Ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi buherutse gukoresha ikibazo burondera abigisha igihumbi (1 000) mu gihugu cose. Mu baherutse kugirirwa ibakwe ryo kuronka akazi, Gilbert na Béatrice b’i Makamba bariruhutsa kuko bari bamaze imyaka myinshi cane bashomereye ku buryo babona ko “amashure bize wabaye nk’umwanya bataye.” Ariko uno musi bakagira bati: “Uwize ntagirira.” Intahe.
Gilbert Niyonkuru afise impamyabushobozi yo kwigisha mw’ishure shingiro ari yo ku rugero rwa “D7”. Yari yarihebuye, ati: “Nari maze imyaka irenga cumi nshomereye, mbere n’ivyo kwiyumvira ko nize ndabizirikanye nabona umengo narataye umwanya. Ngiheza nibaza ko bigiye kunyorohera ariko nahuye n’irindi shure ry’ubuzima bw’agashomeri. Riragoye cane kuruta amashure nize ubwa mbere.”
Amenyesha ko yari uwa mbere ahejeje amashure, umuryango wose umuhanze amaso. Yari yiteze gusomera aca asanga ararumanze, kuko aho kuba umwigisha, yasanze nyabuna agiye gupagasa mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Aho ngo yashaka kuraba ko yaronka udufaranga na dukeya, aho gusangira isabuni na barumuna biwe na rirya abavyeyi bayironka bakuvye.
Ubuzima butoroshe
Amaze gushikayo, ntiyorohewe kubera ko yabayeho nabi. Kurima vyaramugoye kuko kare yahora yifata nk’uwize. Mu nyuma yarahendahenze arateba aramenyereza.
Akongera ati : “Narahendahenze, ndaronka duke tumfasha kwibeshaho, nongera ndorora udutungwa. Hageze amashure naratugurisha kugira barumunanje na bo bige.”
Ku bwiwe, nta kintu na kimwe yari bwamarire abamusomesheje, kubera yipfuza kumarira abavyeyi ikintu gikomeye. Yari amaze kuja muri koperative mugabo ntiyari bwaronkeyo utwo aha abavyeyi ngo biyuhagire icuya babize bamusomesha.
Nishimwe Béatrice na we yari amaze imyaka cumi n’umwe ashomereye. Na we afise impamyabushobozi ya D6 mu gisata c’ubwigisha. Muri iyo myaka amaze mu bushomeri yahavuye yubaka urwiwe. Birumvikana ko ubuzima bwari buzimvye kubera ataho ahembwa buri kwezi yari afise. Ariko mu bushomeri bwiwe, ntiyigeze arera amaboko naho vyamara gito. Yararimye arorora udutungwa dutoduto mu buryo bubayabaye yari afise.
Bompi bati: “Uwize ntagirira”
Niyonkuru amaze guhindukira ava muri Tanzaniya, yari amaze gukora ikibazo ahatari hake. Emwe, ntiyibuka n’aho amaze gushira dosiye hose. Yasavye akazi irya n’ino bigaherera iyo. Kuva aronse akazi, ariruhutsa ati: “Uwize ntagirira koko.”
Béatrice yaranezerewe cane. Yibutse ubuzima yari abonyemwo agira ati: “Sinumva uko novuga ariko kimwe gusa ndashimira Reta yibutse abashomeri igatanga akazi hisunzwe amanota n’imyaka umuntu amaze mu bushomeri.”
Kuri bo, ubu abaye amata avyaye amavuta kuko kwibeshaho si ivyo bari bayobewe. Béatrice ati : “Ubu nzomenya uko nkura mu mushahara kuko n’igihe ata wo nari mfise naragerageza nkarwanira agateka kanje nk’uwize mu gutunganya duke nari mfise.”
N’ukwiruhutsa kwinshi Gilbert akagira ati: “ Kuba akazi gasigaye gakenye ni ibintu bitahuritse cane kuko ibihe biha ibindi. Ikintu coza gihumuriza twebwe urwaruka ruheza amashure ni uwu muco utumye inyuma y’imyaka yose nari maze ntagira akazi, mbona nanje banyibuka. Erega n’abatashikiriwe baca bagumana icizere ko na bo bazoshikirwa kandi bakagira inguvu zo kwiyungunganya.”
Bompi bagasaba ko nyabuna n’ibindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu vyokwijukira iyo ngendo yatumye abo bagiriwe ibakwe biyumva nk’abana b’igihugu koko bakareka kwama bidoga ngo bareganywa.