article comment count is: 0

Amashure matomato: ingeso yo guhahazanya mu banyeshure yohera gute ?

Mu gihe uburuhuko bwaraye burangiye, hari ingeso ikorwa mu mashure matomato, na canecane ayigenga aho usanga abanyeshure bahahaza abo bigana. Ivyo birabababaza mbere bikanashikira abavyeyi, aho bamwe muri bo bahitamwo kwihanira. Abandi bakigisha abana kugera ingere ku yindi.  Yamara siko vyari bikwiye kugenda.

Umwana wanje ngira ndamwigishe kurwana ! None n0gira nte? …” Iyi ni ingingo y’umuvyeyi wa Jessy*, umunyeshure yiga kw’ishure ritoya ry’abigenga riri mu gisagara ca Bujumbura. Uyo mukenyezi amenyesha ko umwana wiwe ahahazwa n’uwundi bigana. Agi ati: “Si bishasha, bimaze kuba incuro nyinshi. Umwana yama aza ararira canke ashavuye. Eka mbere hari igihe aza avyimve mu maso canke yakomeretse mu maso.”

Uwo muvyeyi avuga ko ataco atakoze kugira akingire umwana wiwe,asanzwe atekereje cane. Ntakunda gukina.  Umuvyeyi ntiyibaza ko yoba aja gusindira abandi canke ngo abasotore kugeza aho bamukubita agatahana ibipfupfuri.  Akagira ati: “Nkivyumva nabifata nk’ibisanzwe, mugabo atanguye kumbwira ko Teddy* amukubita misi yose kandi atazosubira kw’ishure, naciye mbona ko umwana yaseserejwe.” 

Abarezi baba bari he ? 

Abarezi bamwebamwe bigira ba sindabibazwa ariko abanyeshure bobo birababaza.

 Kenny* ni umwana w’umubanyi wa Jessy. Ntibiga kw’ishure rimwe ariko na we vyamugendeye nk’uko. Umuvyeyi wiwe agize aracabaza umurezi, yamwishuye amwikura ati: “None ga muvyeyi abana ntibamye bakina ? Reka nawe kubigira birebire.Usanga ari n’uwo rwawe abasotora.” 

Yumvise yo nyishu yaciye ategura kuja kw’ishure, aho yabonanye n’umwigisha amaso mu yandi. Baravuganye aramwemerera ko azoja aritaho abana, ariko imvugo ntiyajanye n’ingiro. Budakeye na kabiri yasubiye kubona Kenny aza umwosori wamurenze. 

Uwo muvyeyi yaciye afata ingingo yo kwihanira. Yazindutse  mu gatondo, aja kw’ishure. Ashika abwira umwigisha ati:Vyarakunaniye guhana no guhanura uyu mwana ahahaza Kenny. Reka ndavyikorere !

Uyo muvyeyi aca ahengera bavuye kuduza ibendera, aba yahishikiye ngo yirabire uko bigenda. Ubona ko “agatoki kamenyereye gukomba kama gahese”, wa mwana yamenyereye guhahaza Kenny nguyo amukubise igipfusi. Imana mbi yagize wa muvyeyi aramubona. Yaciye amufata  aramukubita kandi aramwihaniza. Kuva ico gihe, Kenny ntiyasubiye guhahazwa. 

Avyiganiye umuvyeyi wa Jessy, we yagize ati: “Jewe sinzobikora gutyo. Umwana ngira ndamwigishe ubuhinga bwo kurwana azoze arikingira uwuje kumusindira.”

Inzira idashika

Guhahazwa bituma abana b’imbaga nke biga nabi bakagira umwimbu muke canke bagata bakomoka. Na none n’ibihano vyo gukubita abanyeshure turazi ko vyavuyeho kuko vyazana inabi gusumvya ineza. N’ivyo rero bigira ingaruka mbi cane mu buzima bw’umunyeshure. 

Ntawokekeranya ko ata bihano bindi bitegekanijwe kubana bahahaza abandi mu mategeko agenga amashure canke ahandi. Ariko n’uko kwihanira canke kugira ingere ku yindi nta kintu vyokiza atari ico vyica.  Uwurondera umuti yowuronderera ahandi, na canecane mu gufashanya hagati y’abavyeyi n’abarezi.

Isidore Nteturuye, umuhuzabikorwa mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana “FENADEB”  avuga ko amategeko agenga indero mu Burundi ahana abana bahahaza abandi, ariko bivanye n’imyaka bafise. Agahamagarira abavyeyi gukorana n’ubuyobozi bw’ishure iyo hari akababakiye. Arongera agasaba amashure gukurikiranira hafi abanyeshure canecane iyo bariko barakina kuko ico gihe abana bashobora guhahazanya kubera umwigisha ataba ari hafi yabo.  Akagira ati: “Ni co gituma bitwa abarezi.”

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion