article comment count is: 3

Itegeko rigenga ingo n’imiryango: ryahishijwe abarigenewe ?

Si rimwe si kabiri. Turabona ibintu biba mu muryango no mu kibano, umuntu agatangara ukuntu bishika kandi itegeko rigenga ingo n’imiryango ryabibuza canke rikabiha iyindi ntumbero ibereye rihari. Ku ruhande rumwe biratahuritse kuko ibihe biha ibindi. Iryo tegeko ryabayeho mu 1993, bimwe mu biri muri ryo bikaba vyarataye igihe. Ariko ikibazo nyamukuru kihari ni kimwe: ubwo uko riri kwose iryo tegeko rirazwi n’abanyagihugu riraba ? Harakwiye kugira igikozwe. 

Hari ku wa mbere Rusama 2017, aho umukuru w’igihugu yaramutswa Uburundi ico gihe yatanga itegeko ry’uko kugeza ku wa 31 kigarama uwo mwaka nyene ryari isango ntarengwa ku kigongwe c’ikivuga gihawe abo bose batariyandikisha muri komine nk’abubakanye ngo biyandikishe.  Inyuma y’iryo sango, abataba bariyandikisha bategerezwa guca batanga ihadabu y’amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo itanu (BIF 50 000). Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ntibwatevye kubishira mu ngiro. 

Abantu wamenga bakubiswe n’inkuba. Benshi uwababaza bavuga ko haje itegeko rishasha, maze batangura kwiruka bacanako baja kwiyandikisha. Abagira ibibazo bari abagabo bari bafise abagore barenga umwe kuko bataronka abo babandikako. Ariko mu vy’ukuri, iryo tegeko ntiryari rishasha na gato. 

Mu 2016, hisunzwe iryo tegeko nyene, haratowe itegeko rikinga amabi ashingiye ku gitsina, hambavu y’utuntu tumwetumwe tuja turahinyanyurwa ku vyerekeye ingo n’imiryango. Ariko kugeza ubu, ayo mategeko aratorwa akandikwa, mu nyuma akabikwa. Hari aho usanga uwayashirirwaho amenya ko ahari mu gihe hagize iryo arenga bakamuhana.

Ikizira kiraziririzwa

Murabizi namwe. Mu migenzo y’Ikirundi, hari ikintu gikomeye cane citwa umuziro. Kandi ico kintu aho hambere carasonerwa cane, ndetse kigatuma ibintu bigenda neza cane kubera hari ukwubaha, ugusoneranira, n’iyindi mico shingiro y’ikirundi yaca muri ivyo bizira. Ukumva ngo “Kirazira kuvuza uruhwa mw’ijoro wohava uhamagara inzoka zikabatera canke ibindi bisigo, kirazira gutuka umuvyeyi wohava umera imishumi”, n’ibindi vyinshi.

Ugatangara ugiye i Makamba, ugahura n’umwana ariko aratuka mugenziwe ngo areke kwica igikere canke umuserebanyi kuko umuvyeyi wiwe yohava acika amabere. Wagera mu buraruko bw’igihugu, mu Kirundo, ugasanga umwana nawe avyumva uko nyene, ca kizira kizwi gutyo nyene. Igitangaza kurusha, ni uko ivyo bintu atawomenya igihe vyaziye mu migenzo y’ikirundi kandi atawovuga ngo hari n’aho vyanditse. Ariko nta n’umwe atakuze avyumva kandi dusanga twese tubigendera kandi biri mu maraso no mu mitima yacu. 

No mu mategeko ni bigende uko

None karashize ingani itegeko turimenye ari uko turirenze ? Ko amategeko atorwa n’abaserukira abanegihugu, hoba hariho akanya bafata n’uburyo bukwiye kugira baje gusigurira ababatoye amategeko yose yemejwe ? None bitagenze uko, abo batwarwa bazoyamenyera hehe ? 

Amategeko yose ari mu Burundi, ni ngirakamaro mu gukomeza umutekano n’umubano mwiza. Ariko iyo itegeko ritazwi n’impande zose, uwo rifata n’uwurikurikiza, aho kuzana umutekano ritera umudugararo. Nko kwumva itegeko rigenga ingo n’imiryango ritazwi n’iyo miryango ryega, ni ibintu bidatahuritse kandi bigaragaza ko iryo tegeko haba hari agahaze mu co ryomarira abo rikingira.

Icari gikwiye nimba kitacerewe, mu myaka yose rimaze rishizweho, riba ryarashizwe mu rurimi rw’ikirundi rwo rutahurwa n’Abarundi batari bake, hagategurwa n’ibiganiro vyo kurimenyekanisha mu gihugu cose. Inzira zofasha zirahari: amaradiyo ashikana amajwi kure hamwe n’ibinyamakuru birahari, vyofasha mu kurimenyekanisha. Eka n’abatware ku nzego zose barashobora kuja barafata akanya babwira abo barongoye ingingo nkenke gushika barimenye. Aho tuvuze uko womenga ni abenegihugu basanzwe gusa batarizi, ariko n’abize bamaze gusoma iryo tegeko  bari ku rushi. Ntibiryoshe dutunze amategeko ngenderwako tutayazi.  

Muri uru rukurikirane rw’ibisomwa mugiye kuja muraronka mu guhimbaza iyi ndwi irimwo umusi mpuzamakungu wahariwe imiryango, harimwo intahe zigaragaza ukuntu kutamenya iryo tegeko ritugenga dusanga biduta mu rudubi. Tuzokwumva n’ibintu bimwebimwe bikunze kudusoba kandi vyari bifise inyishu mu mategeko. Hazobamwo n’akamo ku bikwiye guhinyanyurwa bikaja ku gihe, tubifashijwemwo n’abahinga mu vy’amategeko. 

Soma musoserwe !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Nukuri nivyo.ariko abagabo turahohoterwa nabacamanza.kuba umugore yemera ko yarenze ibigo sentare ikiweza urubanza igasomako bavana.bwaca akanya ukabona urupapuro rwogusubiza umugore murugo ndetse kandi yagiye atwaye nivyo munzu vyose mugihe abagabo tuba turi kibuzi.mwicogihe haba hakozwe iki?abacamanza baba bivuguruje canke haba hari icakozwe nuwatsinzwe.mwicogihe umucamanza ntushobora kumwitwari(gushengeza)?ndakeneye inyishu kuri whatsapp69886586

  2. Murakoze kudusangiza inkuru ariko vyongeye hariho nibinyamakuru,amashirahamwe n’imbuga ngurukanabumenyi bigerageza uko bishoboye kwigisha amategeko kugira twese tube ku rugezo rumwe n’ubwo bigoye. Hariho nka page Facebook « nini Fabrice ni Fabrice » havugwako amategeko yo mu burundi hariho ishirahamwe Restoration Burundi n’izindi nyishi. Twige tumenye ico amategeko avuga