Haraheze neza na neza umwaka mu Burundi habaye amatora. Umuntu yaja mu kazu k’itora rimwe, mugabo akavayo atoye umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abahanuzi ba komine. Hari ku wa 20 Rusama 2020. Ico gihe, nk’uko vyama no mu bindi bihe vy’amatora, haraba amajambo, mashasha canke yahahora, aguma akoreshwa cane. Ng’aya amwe yakoreshejwe cane n’insiguro yayo.
Samuragwa
Muri ico gihe, ijambo Samuragwa ryaravugwa cane. Ryavugwa n’abato, abakuze, abanyeporitike, n’abandi. Umugambwe wari ku butegetsi ico gihe, ni na wo uramutswa igihugu n’ubu. Mw’ibarabara, ryari ryahindutse icitabirizo c’indirimbo. Iryo jambo rikomoka ku rivuga kuraga, rica rigobotorwamwo kuragwa, rifise insiguro yo gutorana. Iryo ni ryo rikomokamwo izina Samuragwa, risigura umuntu arazwe. Iryo rikaba mu Burundi risanzwe rikoreshwa bavuga uwutoranye ubukuru mu muryango iyo serugo yitavye Imana.
Ariko mu myiyamamazo yo mu mwaka uheze, vyasigura ibindi. Kwari ukuragwa ubutegetsi. Hari n’abatangura kwibaza nimba igihugu gisigaye kihanahanwa nk’akantu k’umuryango. Ariko ico gihe ibibazo nk’ivyo si vyo vyari bihambaye.
Birashoboka
Iryo jambo ryakoreshejwe na babiri mu bahiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu. Twarisanga mu ruhande rwa Gaston Sindimwo yaserukira umugambwe Uprona, ryanditse n’irangi ritukura. Iryo nyene ryakoreshwa na Evariste Ndayishimiye yaserukira umugambwe CNDD-FDD, ryanditse n’irangi ryirabura. Iryo jambo ryaguma rivugwa cane, bigatuma icizere c’uko amatora yo mu mwaka uheze yozanye ivyiza mu Burundi congerekana. N’ubu kiracahari.
Iryo jambo ryari ryanakoreshejwe mw’isekeza ryakozwe na Think Tank, rigamije gusaba kworoherezwa kw’abakeneye gushinga inganda zabo ngo bitunganirize imigambi.
Uwigenga
Iryo jambo ntirimenyerewe cane mu matora yo mu Burundi. Bari barabayeho no mu matora yo mu myaka iheze. Aha twovuga nka Antoine Nteziryayo yagira yitoze mu 2010 ariko abihebera hagati, Audifax Ndabitoreye mu 2015 na we nyene bitakunze ko yitoza, uwahoze arongoye igihugu Sylvestre Ntibantunganya yagira yitoze nk’uwigenga kw’izina rya “Gira Ijambo”, akabikora arahira ko atazopfa avuye mu mugambwe Frodebu.
Ariko aho abitoza bashika mu matora nyezina ndetse bakayarangiza vyabaye mu 2020 ubwa mbere. Ijambo uwigenga rero ryarakoreshejwe cane mu kuvuga Francis Rohero, yatanguje ishirahamwe Orange na Dieudonne Nahimana, umupasitori arongoye ishirahamwe New Generation. Ico gihe abantu benshi baguma bibaza nimba koko abo bigenga bafise amahirwe yo gutorwa mu Burundi.
« Imperekeza »
Iryo jambo ryo si irya vuba. Ryatanguye gukoreshwa mu myaka y’2010. Ryakoreshwa bagomvye kuvuga abantu baja kwitoza ariko bagiye gufasha uwundi bashaka ko kwitoza kwiwe kwemerwa. Bobo bakagenda batagiye kwitoza vy’ukuri. Mu matora yo mu 2020, ingingo ya 97 y’ibwirizwa shingiro rishasha yaratumye atari benshi bemererwa kwitoza ariko iryo jambo ryagumye rikoreshwa. Haciye haboneka inani n’imigambwe iherekeza bahamagarira abanywanyi gutora uwo bazi ko atowe vyobagirira akarusho,
Ng’ayo amwe mu majambo yakoreshejwe cane ico gihe. Yari amajambo akoreshwa mu buzima busanzwe ariko amaze gukoreshwa muri poritike, abantu basigara bayakoresha baharuye kuko ahandi ho vyobabana ibindi.