article comment count is: 3

Ubusuma kw’iterefone no ku mbuga huriro: muragabe!

Ubusuma bw’amayeri biciye kw’iterefone hamwe no ku mbuga huriro buri musi. Bugasiga ubukene mu mipfuko ya benshi. Uko abo banyoni bahinyuka, ni ko na bo bahindura imikenyuro. None ubwo busuma bukorwa gute? Umuntu yobwikingira gute?

Abaguma bagwa mu mutego w’abo basuma ni isinzi. Kukaba nka ko, ubwo busuma buri kune buri gutanu. 

Yohani Ndikumagenge, mu misi iheze yabonye ubutumwa bushika muri ngendanwa yiwe bugira buti:  « Ndi chef de zone, izina ryawe ryatanzwe kugira uzoje muri foromasiyo (inyigisho NDLR) y’ibijanye n’ikiza ca koronavirisi, nterefona nkubwire ibikurikira.» 

Yibutse ubushomeri amazemwo imyaka ine, Yohani yarashimiye Imana kuba imwibutse, ajako atanga amahera y’ama “inite” ya terefone n’ay’idosiye. Yararindiriye ko abwirwa ahazobera za nyigisho arabura. Ni ho yatahuye ko yasahuwe n’abatekamutwe, asigara araririra amahera yaguranye ngo ahe abo banyoni.

 Ata misi itatu iheze, umugenzi yitwa Claude yisanze ariko yishuzwa amahera atazi. Umusuma yakoresheje ubuhinga yinjira mu rubuga huriro rwa “wasapu” rwiwe, aca atangura gusaba amahera abagenzi biwe ku rwenge ruhanitse ku buryo vyagora kuyamwima. 

Erega ba bagenzi barayatanze. Umwe ni we yakebwe abanza guterefona Claude imbere yo kuyamuha, aza gusanga ijwi atari irya Claude. Ni we yaciye amuburira asanga abagenzi babayogeje. Erega hari abatavyemeye baciye bamwishuza! Ubu Claude arifumbereje yiyumvira uko azoriha amahera atakozeko.

N’abategetsi ntibabagera umutwe

N’uwitwa Phenias baramwambuye. Yabonye uwumusaba ubugenzi ku rubuga “fesibuke”, yitwa “ Denise Nkurunziza”. Acugurura abona ifoto imuranga ni iy’uwahoze ari umutambukanyi w’umukuru w’igihugu. Yaciye amwemerera ubugenzi. 

Agiheza kumwemerera, abona aramwandikiye amuramutsa, anamubwira ko nimba hari ico yomufasha atokwitinya. Wa wacu n’ubukene n’agashomeri, ntiyatevye kwisabira akazi. Erega uno yiyise Denise yaramuyagishije, amwemerera akazi n’umutahe wo kwiyungunganya. 

Yamubwiye aho ajana idosiye, anamuha inomero z’uwo yoza aracako. Izo nimero z’uwo acako zaramutwaye amahera menshi cane. Yaruhiye gusanga umwe “Denise”, ari uwihagiye izina ryiwe mu gusahura abantu, bija guhera yimyije ibamfu.

Muragabe!

Ubwo busuma kenshi tubugwamwo kubera ukutamenya kandi umuntu ashobora kubwikingira. Ubuzima buragoye, ubushomeri bwaragwiriye. Ivyo vyose bigwiza abakoresha uruyeri kugira babeho. Ariko naho biri uko, ubwo busuma umuntu arashobora kubwikingira. 

Ica mbere, ntugashoke urungikira amahera uwuyagusavye kuri izo mbuga. Ntukangwe n’izina ryiwe, inomero yiwe canke ifoto yiwe utabanje kumubaza neza ko ari we. Banza umuhamagare kuri ngendanwa yiwe, umenye ko uwuyagusavye ari we koko. Binakunze umubaze ko imvo wandikiwe ku rubuga ihuye n’iyo akubwiye. Uzoheza ubone kuyamuha.

Menya ko ata mutegetsi azokurondera ku mbuga ngurukanabumenyi ngo ni igihamana. N’ikimenyamenya, hari benshi bamaze kuvuga ko ata mbuga huriro bakoresha canke batangirako akazi.

Ica gatatu, bene ubwo butumwa bukwemerera ibintu canke bukubwira ko hari ivyo watsindiye. Hari n’aho ubona ngo ndi umunyamahanga yipfuza kukuraga ivyanje kubera ndi ku mpfiro. Hari n’abakwemerera akazi ataho wahiganywe canke ukabona uwukwishuza utamuzi. Bene abo mugitanguye kuyaga bagusaba amahera n’ama “inite” mutarabonana. Uramera magabo, kuko urashobora kwibwa.

Ica kane, amajambo kabanga yanyu ku mbuga huriro canke ngurukanabumenyi mwoza murayahindura kenshi. Mwogira utujambo tugoye turimwo indome nkuru, ibiharuro n’ibimenyetso kugira bigore abogomba kwihagira imbuga zanyu.

Akabanga wuguruje urubuga rumwe, mwokwirinda kugakoresha ku zindi mbuga. Hanyuma rero, kandi mukirinda kugira uwo muha utubanga.

Ni ahacu ho kuhamerera magabo, ahandi ho, tuzibuka kuyora twasheshe.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Murakoze kuri izo mpanuro muduhaye.ariko nimba vyoshoboka aho bantu bokorerwako bihagije iyo bishitse hakagira uwumenyekana

  2. Sha abo baragwiriy je petit frere ayashika 200 mile ntiyasomyeko kandi batangura kumwe bagusaba ubw1 1000 yamaunité uyatanz bagaca bakokera mpaka nukuhaberamaso