article comment count is: 0

Inyuma y’imyaka 44, abahoze bitwa abagererwa baraciruhutsa

Kuwa 30 ruheshi 1977, ni ho Reta y’Uburundi yasohora itegeko rifuta ubugererwa. Abari abagererwa ico gihe bariruhukije. Baratubwira ubugererwa ico ari co n’ukuntu bari bayeho. Umugererwa yafatwa neza canke nabi bivanye na shebuja.

Ubugererwa yari amasezerano yari hagati ya nyene itongo yitwa shebuja, n’uwusaba itongo, yitwa umugererwa. Muri ayo masezerano shebuja yaha itongo umugererwa. Uwo na we akaryubakako, akaririma, akaharongorera, eka mbere akahavyarira.

Itegeko ryabakuye urusyo kw’izosi

 Umugererwa na we yiyemeza ko azokorera shebuja n’uruvyaro rwiwe, canke akamuha igice c’ivyo yimbuye. Yategerezwa kumugamburukira igihe cose amwikozeko. Erega n’uruvyaro rw’umugererwa rwabandanya rukora ivyo se canke sekuru yahora akora. Sebuja yarashobora kwirukana umugererwa igihe cose ashakiye, iyo atagikora neza ivyo yiyemeje canke atakimugamburukira. 

Yohana, umutama w’imyaka 77 aba mu mu ntara ya Muramvya ati : « Uyo munsi iryo tegeko risohoka, wari umunezero mu muryango. Kuko twari tumaze imyaka myinshi turi abagererwa. »

Amenyesha ko aho hambere udafise itongo ata jambo waba ufise. Umugererwa yumva umengo ni kavantara. Vyarababaza cane kandi umugererwa yamana ubwoba. Akagira ati: “Umutima wama uhagaze kuko twaguma dutinya ko databuja atwirukana. Kuko ntitwaba dufise iyo tuja.” 

Nya mushingantahe avuga ko yategerezwa gukorera uwamuhaye itongo. Kandi igihe cose amukenereye yategerezwa kuja agamburuka. « Nategerezwa kuja gukora mu mirima yiwe kabiri mu ndwi. Iyo nimbuye naratekera nkamugenurira.» 

Abagererwa bararuha

Nta nkeka ko vyabaruhisha, kubera ko bakora irya n’ino kugira ngo bace aho baba, bongere bibesheho. Birumvikana ko bari abakene kuko ngo hari aho bategerezwa guca ingero kugira ngo bashobore kuronka utwo bafungura, banagaburire abana. 

Ntahondi afise imyaka mirongo itandatu. Se ngo yari umugererwa. Akavuga ati: « Uwo musi sinzokwigera ndawibagira. Igihe iryo tegeko ryasohoka niga mu mwaka w’icenda. Ndibuka ko umugenzi twigana yambwiye ngo itegeteko rirabakuyeko agakengerwe! »

Amenyeshako se yari yaramwiganiye amamuko yiwe. Icamubabaza ni uko yasanze, kuva kera umuryango wiwe wamye ari abagererwa. Baguma bimuka basaba ubugererwa. 

Kubaho utumva wisanzuye…

Uyu mugabo amenyesha ko kwitwa umwana w’umugererwa vyababaza kandi barabitukwa kw’ishure. Bakura bazi ko ataco bamaze kandi ataco bazovamwo.  Ati: «N’ubu ntibirahera abantu baracavuga ngo urya ntaco dupfana naho tubana kandi tukagenderanira. Sekuru yari umugererwa w’iwacu. » Avuga ko n’iyo bishitse mukaburana mupfa akarimbi, akajambo k’uko wari umugererwa barakagucumita. 

Uwitwa Bukuru na we amenyeshako mu muryango wabo hari abagererwa. Icazira kikaziririzwa, ngo kwari ukumufata nabi, ati: «Twakuze tubabona kandi abana babo twarakuranye. Twarakina, twarasangira. »

Uyu mukurambere amenyesha ko abavyeyi biwe batigeze bakengera abagererwa. Se yababwira ati: « Aba ni ababanyi kandi ni abagenzi ba sogokuru. Kubera ubucuti, twarabahaye aho baba. Na bo baradufasha kurima n’ibindi. »

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion