article comment count is: 0

#AbapishiBugariwe: “abaterekwa” ni bo bahatoreye akoyokwe

Si agaseseshwarumuri ko abarovyi bama bakeneye abantu babategurira imfungurwa bafungura iyo bavuye mu kiyaga. Kukaba nka ko, baza barushe, bashonje kandi banyotewe, batoshobora kuvyitegurira bo ubwabo. Ni co gituma rero naho abapishi bari bahejeje kubuzwa kudandaza, haciye haza abandi bakora uwo mwuga nyene, abitwa abaterekwa. Babibayemwo bate ? 

Abarovyi babonye abapishi babujijwe kubandanya umurimo wabo, babona ko “bitagiye kworoha ko babandanya baroba bongera bitegurira ibifungurwa”. Ni ko guca bafata bamwe mu bariko bariga uwo mwuga babasaba ko bosubirira abo bakenyezi. Abo na bo baca bafata uwo mwuga bitwa “abaterekwa”. Uretse ko na bo nyene rimwe na rimwe usanga baja mu mazi kuroba, ngo ntivyashotse biborohera kurangura uwo mwuga wagenewe abakenyezi.

Umwe muri bo tumusanze ariko arategura ibifungurwa yivugiriza agahwa. N’akamwemwe kenshi aguma yihekenyera utudagara twokeje. Yatwiganiye ati: “Jewe natanguye kuza ngaha ku kivuko ndi umwana muto. Naza kunobera imboga ariko mu nyuma nza kuja muri Tanzaniya gupagasa. Ngarutse ni ho natangura gushaka kwiga uburovyi”.  

Ariko kubera yasanze abakenyezi bahora bakinjikira abarovyi barahagaritswe yaciye ahitamwo kuba arakora umwuga wo gutekera abarovyi kandi ngo uramutunze akaba yizera ko uzotuma nawe yubaka urwiwe. Hirya gato, abandi basore babiri bariko barategura imfungurwa na bo nyene bakaba ari abasanzwe bari ngaho ngo bitegurire kuronka uruhusha rwo kuja mu mugwi w’abarovyi. 

Agahembo gute ?

Nk’uko tubibwirwa n’abo basore, igipe kimwekimwe cose gifise umuterekwa waco, ariko akenshi hari aho usanga hari abakoresha abaterekwa babiri bivanye n’uko bafise ibipe vyagutse. Aho rero abo basore baca baja barakuranwa gukinjika kandi bakuranwa no kujana n’abarovyi mu kiyaga. 

Ku bijanye n’agahembo kabo, nta cahindutse cane ugereranije n’ukuntu abapishi bahembwa. Umwe akatwiganira ati: “Iyo bavuye mu kiyaga baraduha imboga? Zimwe ni zo tubategurira izindi tukazigurisha tukikenura”. Kubera muri abo hari abasanzwe bubatse izabo, abo barovyi baranabahemba amafaranga bivanye n’umwimbu baba bakuye mu burovyi. Ariko ahanini iyo uburovyi bwagenze neza bashima ko babaha imboga nyinshi kuko ari ho bashobora kuzidandaza bakaronka akanoti gatubutse.

Barabana ay’ingwe

Abo basore naho bo bashima akazi bakora kandi na bagenzi babo b’abarovyi bakaba ata ngorane bafitaniye, abakenyezi bahora barangura uwo mwuga akenshi iyo baje aho ku mweha babaraba nabi. Bagira bati: “Abapishi baraza bakatwigenzako batubwira ngo twabatwaye akazi, ngo twashize abana babo mw’ibarabara. Bavuga ngo tubicishije inzara kandi natwe tutari mu bafashe ingingo yo kubahagarika”

Ku kibazo c’uko hamwe bokwemererwa gusubira gukora ataco vyobatwara, bavuga ko bo bashima kwikorana bo nyene. Ku bijanye n’imigenzo mibi abo bakenyezi bagirijwe, David Kantungeko asanzwe ari umuterekwa avuga atarya umunwa ko hari hamaze kwibonekeza ko kari abapishi batagenzwa na kamwe. Agira ati: “Hari abatari bake bari baramaze kwifatira mu minwe abarovyi gushika naho n’iyo ikiyaga cugaye abarovyi batari bakija kuraba imiryango yabo kuko baca baguma mu ngo zabo bapishi”. Hari abavuga ko n’abagabo b’abo bapishi ngo nta jambo bari bagifise mu ngo zabo, kuko abagore babo wasanga babasumvya amahera bakura muri abo barovyi.

N’ubwo abapishi basaba gusubizwa umwuga wabo, ababakoreye mu ngata bo bavuga bati reka natwe dushikirwe. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion