article comment count is: 1

Reveriyano Ndayavugwa : yahora asaba none ubu arasabwa

Abagendana ubumuga kenshi barikumira, bakabona ko ataco bishoboje. Naho hari abaca bahitamwo kuja gusegerereza, hari abandi bivyukiranya, maze bakagaragaza ko bashoboye kwibeshaho nk’abandi.  Revereyano Ndayavugwa, ni umwe muri abo. Aratwiganira uko yavuye mu buzima bwo gusegerereza, akitunganiriza imigambi y’iterambere. 

Kuri we ntivyari vyoroshe. Kuba afise ubumuga bw’amaguru n’amaboko, yariyumvamwo muri we ko iyo ari intambamyi ku bushobozi bwiwe bwo kwiteza imbere. Mandela ni we yayamaze ati: “ Vyama bisa nk’ibidashoboka, kugeza umusi birangukiyeko ” . Reveriyano na we yarahevye gusega, afata ingingo yo kwiyungunganya ku buryo yitunze kandi agatunga n’umuryango mu gisagara ca Bujumbura. 

Akatwiganira ati:Narasega. Maze kuronka amafaranga ibihumbi 30 naciye ntangura kudandaza ama “unites”. Haheze imisi, hari umubanga yampaye ibihumbi cumi. Umutahe waciye uba ibihumbi 40. Nagumye nunguka kuko aho ni ho  nakuye ibintu vyose ndandaza, biharurwa mu miriyoni.”

Kwanka akagaye

Kimwe mu vyatumye Reveriyano aheba gusegerereza, avuga ko ari ukwanka akagaye no kwiteranya n’ikibano. Ku bwiwe vyaramubuza n’amahoro mu mutima kuko yasanga atigera atekana. Akagira ati: “ Ngize uwo nsega ntampe nasigara ndamwidogera, ku buryo namaze imyaka ine muri ubwo buzima. Naciye nigira inama yo guheba gusega kuko vyarambabaza cane kwidogera umuntu ata kintu na kimwe kibi angiriye.”

Aho yiyicariye ku gakinga, haruguru ya Posita, ku ruhande rwo mu burengero bw’ahahoze isoko mu gisagara ca Bujumbura, nta minota itanu ihera utabonye abantu baza kumushorera canke kwesa bimwe mu vyo adandaza. Abakirana umutima ukeye, akabatwengera ata gahemo. Akabisigura agira ati: “Abantu barankunda. Nanje ndabakunda ku buryo atawo noha ikidandazwa kitameze neza.”

Ico amariye abandi

Naho abagendana ubumuga bakunze kwikumira, barashobora kugira ico bamariye ikibano, ndetse n’umuryango wabo. Reveriyano arafise n’umukozi amufasha kudandaza ivyo adahambije, wewe akitaho kwakira neza abaguzi no kwakira amafaranga. 

Acuruza vyinshi vy’ingirakamaro mu buzima bwa misi yose. Aha twovuga nk’imiti yica ibihere n’inyenzi canke utundi dukoko dutoduto tuba mu mazu. Afise kandi n’amasabuni, hamwe n’amavuta akorwa mu giti ca “Moringa”, akagira n’ivyamwa biva hanze vya “pome” n’ibindi. 

Iruhande y’ivyo, arafunyika karangamuntu canke ayandi makarata neza. Arongera akavunja amafaranga yatabutse canke ayatagikoreshwa y’amarundi.

Kwikumira, igicumuro kibi

Ku bwa Ndayavugwa, ubumuga bukuru buri mu mutwe no mu mutima. Ufise ubwenge, ngo nta na kimwe kikubuza kugira ico ushitseko naho womugara amaboko n’amaguru. Mugabo rero ngo uri igipfamutima, vyose biraguta ku w’amazi ukama widogera uwo ari we wese.

 Agashimika ati: “ Erega ivyo mvuga si ugushikuza. Abakomeye ibihimba vyose bigize umubiri bakabura ico bimarira ni benshi cane. Mugabo umugaye ufise umutwe n’umutima uraterera iciyumviro bakaguhemba, ukibeshaho kandi neza cane.”

Nk’uko abishingira intahe, yarabeshejeho abo bavukana batagendana ubumuga, bikanatuma yubatse urwiwe atevye. Ku myaka 46, iyo mvukira ya komine Bugendana mu ntara ya Gitega arafise n’abana, mu muryango witunganije neza.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Uwo mugabo Revereyano Ndayavugwa arakwiye kuba akarorero ku bandi barundi aho avuga ati: « Maze kuronka amafaranga ibihumbi 30 naciye ntangura kudandaza ama “unites”.
    Ubu i Burundi ni bangahe borara batanyoye agacupa ka Amsteli baronse ibihumbi amajana atatu canke imiliyoni zitatu z’amafaranga.