article comment count is: 0

Kirundo: imirwazo iragisibije

Ico bita « umurwazo » canke « kumena ijisho”, kirabangamiye ingo zitari nke z’abakozi ba Reta (canecane abigisha) muri ino misi. Hari n’abamaze guta izabo bakomoka kubera ubwo buryo bwo gusaba no gutanga ingurane. Matirida* na Jeanine*, bubakanye n’abagabo bamaze igihe basaba ingurane muri ubwo buryo. Baratwiganira ayo babonye.

«Umurwazo»  canke « kumena ijisho » ni uburyo bwo  gutanga ingurane iri hejuru cane. Mu Kirundo, abenshi basaba inyungu iri hagati ya 20 na 30 kw’ijana ku kwezi. Uko amezi ahera utishura ni ko amahera atera yiyongera. Ugasanga wasavye ideni ry’ibihumbi ijana mu mafaranga y’amarundi (100.000) ariko ukishura nk’ibihumbi amajana atanu. Ibi bigatuma abatunzi  bamwe bo mu Kirundo baguma batunga  kurusha mu gihe abakene bo batera baherayo. Ababikora, babikora binyegeje kuko bitemewe n’amategeko.

Birahungabanya ingo

Iyo ngendo iramaze igihe kinini. Uko imisi igenda, ni ko abasaba canke abatanga ingurane biyongera. Bituma ingo nyinshi ziba mu bukene budasanzwe. 

Jeanine akagira ati: «Twe n’umugabo turi abigisha. Yatanguye gusaba ayo mahera duhejeje gusaba ingurane mw’ibanki kugira twubake inzu ntoya yo kubamwo. Kuva ico gihe, jewe sinasubiriye guhembwa. Umushahara w’umugabo ntiwasubiye kudukwira twe n’abana bacu batatu. Ni ko gutangura gusaba imigwazo kugira tubeho. »

Si mu rugo kwa Jeanine gusa, hafi mu ngo zose ni uko bitangura, bigahera bari mu madeni y’urutavanako hamwe no gufungura agakwiye ku musi bigorana. Kanatsinda hari aho usanga n’amatongo baragurishije kugira barabe ko bova mu madeni.

Kenshi iyo habaye ubukene budasanzwe, wa mugabo na wa mugore bahora bakundana baca batangura kuryana. Nta mahoro asubira kuboneka muri urwo rugo. N’abataratandukana biciye mu mategeko ugasanga ntibabanye neza na mba.

«Kuva aho  umugabo wanje atanguriye gusaba imigwazo haraciye imyaka igera kuri cumi, ntitwasubiye kwumvikana, dupfa ubukene. Ni kenshi avyuka agenda agataha ijoro atadusigiye ayo gusuma kuko aba ashaka guhunga, inzara ikatwica n’abana. Ivyo bigatuma twama mu nduru.» Ni ko Matirida yidogera umugabo wiwe.

Hari n’abamaze guhunga, bagata bakomoka kuko batabona uko bokwishura ayo madeni. Erega no mu bahunze ivyo mu 2015 ngo harimwo abari  bahunze amadeni bafise.  

Birahanwa n’amategeko

Buramatari w’intara ya Kirundo aherutse kuja gukebura abakozi ba Reta bo muri komine ya Bugabira ko bobiheba. Gushika ubu ariko, ako kamo gasa n’akatarumvirwa. 

Abantu barakwiye kumenya ko ivyo bintu bibujijwe. Eka mbere no mu gitabo c’amategeko mpanavyaha, turasangamwo ingene uwubikoze ahanwa. Biri mu ngingo yaco y’313 yerekana ibihano bihabwa abakokora abandi muri bene ivyo vy’imigwazo, ivyo bita« usure » mu gifaransa.

Bavuga ko umuntu yikika mu kiza agacinyiza uwo ahaye ingurane kuko ayikeneye vyihuta, agaca amusaba inyungu y’umurengera ahanishwa umunyororo uri hagati y’amezi atatu n’imyaka ibiri, hamwe n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 50, canke kimwe muri ivyo bihano.

* : amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion