article comment count is: 0

Imico n’imigenzo vy’ikirundi mw’iterambere: urwaruka rw’i Buganda ntirumurikiwe

Abantu babona ugutandukanye imico n’imigenzo. Hari abavuga ko hari ivyakorwa kera ubu vyataye igihe. Abandi na bo, bakabona ko ibintu vyahindutse, ko abantu bakwiye kujana n’ibigezweko. Urwaruka rwo muri komine ya Buganda, mu ntara ya Cibitoke, rurakebura, abajejwe intwaro bagatanga umuco.

Bamwe mu rwaruka rwo muri komine ya Buganda bagiriza abavyeyi ko ko batigera babayagira ibijanye n’imico y’ikirundi. Iradukunda Oliver agira ati: «Abavyeyi bacu ntibigeze batuyagira ibijanye n’imico. Twebwe twijanira n’ibihe kuko ivy’ imico ntavyo tuzi. N’ivyo twoba dupfundikanya tuvyumva ku matwi, maze bikatugora gutandukanya. » 

 Abenshi rero muri bo kudatahura ivy’imico, baragwa mu ngorane nyishi cane mbere zituma ubuzima bw’urwaruka buhungabana. Ivyo rero birafise ingaruka mbi kw’iterambere na kazoza karwo kakononekara. 

 Ata muco haba umuzimiza

Ukuba ata ndero yo ku ziko ikihari, ni bimwe bituma urwo rwaruka rutahura ukutari ko ibijanye n’imico n’imigenzo y’ikirundi. Iyo mico wumva kandi yaravogerewe n’imico mvamahanga. Alexis Sibomana umuhanuzi mukuru ntayegayezwa wa komine Buganda agira ati: « Ukuba urwaruka rutahura ukutari ko ibijanye n’imico, biva ku kuntu batigeze babirwa bakiri bato. Indero yo ku ziko ntigihabwa abana. Uko imisi igenda urwaruka rugenda rutakaza akaranga nderano k’Umurundi n’Umurundikazi. »

 Nk’uko iyo ndongazi ibandanya ibituyagira, ugusubira inyuma kw’imico ndundi vyugururiye amabi menshi urwaruka rwo muri komine Buganda. Akarorero ni inda z’indaro, abigeme basambuza ingo zubatse, abagabo bagendana n’abangana n’abo bavyaye, ukubaka hataragera, abana batabwa mu binogo, uguharika nibindi. Ivyo ngo biri mu bisubiza inyuma iterambere kuko hama amatati mu kibano, abana bavuka bakabura base, irwirirana ry’urwaruka ituma rubura ibikoresho vy’ishure n’amasomero arukwiye.  

Hitamwo neza

Naho rero hari abatabibona kumwe ntitwota umuco. Ariko hari ivyo dukwiye guheba.  Aha twovuga nk’imico yo kuvuga ngo umwigeme ni umunyakigo, umwigeme ntatahe bugorovye, nta mashure y’umwigeme n’ibindi bitubuza gushika kw’iterambere.  

Alexis Sibomana ati: « Ukuvuga ko umwigeme ari uwo kuguma mu kigo, biri mu vyo gusezera, biri mu mico ihonyanga agteka kiwe.  Abigeme barashoboye, barafasha bimwe bishimishije mw’iterambere. Ni ko nta mwigeme wo gutaha ijoro mu gihe ata co ariko arakora.  Yamara iyo atashe ijoro ari kurondera ubuzima kugira yiteze imbere ntivyotuma ata qkazi ngo atashe kare kandi ari ho azeye uburamuko. » 

Ukujana n’iterambere rero tudataye imico n’imigenzo bizigama akaranga k’igihugu cacu vyodufasha gushika kw’iterambere rirama. Abavyeyi barakwiye kwegera urwaruka  bakarusigurira ico imico ivuga maze rukamenya uko rwitwararika kazoza karwo.  Urwaruka kandi na rwo rurakwiye kwijukira amashirahamwe. Bijukire n’amavuriro magenzi y’urwaruka rusigurirwe ibijanye n’amajambere. Nta nkeka ko hamwe ivyo vyose vyokwirikizwa urwaruka rwacu rwoshika  kw’iterambere rirama maze ntihaze hagire uwuvuga ngo ese iyo menya.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion