’abandi babiteye biba bureke gukura. Barashobora kukwereka aho ico kigabiro ciwe cari catewe.
Ni nde yatera ikigabiro ?
Ndayishinguje, mu gitabu twavuze aho hejuru, avuga ko ababizi bamwiganiye ko nyabuna abashingantahe boba ari bo batera ikigabiro, ariko bahagarikiwe n’umwami. Uwundi muntu mu bo baganiriye nawe yamubwiye yuko abashingantahe ari bo batera ikigabiro, ariko umwami agategerezwa kugikozako intoke. Uwa gatatu nawe aremeza ivyo aba mbere bavuze, ariko nawe akongerako yuko hari n’iyindi migirwa ishingiye ku kwemera kw’Abarundi hamwe n’imihamuro. Hari n’ikindi cabona kibitomora. Akavuga ko nyabuna atari abashingantahe gusa batera ikigabiro, ariko na Kiranga yaba arimwo maze umwami abahagarikiye. Avuga kandi ko batera umumanda, umurinzi hamwe n’igitoke. Akavuga ko ivyaterwa vyose na Kiranga vyakura vyose kuko Kiranga yari nk’inzira nziza twahawe n’Imana. Atwiganira ivy’ iyimikwa ry’umwami Mwambutsa (yimitswe akiri imfufyu), Mworoha aremeza neza ko atari umwami ubwiwe yatera ikigabiro. Ariko caba gitewe n’abashingantahe canke abandi, ico kumenya co ni uko urwo rubanza rwabazwa umwami.
Ndayishinguje ameyesha ko hoba hariho n’ibindi biti vyitwa ibigabiro, vyama bivugirwa mu bwinshi igihe cose mu ntumbero yo kubitandukaya n’ikigabiro turiko tuvuga hano. Aho rero twovuga nk’icitwa igihahe, igitongati, n’ibindi.
Igiti mw’iterambere ry’Umurundi
Ku bwa Ndayishinguje, ikigabiro ( waba umumanda canke umuvumu) nticari ikimenyetso c’ubutegetsi gusa. Cabandanya intwaro y’umwami kanaka. Akavuga ati: “Umwami ashengeye, ntiyapfa ngo azimangane. Yaguma ariho kuko yaguma agaragarira muri ico giti narirya coba ari co cavamwo isato bavuga ko ari umwami yaba yihinduye akagaruka kubaho”.
Ku bwa Mworoha, bigaragara ko Abarundi, mw’iterambere ryabo, igiti kiza imbere. Inzu nyinshi harimwo n’inzu ntonto z’i bwami, zubakwa n’ibiti. Ibishishwa vy’igiti c’umumanda murabizi mwese vyavamwo impuzu z’ibiti. Na wo umurinzi, ikindi giti c’Imana caradukingira kikama kitwibutsa gukomeza twambaza Kiranga: kubandwa.