Imyaka 30 irarumanye mbayeho. Kumwe kw’umwana w’Imana yavukira i Nazareti, nanje nari mfise ikintumye mvuka: gukuraho indyane zishingiye “ku mazuru” zari ziziziye bene Burundi. Nashizwe ahakirurutse ku musozi Vugizo, atari ukugira abantu bame bagira urugendo baza kunsenga, ahubwo ari kugira uwuzovyuka wese akankubita ijisho, yibuke ko naje nk’ikimenyetso c’ivavanura n’akabi ku Barundi bose. Ese nobona ndashitse kw’ihangiro se yemwe !
Ivuka ryanje ndarikesha benshi: abavukagihugu eka mbere n’abanyamahanga. Kuva Petero Buyoya ashize umukono ku masezerano anyemerera kwubakwa kuri uno musozi, umwubatsi akanshirako itafari rya nyuma, nta wa 5 Ruhuhuma n’umwe urengana abanyacubahiro batandukanye bataje kuntamarira, imirisho y’ingoma n’ibirori bidasanzwe bikamara umusi wose aho ntuye. Bakaduza amabendera, bashajije, bakaririmba bafatanye amaboko ( naho ubu ca kiza Koronavirisi kizobabera intambamyi) ururirimbo rw’Ubumwe bw’Abarundi. Ata gukekeranya, ivyo birori biba bigamije kwerekana ko ubumwe busasagaye mu Burundi.
Vy’ukuri ?
Aho nibereye kuri iri taba ry’umusozi, nama nihweza ibibera aha mu gisagara ca Bujumbura kuva mu 1991 amarira akantanga hasi. Kuva ku rwimo rwo mu 1993 hagikoreshwa imipanga, amajoro adaca y’ibikoho bikomakomeye kuva mu 1994 kugeza mu 2008, Imana yo nyene ni yo izi incuro narwanye ngo nshikuke nje kurokora ubuzima bw’abatazi ico bazira. Ariko ntivyakunda kuko umwubatsi yandiye akambohera aha ndi, akambuza kugenda. Ikimbabaza kikansonga, ni uko abo bategetsi bose batahengeshanya kwama baririmba n’ijwi rirenga urwo riririmbo rwa Libère Bararunyeretse. None vy’ukuri, ako karirimbo koba kibutsa akarangamutima k’Ubumwe bw’Abarundi, kugeza aho kaba ishingiro ryabwo ?
Mu bunyakamwe, aho ku mutumba uhanamiye Bujumbura, nari natoye kuja ndahungira irungu mu majwi aca ku maradiyo, ubona ko nanagororotse ndayasama ataranatosekara. Ariko mu 2015, ahaca indirimbo, amakuru n’ibiganiro vyo gutasha haje urwamo rw’amasasu n’induru maze bikurikirwa n’amatangazo yo kubika. N’amaso yanje, niboneye umuco wabonesha igisagara uzimye, haza umuzimiza w’ubwoba, intuntu n’agahinda. Ivyakurikiye mwarabibonye namwe. Ariko na canecane ico batibagiye, ni ugukora umurongo baza iwanje, kuri rya sango nyene, bashira amashurwe ku nyundo zanje, bampa n’utuganuke baririmba “Ubumwe bw’Abarundi”.
Mu myaka yahera hoho, nabona hahura abahoze ku rugamba, abari ku butegetsi, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abanyamashengero, n’abandi benshi. Kubabona bafatanye amaboko vyamapa umwizero udasanzwe ko ndi mu gushika ku canzanye. Ariko uno musi, nibutse intwari zagiye zizize ubusa, ntazi ko nzosubira kubona ziza kumpana bwakeye, umutima uratuntura. Si abashengeye, si abaraririye impinga kure, bose ndabibuka nkababara.
None koko vyarayangaye ?
Ku myaka 30 ngira mare nshitse kuri uno musozi, ndababajwe n’uko mbona icari canzanye ntagishitseko, n’icizere kikaba kiriko kirasubira inyuma. Nk’ubu ndibaza nimba nokwikeza kubona narabayeho canke nosaba ngakukuruka hataranagera bikanyobera. Abo naje guhuza no kunywanisha bigumiye mu vyabo, nk’uko womenga babereyeho kuguma barabana ay’ingwe kandi ari bene mugabo umwe.
Ariko rero, si uburorero bubuze bwo gufatirako muri iki gihugu, kahise ntaco kaduhishije na kimwe. Biratangaje kubona Abarundi batigishwa na kahise kabo. Kimwe gusa, ntawobideha, hari aho bigenda neza icizere kikagaruka, hari aho kimara umwanya urume rumara, ahandi bikaba ukamenga biri n’akamaro.
Mpora nibaza rero ikintu mariye Abarundi kugeza uno musi, nimba narananiwe kubahuza kandi ari co nari nashiriweho. Ndi ikibanza c’iratiro gisanzwe ? Icibutso c’ubumwe butariho kandi butahigeze ? Canke ndi icibutso kidasanzwe c’ivyo Abarundi barota gushikira ? Nimba koko ntoba ndi icibutso cibutsa Abarundi kubana mu mahoro n’ubumwe, kuki bama bagira ibirori nk’ivyo bagiye kungirira ku wa 5 Ruhuhuma ?
Ubumwe mubarundi buzoboneka abahuye namakuba yintambara Bamako hamwe nimigambwe batakiri benshi