Abigeme n’abakenyezi bo muri komine ya Rumonge bavuga ko bagihura n’intambamyi nyinshi mu bijanye n’iterambere. Ivyo bikava kuri kahise katigeze gashira imbere Umurundikazi. Naho hakiriho abikumira abandi barashima intambwe umukenyezi agezeko.
Kugira umenye kahise k’umukenyezi mu Burundi bisaba kwiga kahise kiwe kuva akivuka gushika asezere isi. Aho hambere, uruhara rw’umukenyezi rwamye ari ntangere mu rugo eka mbere no mu gihugu. Ugasanga bamwita « inarugo, inkingi y’umuryango. »
Yamara nticabuza ko haba ababirenzako uruho rw’amazi, n’ubu baracariho. Birashika ugasanga umukenyezi afatwa nk’uwutaco ashoboye kiretse kwibaruka no gukora udukorwa two mu rugo gusa. Ibi bikaba bigaragaza ko akahise katigeze korohereza na gato umukenyezi. Ari na vyo rero bikizingamitse umukenyezi bikanamubuza gushika kw’iterambere.
Espérance Ndiwenumuryango, inararibonye yo muri zone Minago akongera akaba no mu ndongozi zo muri iyo zone kuva 1993, ntahakana ko abagore batagikumirwa, yamara agashima urugero bagezeko uyu musi naho hakiri agahaze.
Nya mboneza igira ati: “Uravye kahise, hari abacikumira bo nyene batarajijuka. Hari abagabo bataratahura ko umukenyezi na we ashoboye kwiteza imbere maze bakabima umwanya wo kugira baseruke ahabona. Aha ni nko ubwa mbere ku ntonde z’abitoza haba mu nzego z’imigambwe n’amashirahamwe.”
Naho biri uko, arashimira abamaze kujijuka bivuye ku nyigisho z ‘amashirahamwe yishinze guharanira agateka k’abakenyezi. Ariko intambamyi ngo ziraracari nyishi.
Intambamyi ziri kwinshi
Mu bibuza umukenyezi gushika kw’iterambere muri Kizuka na Minago, harimwo umwitwarariko w’urugo. Abagabo batana uruvyaro abagore babo ugasanga umukenyezi ni we yimenya kuri vya ngombwa vy’abana. Birashika hakaba uguturubikwa gukabije, aho usanga umukenyezi atigera agira ijambo canke ngo hagire ico yoba agaba mu rugo. Aronse uduhera tw’umutahe ngo yiyungunganye tugaherera mu gusumira abana kuko hari abagabo batigera babafasha. Ikindi ngo kibabera intamyi birabuza umukenyezi gushika kw’iterambere kuko bigaragara ko hari abataratahura umugambi wo gutandukanya ivyaro.
Iyo tuvuze intambamyi zibuza abakenyezi gushika kw’iterambere n’abigeme ntituba tubibagiye. Abo nabone baracazingamitswe no guheba amashuri bakiri bato. Abadatwaye inda z’indaro bihutira kuja kubaka izabo hataragera. Ibituma bahura n’ibibazo vyo kuvyara intahekana abandi zikabahitana.
Aline Munezero umwe mu bigeme bari bitavye ikiyago ca Yaga yagiranye n’urwaruka rwaho mu Rumonge agira ati: «Abigeme duheba amashure kubera ubukene, tukabura uburyo bwo kwiteza imbere tugahitamwo kuja ku bagabo kugira tureke gusega abavyeyi. Abandi, bivuye ku bukene bwo mu miryango, ugasanga batwaye inda z’indaro. Ikibano kikabakumira bakabura n’ukuntu biyungunganya. »
Bapfane isoni ?
Habe na gato! Niyokwizera Théodora umuremeshakiyago w’urwaruka mu ma zone ya Kizuka na Minago agira ati : « Kuba umukenyezi yitwa umupfasoni ntibisigura gupfana isoni yamara ni akaranga. Abakenyezi barakwiye gukerebuka, bakajijuka, bakareka kwikumira kuko ubu ntibisa na kera abakenyezi batagira aho bavugira. »
Uyo muremeshakiyago agahamagirira abigeme n’abakenyezi kwijukira gushinga amashirahamwe yo kwiteza imbere agwiriyemwo canecane abakenyezi hamwe n’ugusaba ingurane mu mashiramwe yo kuziganya no kuguranana kugira na bo batangure kwiteza imbere.
Abagabo na bo nyene bojijuka bakareka kubera intambamyi abagore babo kuko na bo nyene ari isoko ry’iterambere mu rugo no mu gihugu. Kira noneho n’Abarundi barayamaze bati : « Umuhushatunga ahusha umugore», umugabo n’umugore bari bakwiye rero gusenyera ku mu gozi umwe kugira baharanire agateka k’urugo, uruvyaro hamwe n’iterambere mu muryango. Ivyo vyotuma umukenyezi atikumira, maze akabona ko yisanzuye adataye ka karanga mu migambi yiwe no mwiterambere ryiwe.
Cet article s’inscrit dans le cadre du projet EEYP – Economic Empowerment of Youth towards Peacebuilding and Crisis Prevention in Burundi soutenu par IFA & GFFO et exécuté par WAR CHILD et AJEBUDI-YAGA