article comment count is: 0

#AbapishiBugariwe: ikibazo kigoye cari coroshe

Ni ko imyidogo yarabayeho, ingingo zirafatwa ku neza y’ingo zasambuka bikagirizwa abapishi boba bigarurira abaroyi. Icakurikiye, ni amarira, inzara n’ubukene bwinjiye mu miryango y’abo bapishi. Ariko none hari habuze izindi ngingo zari gufatwa kugira abo bapfasoni babandanye bakora, ubona ko ako kazi kabo kari kabafitiye akamaro kanini ? 

Ego kurenga ibigo biratera ingorane mu miryango, ndetse no mu gihugu. Ariko kubabuza gukora na vyo, umenga vyateje ingorane zisumba izo abapishi bari bateye, kanatsinda nk’uko bavyivugira bo nyene, si bose bashurashura n’abarovyi.

Abapishi birukanywe mu kazi kabo vyarabonetse ko mu miryango yabo bitoroshe. Bamwe abana babo ntibaciga, abandi na bo bari basanzwe ari abapfakazi, mu miryango yabo vyarayangaye. 

Abapishi ni Abarundi nk’abandi. Bafise imiryango baturukamwo kandi kubera akazi bakora, bahora bayisahiriza. Nka ko, muri iki gihe, ntivyoroshe ko umugabo atunga umuryango wiwe wenyene. Ivyari i magera vyarageruye. N’abakurambere barayamaze bati ‘’Tubiri tuvurana ubupfu’’. Umwe azanye uwundi akazana vyaca bigenda neza.

Kimwe mu bituma agateka k’abakenyezi kubahirizwa, ni ukubaronsa akazi bakagira amikoro, ni ho abagabo batahura bakongera bakabona koko ko umukenyezi ashoboye, bagahera aho bamwubaha kandi bamwubahiriza. 

Hakize kamwe hapfa akandi

Mbega aho kubirukana, iyo bagerageza kubashira mw’ishirahamwe  maze bakagira uburiro rusangi kuri buri mweha, hamwe ata murovyi yihereranya umupishi umwe umwe ntivyari kuba vyiza gusumba? Nimba ubushurashuzi, ari yo mvo yonyene, bakorera hamwe bakagira ababaserukira hagati yabo nyene bahumuye babakurikirana, vyari gutuma ubwo buhumbu buhera. Nta nkeka ko vyari kuba vyiza gusumba, na canecane ko nk’abapishi bo ku mweha wa Rumonge bari bafise ishirahamwe ryabo. 

Mbega hoho, nkubu uwunyonga ipikipiki canke akora akandi kazi akoze ibidakorwa boca babuza abanyonga amapikipiki bose gukora akazi kubera umuntu umwe yabaye gito ? Kwoba ari kurenza urugero kandi vyonatera ingorane kuko nta guhanira mu kivunga. 

Ubusambanyi burahanwa n’igitabo mpanavyaha. Hari gushengezwa abagirizwa ubuhumbu mu butungane bakareka abandi bagakora.   

Imiziro na yo ngo ba !

Tubajije ko ata mukenyezi w’umurovyi ahari abagabo baratwenze baruma ngo nta mugore aroba kirazira. Kizira iki ? E mama, ngo ni akazi gasaba inguvu nyinshi. None nta bagore basumvya inguvu abagabo bahari ? Ego data reka dufate ko bigoye ko umukenyezi yorobesha turya twato dutoduto. None nk’iyo biyumvira kubashira hamwe bakabaronsa imitahe ikwiye na bo bakagura ibipe kurya kw’abagabo, hanyuma bagakoresha abagabo bobo data imigenzo yemerera kuroba, ubwo ntivyari gusumba kubabuza? Erega bisa nko kubabohera amaboko i mugongo.   

Hari kurobwa amafi menshi gusumba, kandi igihugu kuhungukira kuko bari kuriha amakori. Kira noneho n’imiryango yabo yari gutoha ikava mu bukene igashikira iterambere rirama. 

Biravugwa ko ushaka gufasha umuntu ntumuha ifi ahubwo umwiza kuyirobera. Abakenyezi b’abapishi babimye ifi babima n’amahigwe yo kuroba. None bazoba aba nde ? Abafashe ingingo barakwiye kwishura iki kibazo, kuko kubuza abapishi gukora kandi abarovyi bobo babandanya kuroba, bisa no kubakumira kubera ari abakenyezi. Ivyo na vyo nta ho bitaniye na ya mabi afatiye ku gitsina abakenyezi bahura mu buzima bwa misi yose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion