article comment count is: 3

Kuramukanya : umuco w’ubuntu ugira uzimangane

Kuramukanya wari umuco mwiza uranga Abarundi kuva na kera na rindi. Ikibabaje, uno musi, Umurundi arahura n’uwundi mu nzira akarengana ata na mwiriwe canke mwaramutse amuhaye. Umwigisha wa kaminuza  w’umukurambere patiri Adriano Ntabona arabinegura cane, akerekana  icatumye bitituka n’icokorwa ngo uwo muco ukomezwe. Ng’iki ikiyago twagiranye.

Yaga: Ni iyihe nsiguro n’akamaro ka “mwaramutse” canke “mwiriwe” ?

Ntabona: “Mwaramutse ? » Ni ukubaza ko umuntu yazindutse akomeye. Ni ukumwitwararika. Bisigura ko uhimbawe n’ubuzima bwiwe, ugahimbarwa n’uko akomeye. “Bwakeye ?” Bisigura ko umubajije uti bwakeye ukiriho ? “Mwiriwe”, na ho nyene ni co kimwe. Ni ukumubaza ko yiriwe amahoro ataco yabaye. Ni ukuvuga rero ko ubonye umuntu uwo ari we wese ukanezerwa. Ivyo ni vyo ba sokuru baturaze. 

Yaga : Ko ubu kuramukanya biriko biravaho mu Barundi, vyavuye kuki ?

Ntabona : Kuva tubonanye n’Ababeya (Abazungu), twarabiganye, umuntu aca atangura kwimenyereza kwiraba we nyene, kwiyumvira we nyene ineza yiwe atiyumviriye abandi. Ugaca uraba rero ivyo urimwo, ukaraba imigambi yawe, ukaraba ingene wategekanije ibikorwa vyawe, uwo wundi na we ntahabe. Uwo ni umuco w’ikizungu ni uko watwinjiyemwo.

Yaga: None abazungu kuva kera boba bari basanzwe bataramukanya ?

Ntabona: Biri mu mico yabo. Ubwa mbere hoho Umuzungu aramutsa uwo azi. Ntaha yambu umuntu bapfuye guhura gutyo. Ino iwacu turamukanya na zina muntu wese, uwo usanze ahantu uramuha yambu, tukabigira twese. Umuzungu akora mu minwe uwo bazinanye neza gusa. Abongereza ba kera bobo mu ko akuramutsa wabanza ukuvuga uwo uri, agaca aguha ukuboko. Utaravuga uwo uri ntaguhe ukuboko. Ivyo rero ni vyo vyaje ino, kubera gufata imico y’ikizungu.

Yaga : Umunyamahanga, rero tworeka kumuramutsa duhuye ?

Ntabona: Sinovuga ngo tworeka kuko hari abo bivyurira agatima runtu ubaramukije. Ariko rero hari n’abandi babibona ukundi. Nk’akarorero, hari umugore yirabura naramukije mu Bufaransa turi kuraba ireresi aca  ambaza igituma ndamuramukije atanzi. Naciye ndamubwira ko iwacu muri Afirika turamutsa umuntu ari impande yawe uba umuhaye agaciro. Yaciye ambwira ngo ntituri muri Afirika, turi mu Bufaransa. Erega naruhutse ndamusavye imbabazi ! Urumva ko uwo tutari dukwiye kuganira, kuko ntiyumva Ubuntu. Ntiyigeze yiga ico ari co. Twebwe twize Ubuntu tukaburereshwa turazi ko kubona umuntu gusa uca werekana ko umusoneye, uhimbawe no kumubona, birahambaye.

Yaga : None vy’ukuri, guha mwiriwe umubanyi bifise akamaro akahe ?

Ntabona: Birahambaye cane. Ni ikimenyetso c’ubuntu n’umubano mwiza cane. Kutabigira bifise inkuririkizi z’uko umuntu yama yiyugaranye utazi ivyiwe ku buryo ashobora no kwiyahura ntihagire uwubimenya.

Ndazi umuntu yamaze imisi ibiri yapfuye, yishwe baca baramwugarana. Hanyuma ababanyi babona umwango utuguruka, baca bahamagara igipolisi. Basanze ari mu kidengeri c’amaraso. Ntitubeho nk’abanyaburaya. Turamukanye kubera ni icubahiro. 

Yaga : Mbega none, ku bwanyu, mubona twobivyura gute ?

Turakwiye kubigarukana koko. Naho bitacoroshe ko turwana mu nda igihe n’ugukoranako kubera iyi ndwara yateye, ikiyago, kubivuga no kubikomeza ni co nohamagarira Abarundi. Turwanire umuco mwiza. Jewe ingene ngira mbere, ndunama nkifata mu minwe nk’uwuriko arasenga. Ni ukuvuga ko nunama kubera ndamwubashe kandi ndamusengeye. Nta kiruta ico.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. 1. None ko abarundi turangwa n’ubwo buntu bwo kuramukanya, ubu twokwemeza ko igihugu/societe burundaise ari vyiza kandi dufise abana bo mw’ibarabara, abavukana bagera aho bicana bapfa agatongo abavyeyi babo babasigiye, umurezi atera inda abanyeshulekazi yashinzwe, umuyobozi anyuruza imfashanyo yagenewe ba ntahonikora, kandi hari abarundi beshi batagendera ukuri….
    2. Niyumvira ko twari dukwiye mu vy’uburyarya, n’ivy’amayeri, kandi hariho imico imwe imwe myiza y’ahandi yari ikwiye kwigwa mu Burundi nka:
    « L’éthique protestante du travail est une valeur calviniste soulignant, pour chaque homme, la nécessité de suivre des valeurs de travail, d’épargne, et de discipline… ».
    https://fr.wikipedia.org/wiki/%C3%89thique_protestante_du_travail

    1. Nta gihugu na kimwe cigera cikwiza, no mu vy’icmico ni uko nyene. N’Abarundi baravyemeza bati: « Ubwenge burarahurwa » canke ngo « Ubwenge buva i muhana ». Gusa ikintu ciza ntitwokidohokako, nk’uko iciza c’ahandi cotwigisha, tukacisunga, kandi biraba utororero ntitubuze. Akarorero: Ubu umuvyeyi araharekeza umukobwa wiwe kurongorwa kare cari igitutsi.