article comment count is: 0

Ukudandaza itabi ry’ibibabi mu gisagara: ibihe biha ibindi…

“Itabi ry’imino”, “iry’imisogoto”, “tura umbombeke”, “tura untekere”, … ayo ni amazina bita iryo tabi rizwi nk’iry’abantu ba “ruguru” na canecane abatifise badashobora kuronka amahera yo kugura ayandi. Iryo tabi biratangaje kwumva ridandazwa hagati mu gisagara ca Bujumbura. Umuntu aribaza ukuntu abaridandaza bunguka, ndetse bagashobora kubaho batunze imiryango. Twarabegereye. 

Turi igihe c’isaha umunani, mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’ibanki y’ubudandaji “Boncobu”, ku ruhande ruraba mu bumanuko. Uruzuba rumena imbwa agahanga. Hari abagabo babiri. Bicaye ku mabuye munsi y’umutaka. Umwe afise ibibabi bitotahaye harimwo ivy’amashu, uwundi akagunira ubona ko bompi bapfutse ibintu badashaka ko izuba ribishikira. Umwe arahumuye, uwundi na we aracari muto kumurusha. 

Barumye iminwa, ku buryo atawokwirirwa arabaza ko banyotewe. Uwo muhumure yaratwidondoye ko yitwa Misheri. Uwundi wewe nta zina yigeze atubwira. Abahita bose barabatangarira, ukabona ko nabo bibaza ukugene abo bantu babaho. 

Ni ubuzima

“Itabi ryarantunze rirantungisha, rintungira abanje. Narubatse inzu nziza mbamwo iyo mvuka. Ndafise abana bahejeje amashure. Nabaguriye vyose, ndabambika, ndabasumira kubera urudandazwa rw’itabi” ; uko ni ko Misheri yatuyagiye. Mu buzima bwiwe, yemeza ko ata wundi mwuga yakoze atari ukudandaza itabi. 

Asanzwe ari imvukira y’i Kiganda mu ntara ya Muramvya, akemeza ko yakuze iwabo barima itabi ryinshi cane mu mwonga wa Nyavyamo, maze atangura kuridandaza afise imvyaka 16 mu mwaka w’1969. Kuva ico gihe, gushika mu 1994, yamanukana itabi Imbo, akarishora muri Bubanza ku Muzinda no ku Musenyi. Akaritera amashurwe ati : “Mu karere  iwacu uhashitse urabona ko abantu bubatse inzu z’amategura kandi bafise n’inka. Hari ababikuye mu rudandazwa rw’itabi. Ryarimwo amahera menshi gose.”

Abarundi bati: “Akaje ntikazira umwe”, n’urudandazwa rw’itabi ngo rwarazingamitswe n’amakuba yashikiye igihugu. Mu mwaka w’1994, gushikana itabi aho yahora arishora ngo ntivyari bigishoboka. Ni ho yaca afata ingingo yo kuza kuridandariza mu gisagara hagati. 

Koko hari ikivamwo ?

Wa wundi ati: “Uwatamvye ntarorera”, Misheri avuga ko apfa gutonda mu gisagara mugabo ata bakigura itabi kama. Ati: “Ubu nta bantu ukibona bafise umusogoto. Erega kare abashikuza bavuga ko aha muri izi ntara z’Imbo umwana arize bamuhoresha itabi. Bakanavuga ko itabi rivura kumeneka umutwe. Ubukene bwarateye bituma abantu banywa itabi bagabanuka cane. Ntonda ngaha kubera nanka kuguma muhira nyene.”

Na Mbonirema Disimasi, avuga ko afise imyaka 46 y’amavuka akaba amaze imyaka itandatu aridandaza, aremeza ko urudandazwa rw’iryo tabi rutagishemeye. Naho aridandaza, iryo tabi ngo ntirimutungiye umuryango wiwe uri muri komine ya Buraza mu ntara ya Gitega. Na we nyene yemeza ko yanse guheba kuridandaza kuko iwabo yahoze abona baridandaza.  

Naho abantu bavuga ko ata mwuga udakiza, abantu bakora urwo rudandazwa bari bakwiye kwugurura amaso bakabona aho isi igeze, maze bakaraba ikindi gikorwa kibabeshaho. Kira noneho n’itabi ribangamira amagara y’abarinywa. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion