article comment count is: 0

Kubuza umukobwa w’ubu gutaha ijoro : dutere intambwe !

“Nta mwigeme wo gutaha ijoro!” Iryo jambo hari abavyeyi benshi bama barivuze, eka mbere n’abigeme batari bake baramaze kuribwirwa. Biragaragaza ko umwigeme agifise ibibangamiye ikibaza afise mu kibano nk’uko aba banditsi babiducira ku mayange bishimikije iyi ntahe ya Nadège*. 

 “Jewe ntababesha ibintu muhira batugirira birarenze. Ngeze aho nipfuza kuja kwubaka urwanje kandi tutaritegura. Umuhungu dukundana anyemereye noca ngenda tukibanira, tukagomba tukabaho mu buzima bubi, mugabo ntari mw’ibohero riri hano ngo ni muhira iwacu.”

Ivyo bivugwa na Nadège, umwigeme aba mu gisagara ca Bujumbura. Yarahejeje kaminuza kandi arakerebutse cane, mbere arashoboye no kwiyungunganya. Igitangaje, abavyeyi biwe ntibavyerekwa. Ategerezwa kuba ari muhira isaha imwe y’ijoro uko bigenda kwose. Isaha cumi na zibiri zigeze atari i muhira, abwirizwa guca abimenyesha, akavuga iyo ari n’ivyo arimwo, mbakamenyesha n’umwanya aza gushikirako hatarenze isaha imwe y’ijoro.

Abo bangana batangazwa n’ukuntu abavyeyi biwe bamufata gutyo, bakanamutwenga bamubwira ko ari we atazi kwiyubahiriza akabibankira. Aho hose akagiriza ikibano ciwe. Agira ati: “Hari abavyeyi bahimbarwa ngo abanje barashoboye kurera neza. Nta nkeka ko abo ari bo bakokeza abavyeyi banje kunkorera ibi. Emwe ndabibayemwo uko nyene mugabo ubu nananiwe kuko ntegerezwa kwiyungunganya. Mama wewe ntavyerekwa ngo na we nyene yarakuze aratera imbere arezwe uko atureze.”

“Ndonka ubuzi bwinshi sindabukore”

Nadège aremeza ko amaze kuronka akazi ahantu henshi mugabo bikanka ko agakora, kubera ko vyotuma ataha mw’ijoro. Ako amaze kuronka mu mahoteri akomakomeye mu gisagara ca Bujumbura, na rirya yanonosoye ivy’amahoteri n’ingenzi, hoho baramurahiye. Uretse ayo masaha y’ijoro yotaha, ku bw’abavyeyi biwe ngo ni akazi katabonwa neza n’abantu.

N’umubabaro mwinshi akagira ati: “Sinshobora kwiyungunganya. Umugambi nari mfise kwari ugukora aho nakirira ingenzi, nkamenyana n’abantu ku buryo ndaba uwo dutanguriza hamwe umugambi nko gushinga ikigo cakira kikanatembereza ingenzi.”

Ihinduka …

Aho hambere hahise vyarumvikana ko umwigeme bamurera batyo, kuko nta catuma agenda ijoro. Yakora udukorwa two mu nzu, yarenga irembo akaja kurima aho naho yagodoka hakibona.  Ni ho yaheza akitwa: umuzenzwanzu, akarago k’abaraye, umunyakigo n’ayandi. 

Agiye kuramutsa incuti, na ho nyene kwari uko, ubona ko atigera aba umushitsi, iyo agiye yashikira mu dukorwa. Nta na kimwe comutumye aba ari ku musozi, ku gahinga atari igihe ari ku rumarwa. Aho na ho yaba ari kumwe n’abandi benshi, hagwiriyemwo incuti. Ariko aho hari kera. Ubu ibihe vyaheye ibindi, abana bose basa n’abakora bimwe.

Umukobwa w’ubu birashika akava impande y’abavyeyi akaja kwiga kure. Akaja muri kaminuza, mbere no mu mahanga akagenda akiga. Aho hose abavyeyi ntibaba bari kumwe.

Arinze aheza ayo mashure rero, kumuhatira kuguma muhira ukamubuza akazi ko ku mugoroba ngo yoba ataye indero uba wihenze cane. Erega si ako kazi gusa, ahubwo arashobra kuja mu biteramo, mu nama, canke mbere agahura n’abagenzi. 

Gutanga indero ni vyiza cane, kandi Abarundi barayamaze bati: “Uvyara nabi ugatukwa n’abakwe”. Uwareze neza baramukengurukira. Ariko abavyeyi bamenye ko ibihe vyahindutse, ntibagume bibaza ko uko barezwe mu myaka mirongo itanu iheze, ari ko borera abana baruka ubu. Nyabuna bakomeze  ikiyago n’abana babo, indero ishingire ku kwumvikana, kwubahana no kwubahirizanya.

* : izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion