article comment count is: 0

Rumonge: ubushomeri buraraje ishinga urwaruka

Ikena ry’akazi mu Burundi si agaseseshwarumuri. Urwaruka rwo muri komine ya Rumonge ruragerageza kwiteza imbere muri twinshi rwiyungunganyamwo.  Naho biri uko, hariho inzitizi zibabuza gushika kw’iterambere. Reka babitubwire, bongere bavuge n’umuti wavyo.

Mu gihe mu Burundi ikibazo c’akazi cabaye ndanse, urwaruka rwo muri komine ya Rumonge na canecane urwo mu mazone ya Kizuka na Minago ruhanzwe no kubura ico ruhereza amaboko.  

Bari mu migwi ibiri. Bamwe bahejeje amashure yisumbuye batagize amahirwe yo gutora ikibazo ca Reta ngo babandanye mu makaminuza ya Reta. Abo na bo kandi babura n’uburyo bwo kubandanya amashure ya kaminuza z’abigenga. Abandi ni abananiwe ikibazo co mu mwaka w’icenda.   

Naho biri uko, urwo rwaruka ruremeza ko rutareze amaboko kandi ruriko ruraragerageza guhangana n’ikibazo c’ubushomeri mu kwitunganiriza imigambi. 

Hari abakanya amavuta bashora, abadandariza abandi, abarangura bokongera bagacuruza ivyamwa mw’isoko. Hari kandi abakora umwuga w’uburovyi n’ibindi bibasahiriza kugira bikunde biteze imbere.  

Leonard Sirabahenda arongoye zone Kizuka aremeza ko hari urwaruka rutari ruke rudafise ico rukora. Akavuga ati: « Urwaruka rwo mu mazone ya Minago na Kizuka rutagira akazi ni rwinshi cane ariko  hari abajijutse  bamaze gutahura ko Reta itoshobora guha akazi urwaruka rwo mu gihugu rwose, maze rwigira inama yo kwihangira imirimo. » 

 Iciyumviro asangiye na Espérance Ndiwenumuryango yumvirije umukuru wa zone, ati : « Urwaruka rwacu ni ko ruricaye ariko hari abariko barakanura bagaca mu jisho haba imisore eka n’abigeme badasigaye inyuma. Uri bari mu mashiramwe yo kuziganya no kuguranana, abakora uburimyi hamwe n’ubworozi. » 

Inzitizi ntizibuze

Kubera ubukene, usanga uduhera tw’inyungu badufashisha imiryango yabo akenshi, ugasanga n’agatahe kahombeyemwo, urwaruka rugaca rusubira kwicara. Hariho n’abifatira ingingo yo kuja guhiga ubuzima mu bihugu vyo mu karere nka Zambiya, Tanzaniya, Ubuganda canke Afurika y’epfo.  Iyindi nzitizi ni uko urwaruka rukumirwa mu nzego zifata ingingo.  Ivyo bigatuma rubura uko rushikiriza ivyiyumviro vyarwo kubera rudaserukiwe. 

Niyokwizera Théodora asanzwe ari umuremeshakiyago avuga ko ikumigwa ry’urwaruka mu migambi imwe imwe bituma rudatera intambwe kandi ari rwo nkingi y’iterambere ry’igihugu: «Urwaruka ni rwo rufise inguvu zo gukora cane haba mu migambi y’iterambere nk’uburimyi ubworozi, ubudandaji hamwe n’iyindi migambi yotuma rushika kw‘iterambere rirashe. Imigambi idaciye ku rwaruka ni uruhombo runini kuri kazoza karwo n’ak’igihugu. » Abazana imigambi rero ngo bokwirinda gukumira urwaruka kuko « iyo ukumiriye urwaruka uba ukumiye iterambere. »

Umuti…

Urwo rwaruka rurasaba kuronswa umutahe wisununuye kugira rushobore kubandanya rwiteza imbere.  Espérance Ndiwenumuryango arakebura urwaruka ngo ntirugaye akazi nyabuna ngo bakure amaboko mu mpuzu. 

Théodora Niyokwizera wewe abona ko kugira ico kibazo gitorerwe umuti ari uko urwaruka rwokwerekana imigambi rufise hanyuma abajejwe intwaro bakarushigikira ikabereka aho barangurira iyo migambi yarwo. 

 Abandanya asaba amashirahamwe yitaho n’iterambere ry’urwaruka kuronsa inyigisho urwaruka rwinshi rwarangije ibisata bitari ivy’imyuga. Ahanini izo nyigisho zikaba zoshimikira ku myuga mitomito nk’ukwubaka, gusudira, ukubaza hamwe n’iyindi yobafasha gushika kw’iterambere. Ivyo vyofasha urwaruka kwirinda kuzera inze maze rukifasha, rugafasha imiryango kandi rukazamura n’urundi rwaruka

Cet article s’inscrit dans le cadre du projet EEYP – Economic Empowerment of Youth towards Peacebuilding and Crisis  Prevention in Burundi  soutenu  par  IFA  & GFFO et exécuté par WAR CHILD  et  AJEBUDI-YAGA

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion