article comment count is: 0

Kwiyunguruza mu ntara: “Nicaranye n’impene kandi ndi umuntu”

Barabivuga tukica amatwi, canke tukabifata nk’ibitebu. Ariko abantu biyunguruza mu ntara zo hagati mu gihugu ntiborohewe na gato. Umwanditsi wa Yaga yajanye nabo. Ivyo yabonye biteye agahinda. Aratugira ku muriri.

4:30’ z’ubuca

Bati: “Uwubandwa ni we abanda urugi”. Sinari kwubahuka gucerwa kw’isango, narirya ari jewe nari nisabiye ko twozinduka. Dogiridogiri no ku mahwane yo ku Rubaho hafi ya Komine Giharo ngo ba! Tito*, umushoferi yanjana, nyakuntunga ntiyatevye. Yaje hafi isaha cumi n’imwe z’ubuca. 

Ndaramye mu kibanza c’imbere, dufata akayira, tuja guhitana akazigo i Muhwazi muri Komine Kinyinya. Yari yaraye abimbwiye, maze isaha cumi na zibiri zirenga gato twari dushitse. 

6:43’ z’igitondo

Tito ni ko gutangura kuyevya mu tuzu turi ngaho. Nagira agiye kuzana ka kazigo, ariko agarutse mbona azanye imifuko itanu igomoye. Ndaraba akamodokari agire apakiremwo ivyo bintu vyose ndumirwa. Kari ako tumenyereye kw’izina rya TI. Murazi namwe ububiko bwako uko bungana. Sinzi ubuhinga yakoresheje, ariko vyose vyarakwiwemwo.  

Inyuma y’ibintu haza abantu

Ngize ntya, mbona yirashe hirya mw’isoko, agaruka azananye n’abantu batandatu, kandi imodokari isanzwe itwara abantu batarenga bane. Emwe ! Inyuma yahashize bane, uwundi amuzana impande yanje imbere. Aho rero kuva i Muhwazi gushika kw’iraro, bariha ibihumbi indwi canke bitanu baciraniye. 

Ngize ndacabaza, Tito nta n’ijambo na rimwe yanyishuye. Yaritwengeye gusa.  Erega ba bantu bapakiwe nk’indagara ni bo bamfata nk’umusazi. Umwe yansamiye hejuru ati : « Wewe wa mugabo, ukorotse uva mw’ijuru canke wibaza ngo turi i Buraya ? Mbe sha tutegeranye, imodoka zunguruza umwe umwe zoja zirava he hano mu minyaganyaga ? Iyegeranye nimba wiyegeranya. »

Haheze akanya turindiriye ko iva hasi, umwe mu bari mu modokari atangura gukorora cane, atanipfuka ku munwa. Nanje nari nihweje hose kuva kare mbona nta n’umwe yambaye agapfukamunwa, nca ndatinya kugasokorora. Ariko uwo mwanya narariye umutima amenyo ndakambara. Ico nari natinye ni co cabaye. Bapfuye kubona ndakambaye, baca bandugako bose ngo ndabanenye canke ndarwaye. Batangura kubwira Tito ngo ansohore sindabanduze. Ugasangwa na jewe naravyipfuza kuko nari numva ntorohewe, ariko nta kundi nari kugira kuko nihuta cane ngo nshike i Gitega akazi katarapfa.   

Aho impene yicarana n’abantu

7:00’ y’igitondo

Twaravuye hasi. Tugenda turi babiri na Tito imbere, inyuma na ho hari abantu batanu. Tugiye nk’ibirometero bikeya, yarahagaraye avuga ngo agira atore ikete, kumbe agira yongeremwo umuntu. Yamushize iruhande yanje nyene, ngo tugende turi bane harimwo na shoferi ! Tugenze imetero nkeya, yarahagaze ngo atore akazigo. Ni ko gusohoka akaja hirya y’ibarabara, akagaruka aza arakwega ishashi y’impene iza irabira.

Ndabura iyo nkwirwa. Ntangura kwiyumvira amategeko ariko ararengwa uko angana ariko umutima ukaguma unyibutsa ko ndi muri ba bantu ivy’amategeko batavyibuka. Hamwe naho noshavura gute rimpereramwo. Haciye akanya numva Tito arambaza : «Ko numvise wewe ivy’ino utabimenyereye, ja inyuma wewe ayishire aho imbere “.

Nijijanya imitima. Ndaba hagati yo kugenda ndeze impene canke gufyikana turi batanu inyuma, nca numva nogumana n’impene basi. Turagenda, ariko uko imodokari idusevya, impene na yo yaguma yabira, ikongera ikagomba gutaruka natwe tuyicinyiza. Bidatevye ng’iyo itanguye gukobesha amaguru ku birenge vyacu no kuturya amenyo. Kanatsinda yari iryamye nabi cane. Yategerezwa kwirwanako naho ata ho vyashika. 

Yafashe umukenyezi yari i buryo bwanje imushinga ayo kw’ino, araboroga. Aho nanje yari yatanguye kera numva inkorakora sinamenya ico iriko iragira kuko nari nambaye ikirato gikomeye. Aho hose abandi ntaco vyababwira. Bigumira mu nkuru batwenga, nanje mpanzwe n’imisonga n’ibinyanya. Birateba bigera vyanka ko nihangana. Ni ho nasaba Tito ngo ansige, basi ndondere ukundi nipakiza. Bose baca batwengera rimwe, ariko Tito aca ansaba kuja inyuma basi, umwe mu bari inyuma aca aza gusubira mu kibanza narimwo. 

Ku bajejwe umutekano…

Naguma nipfuza gushikira abajejwe umutekano. Tabasanze ahitwa Nyaruganda, umutima wanje ureyuka. Tito ahagaze, uwujejwe umutekano umwe ( bavuga ngo arakaze cane) aca aratwegera, ba tangura kuvugana. Bidatevye ya mpene isubira kwabira. Uwujejwe umutekano arunama arayibona, ariko nta na kimwe yayivuzeko. 

Aho kumubaza igituma apakiye abantu 9 n’impene, numva batanguye bavugana ukuntu amugurira isima imeze neza akagaruka ayimuzaniye. Uwundi wewe yari ahari yaguma yiterera inkuru n’abandi, arindiriye ko Tito aheza kuganira n’uwumukurira ngo amwugururire. 

Bamwugururiye, twarabandanije. Abo turi kumwe biyagira bongera batwenga, nanje nkumva ibinyanya mu maguru kubera twabandanye bidasanzwe. Ni ho natangura kwibuka ijambo umushikiranganji Gerevazi Ndirakobuca yavuze mu mwaka uheze aheruka kugenwa muri ayo mabanga, ko abajejwe umutekano bokora akazi bajejwe vy’ukuri. Ndavuga nti kumbure aba bantu ntibigeze baryumva. 

8:38’ z’igitondo

Twashitse ku kindi kirindiro c’abajejwe umutekano. Aho ni kw’ikamba iri ahitwa ku Mugege hafi ya Muhwazi. Aho nagira nti ko twegereye ibarabara rikuru barazi amategeko. Ariko dushitse  nasubiye kugwa mu gahundwe. Uwujejewe umutekano yaraduhagaritse. Umushoferi aca aramuteguza ati: “Fire (Frein Ndlr) ntifata afande, raba unyugururire”. Kubera hamanuka, imodokari ntiyashobora guhagarara. Umwe mu bari bajejwe umutekano aca aratwegera ayitegesha ibuye birakunda irahagarara. 

Nk’uko vyagenze ku kirindiro ca mbere, n’abo nta cerekeye kurenza no kutubahiriza amategeko bigeze bavugana n’umushoferi yari adutwaye. Bavuganye inkuru y’ibidandazwa ataraja kurangura, abagenzi bagiye gukoresha imodokari bataragaruka, amasaha ashaka gushikirako i Gitega, n’ibindi ku bwanje numva bidakenewe n’abo bajejwe umutekano. Twaravuye ng’aho turagenda. Dushitse ahitwa i Kirambi, twarahagaze dukuramwo ya mpene, ariko tuhakura uwundi muntu, gutyo, inyuma tuba tubaye batandatu, imbere baguma ari bane. Imodokari yose yarimwo abantu cumi harimwo n’umushoferi. Ishavu rirandya rirateba rirahera. Ariko aho vyari bikigendeka. Sinari nzi ivyari bindindiriye. Tuzobigarukako…

*yahinduriwe izina

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion