article comment count is: 0

Ugutatura amatati i Buganda: ata rwaruka nta gishoboka

Indyane ntizigera zibura mu kibano. Iyo hageze kuzitorera umuti, akenshi biragorana kubera ko umwe wese usanga yikwegerako, bivanye n’umugwi arimwo. Hamwe n’urwaruka rwo muri komine Buganda tubirabire hamwe ikibereye gukorwa, gutyo abantu bame bazitira bataronerwa.

Indyane zishingiye ku matongo, ivya poritike, ukwemera ibintazi, guhohotera igitsina gore n’ibindi, ni bimwe mu ngorane dusanga muri Buganda. Ivyo vyose ntibiheza ngo bisige urwaruka inyuma.

Birashika kandi ugasanga ivyo bibazo ntibibonwa kumwe n’ababirimwo. Iterambere rica rizingama, n’ingaruka zindi zikaba nyinshi. Muri zo harimwo amatati aturutse ku guharika, gupfa amatongo, ubusuma bwo  mu mirima, uguhohotera abakenyezi mu kugurisha itunga ry’umuryango, akaborerwe no  kunywa ibiyayuramutwe vyibonekeza mu rwaruka.

Nk’uko bavyivugira, ngo akenshi urwaruka rurakumirwa cane, kuko ababakurira bibaza ko ataco abakiri bato bashoboye, ngo « nta jambo ry’umwana”, mugabo ntibacika intege.  

Gukorera hamwe ni ngombwa

Kugira ngo umubano wabo ntugume utosekara, baragiye hamwe biga ukuntu bohanura bahereye aho babaye. Thomas Miburo, umwe mu rwaruka rwo ku mutumba wa Murambi, ati: « Twebwe tumaze kubona amatati yugarije ikibano cacu, twahisemwo guhanura tubicishije mu bikino, imvyino hamwe n’ivyese. Ubu turabona ko hari urwaruka ruriko rurakira cane rwahevye ibiyayuramutwe. »

Jeanne Butoyi na we amenyesha ko inyigisho bakura mu mashirahamwe y’urwaruka baca bazisabikaniriza abandi, na canecane abigeme ati: « Bivanye n’inyigisho twagiye turahabwa mu mashirahwamwe y’urwaruka, natwe turazisangiza urundi rwaruka na canecane abigeme iyo tubonye bariko baragendera mu ngeso zitarizo ».  Naho biri uko rero haracariho agahaze kuko urwo rwaruka hari aho rudashikiriza ivy’iyumviro mu matati amwamwe kandi rwari rufise ico rwoterera.

Mu ntwaro barakebura

Mu ntwaro muri komine Buganda, baremeza ko bene ayo matati aharwiriye, na canecane ko ari ikomine iri muzakozweko n’ibihe vya kahise igihugu ca ciyemwo. Edmond Sibomana, umuhanuzi mukuru ntayegayezwa muri komine agira ati: « Mu kibano hama urunturuntu. Indyane z’amatongo ni zo zihanze komine. Ayandi matati y’ingo zisambuka bivuye kuguharika hamwe n’indyane zivuye ku gutorana hagati mu miryango. Iyo hageze gutorera umuti bene ivyo bibazo, akenshi biragorana kuko usanga hari abakoresha canke bakaka ibiturire mu kwumvikanisha abavukana. » 

 Mu gihe bene ayo matati rero adatorerewe inyishu, haguma indyane mu kibano. Iyo ndongozi ikabandanya ivuga ko ishima umugambi wa Reta w’ubutungane bunywanisha bose.

Edmond Sibomana asaba indongozi kuba imvugakuri mu kumvikanisha abantu na kare ngo «Uwuca urubanza rw’abavukana ararangamiza ».

Cecile Nzeyimana  wewe asaba ubutungane kugarukira agateka k’abakenyezi kuko hari benshi bazingamitswe n’abagabo kubera uguharika. Akabandanya asaba ko iyo ngeso yo tuzwa burundu mu kibano.  Urwaruka na rwo rusabwa kubandanya rukomeza umwumvikano n’amahoro aho rubaye. Ivyo vyose bizofasha kugarukana  ituze, maze n’iterambere rironke umushinge rirame. 

Cet article s’inscrit dans le cadre du projet EEYP – Economic Empowerment of Youth towards Peacebuilding and Crisis  Prevention in Burundi  soutenu  par  IFA  & GFFO et exécuté par WAR CHILD  et  AJEBUDI-YAGA

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion