article comment count is: 0

Ingendo zine dukwiye gusezera kugira habe ugushigikirana gushitse

Ku wa gatanu uheze igenekerezo rya 6 Nyandagaro, Uburundi bwarahimbaje, ku ncuro ya kane, umusi wahariwe ugushigikirana mu Burundi. Mu gihe ugushigikirana kwategerezwa kuba ukwa misi yose, uyu mwanditsi we asanga hari ingendo zine ziriko ziratitura uwo muco mwiza wamye uranga Abarundi.

Gushikirana ni igikorwa c’urukundo n’iteka. Uwushigikira uwundi, aba garagaje umutima w’impuhwe, umutima runtu. Uwushigikiwe na we aba agarukaniwe umuzero, akumva ko yitaweho, ahari agahinda, umubabaro n’ukwihebura hakaza umwizero, umunezero n’akamwemwe.

Nk’uko tubisanga ku rubuga rwitwa Global Education Magazine, “gushigikirana ni ikintu ntabanduka giha agcaciro umuntu, kagaragarira mu gukuzanya”.

Ariko mu Burundi ho bisa n’uko bitari uko. Gushigikirana biracafise inzitizi zitari nke. Ng’ibi ibintu bine bitegerezwa kuranduranwa n’imizi mu ntumbero yo gushigikirana nyakuri.

Kuba abarorerezi canke ba ntirumveko 

Ejo bundi, ku gituro c’imodoka zunguruza abantu, umusuma yarashikuye isakoshi umwigeme izuba riva mu bantu batagira uko bangana. Uwibwe arakoma induru ngo mfatira mfatira baranyivye, ariko arabura n’umwe yomufasha kwiruka kuri uwo musuma gushika aho uwivye yinyuranganya mu bantu aramusiga. Sinzi uwari hafi yanje numvise avunira akagohe uwo bari kumwe ati : “Sigaho sha, nk’ubu wosanga uguye mu vyo utazi na ho ?”

Kuba abiyorobetsi

Muramaze kubona ko umuntu arwara akabura abamugarukirako ngo bamuvuze, ariko yamara kwitaba Imana bagatanga ibitagenda binazimvye kw’ishingurwa ryiwe ? Muramaze kubona  umuntu arinda kwifotora kugira afashe umuntu ? Ibaze kandi umuntu yikokora ngo arondera gushigikirwa kugira bikunde ko ibendera ry’igihugu rihungabana mu makungu, ariko yagira ico ashitseko gihesha icubahiro igihugu ciwe tugatangura kuvyitirirwa n’uguhabwa icubahiro ataco twigeze tumufasha ?

Kugurana ugaherana

Mu gihe ukuguranana ari ubundi buryo bwo gushigikirana ngo umuvukanyi ashobore kuva mu ngorane zimwugarije canke yiteze imbere, ubu uwo uguranye umengo uramugabiye kuko kwubahiriza isango ry’ukwishurirako bigirwa na bake. Hanyuma iyo ataguheraniye kugira agusubize na ho ukabanza ukiruka n’urukonda rukarekera. Ivyo bituma hari abasigaye batakiguranana kandi hariho ababihomberamwo.

Ubutekamutwe

Muramaze kubona abiheka mu gushigikirana bakoresheje ubutekamutwe bagatungira ku bandi ? Hirya y’ejo haje umuntu yambaye neza ansaba ijana ngo ni iryo akeheje ku mahera yo kwiyunguruza, ndarimuha. Bukeye kabiri nciye hahandi nyene nsanga ariko abigirira abandi. Aho rero sinzi uwambwiye ko ivyo hari benshi babitungiyemwo, bakabigira kandi badakenye.

Uko biri kwose, tuvyanka canke tuvyemera, gushigikirana nta n’umwe bitaraba. Erega n’uwibaza ko yikwije, ntiyihende kuko baravuga ko “n’umwami aguranye urushinge” Na kare umwe yifasha gusara ntiyifasha gusaba. Duhitemwo ico twifashe muri ivyo biri.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion