article comment count is: 0

Itegeko rigenga ingo n’imiryango : harimwo agahaze !

Itegeko rigenga ingo n’imiryango rirahari. Kandi ririmwo ibintu bitari bike vyofasha gutunganya neza imibano, hubahirijwe agateka k’umwe n’uwundi. Ariko rero iryo tegeko rirafise uduhaze, hamwe twongewemwo ryotomora kandi rikagira akamaro kurusha.

Ica mbere na mbere, iryo tegeko rimaze igihe kitari gito. Ryagiyeho mu mwaka w’1993. Umushingwamanza Victor Nsabimana akagira ati: “Rirashaje. Mu myaka hafi 30 rimaze, hariho vyinshi vyagiye birahinduka mu mibereho y’abantu gutyo ugasanga uko ryubatse hari ibintu ridashobora gutorera inyishu neza ubu kuko ritabitegekanya igihe ryashirwaho”.

Iryo tegeko rigenga ingo n’imiryango rivuga uko mu mategeko ibintu bimwe n’ibindi bibwirizwa kugenda, nk’ivyerekeye ukuvuka, ubugeni, urupfu, amazina abantu bitwa, ivy’ubucuti n’ibindi.

Ariko rero hari n’ibintu vyinshi biba mu kibano bidashobora gutorerwa inyishu muri iryo tegeko.

Uko ibisigi bitunganijwe

Nk’iyo bishitse umwe mu bubakanye agashengera, canke mbere bose bakitaba Imana, amategeko ntategekanya neza uko amatungo yabo aheza agatunganywa haba ububasha umuvyeyi asigaye ayafiseko canke uruvyaro rwiwe.

Nk’akarorero: “Hamwe bavuga ko baba basangiye ibintu vyose, yamara ahandi bakavuga ko nk’inzu harabwa iyo babamwo gusa (domicile conjugual)”, uwo ni uyo yize ivy’amategeko abitubwira.Yongera ati : “Harabuzemwo uko neza na neza ivyo gutorana ibisigi bigenda”. Nko mu gihe umwe mu bavyeyi asandavye, bivugwa ko “uwusigaye aba afise uburenganzira bwo gukoresha ico ashaka ivyo bari basangiye uretse kugurisha (ni nk’uko ibice 50 biba rwiwe ibindi 50 ivy’abana), yamara ivyo gutorana bigeze bikisunga ivy’imico n’akaranga aho kwisunga itegeko ryoba ryanditse (liquidation)”.  

Inama y’umuryango 

Iki kiza kwerekana uburemere bw’imico y’ikirundi ku mategeko. Uwo muhinga aduha umuco ati: “Nk’iyo bishitse abubakanye bagashaka kwahukana, bagiye muri sentare, babasaba kuzana icegeranyo c’inama y’umuryango imbere yo kubumviriza. Ikindi ni uko mu vyo mu mategeko bita “principe du parallélisme”, abantu basezeranye ari babiri ni bo nyene bashatse gutandukana baja imbere ya sentare batarinze guca imbere y’inama y’umuryango itabanje gukorana kugira bubake”. Ivyo vyose itegeko rigenga ingo n’imiryango ntiribisigura neza.

Ikindi congeyeko, mu gihe abavyeyi bose batakiriho, usanga kenshi umwana/abana (b) aca (b)arerwa n’umuntu wo mu muryango, agaca aba nk’umwana w’uwo amureze ( ico bita mu gifaransa “adoption naturelle”). Uwo munyamategeko akavuga ati: “Ivyo ubundi si uko vyetegezwa kugenda kuko ukwegukira umuntu (adoption) bitegerezwa kwama biba biciye mu mategeko mu gihe atari uwamuvutseko, kugira hageze nko gutorana bibe bitunganijwe n’amategeko”..

Ubuvyeyi

Ahandi hari agahaze, ni mu kumenya umuvyeyi w’amaraso (“recherche de paternité” mu gifaransa). Mu gihe umwana aba atavutse ku bavyeyi bubakanye, ashatse kumenya se ntiyoroherwa. Ubundi bavuga ko “Se w’umwana ari umugabo w’umuvyeyi amuvyara”, ariko si ko vyama biri mu bisanzwe. Amategeko rero ntiyategekanije nk’uburyo bwofasha kumurondera hifashishijwe ubuhinga bugezweho nk’ibipimo karonda (“tests ADN” mu gifaransa).

Ikindi, ni ikiringo co kubirondera. Itegeko rivuga ko ari kugeza umuntu akwije imyaka yo kuva mu bwana (“majorité civile”), ni kuvuga imyaka 21. Ku bwa Victor Nsabimana “iyo myaka ni mike, umwana ntaba arakwiza imyaka yo kuvuga ko yigenga neza ku buryo yoba yabihejeje”. 

Hari n’ic’abavyeyi atari ab’amaraso. Muri iryo tegeko, nta na kimwe babivugako. Ibishobora guteza ibibazo na rirya aba ari abantu basangiye umuryango yamara ata tegeko rigenga umubano wabo nko mu gihe hokwaduka amatati. Umushingwamanza Nsabimana ati: “Mu bindi bihugu, usanga harategekanijwe uko vyogenda (statut de beau-parent)”. 

Bikagaragara ko muri iryo tegeko ryo mu 1993 abarishizeho bafatiye ku muryango usanzwe (serugo, inarugo n’abana). Birakwiye rero ko  iryo tegeko rihinyanyurwa hisunzwe ibishobora gushika mu miryango aho usanga igizwe na benshi batandukanye (“famille recomposée”) gutyo rigategekanya uko izo ngo zogengwa, ariko rikanamenyeshwa abo rigenga.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion