Kuva Uburundi bwikukira, ntiburamara imyaka irenga cumi n’itanu ata ndyane bubayemwo. Imiryango myinshi yarahaburiye. None abavyeyi bobiyagira bate abana babo batabibonye mu buryo budakwega izindi ndyane ?
Hari aho uza wumva umwana yinamuye ati : « Ba naka ayo badukoreye ntavugwa.» Wamubaza ko yoba yarabibonye ngo « Eka da ! ». Iyo « ba » n’iyo « tu » igabura ikibano hagati ya « twebwe, intungane zakandamijwe » na « bo, inkozi z’ikibi », ikunze, ku rwaruka, kuba ari icamwa c’ivyo umuntu aba yagiye arabwirwa n’abo basangiye ubwoko, intara, umuryango.
Mu mwihwezo wiwe ku bikorwa vya poritike mu rwaruka, ashimikiye ku matora yo mu 2010, umuhinga mu vya poritike Salathiel Muntunutwiwe asigura ko « Intwaro n’imigambwe itavuga rumwe n’amareta vyose vyagiye birakurikirana kuva tucikukira zagiye zirikora cane ku rwaruka ». Ikindi yongerako ni uko « urwaruka rworoha gukoreshwa n’abanyeporitike baba bashaka gushika kw’ihangiro ryabo. »
Ivyo vyerekana neza ko imbuto itewe mu mwana ari yo izomera yigiye haruguru. Ivyo bikanaboneka cane cane mu gihe ako kahise kababaje gafise ivyo kakiboshe muri kubu.
Bosco Ntimpirangeza, umuhinga mu vy’inyifato akagabisha ati : « Umwana niyakura bamubwira ko adashobora kwiga ishure ryiza kubera ububisha bwa ba naka, azokurana akajirya. Bisaba ko umuvyeyi ahitondera ».
…inzigo n’amagorwa
N’ubwo amajambere yaje abana batagihurira n’abavyeyi ku rubumbiro, muhira niho ha mbere umwana aronkera indero. Ico aba ari hanze, kirafitaniye isano n’ico yahawe ku muhana. Iyo umwana aganira n’abavyeyi, hari aho bamuha kubona uko ibintu bimeze, na canecane mu gihe aba ari ibintu atabonye.
Aho ni ho hategerewa guca hakora ubwitonzi mu vyo abavyeyi bayagira abana babo ku vyabaye muri kahise kababaje.
Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi yanonosoye ivy’ubutungane bw’inyuma y’intambara Jean Bosco Harerimana amenyesha yuko « umuvyeyi ategerezwa kubanza kumenya igituma agomba abiyagire umwana wiwe. Iyo agomba kwubaka umwana afise Ubuntu, yoshimikira cane ku vyabaye n’ingene vvyagenze ariko ntashimikire ku babikoze,ntamere nk’uwugaragaza amagorwa n’inzigo ntanafatire mu kivunga. »
Iyo iryo hanahanwa ry’ivyibuka rigenze neza, aba ari impore ku gihugu. Kubw’uwo muhinga, « umwana araheza akamenya ivyabaye mu muryango, mu karere, abibwiwe n’umuntu yemera, ivyo navyo bigasumba ivyo yumva mw’ibarabara canke ibicebice ashobora kwumva irya n’ino. Nayo amajambo acanishamwo aratuma n’ubwenge bw’umwana busa n’ubucurama, agakura atuntuye, iyo bishitse akihora, agakora amahano. »
Izija gukira zikirira mu ruhongore. Nk’uko bakunze kubivuga, « Utareze umwana wawe, ibarabara rizobigukorera ». Ni ngombwa ko umwana akurana umushinge w’ubuntu i muhira, akazohura n’abakoresha imvugo zibiba urwanko ku vyabaye muri kahise asa n’uwuza yararonse urucanco.