Abarundi benshi ntibazi insiguro y’izina ry’igihugu cabo. Ariko, hari imigambi yo gutohoza inkomoko n’insiguro vy’iryo zina “Uburundi” yakozwe mu myaka iheze. Tuzirikane ivyamwa vyayo.
Ku bwa Gertrude Kazoviyo, umwigisha mu gisata c’Indimi n’Amayagwa vya Afirika muri Kaminuza y’Uburundi, ijambo “Uburundi” ryoba risigura umugwi w’ubuhugu butobuto bwegeranirijwe hamwe.
Izina “Uburundi” ryoba rikomoka mu rivuga ry’ikirundi, “kurunda”, risigura kwegeraniriza hamwe. Bikumvikana ko ivuka ry’igihugu c’Uburundi ryashobotse inyuma yo kwegeraniriza hamwe ubwo buhugu butobuto. Uwo mwigisha akaba abwita “Uburundo bw’ingoma”.
Nk’uko abandanya abivuga, ku ngoma ya Ntare Rushatsi Cambarantama, uwo tuzi nka Rufuku rwa Ntare rwafukuye Uburundi, uwatunganije igihugu mu kinjana ca 17, igihugu c’Uburundi cari kigizwe n’intara za Muramvya, Gitega, Ngozi n’igice ca Rutana. Akavuga ati: “ Izo zatwarwa n’abatware, harimwo Nyaburunga yamenyekanye cane”.
Ivyandiko bivuga kuri kahise k’Uburundi, kw’ivuka ry’ico gihugu, ntibija kure y’ivyo uwo mwigisha avuga. Vyinshi bihuriza ko: “ Uburundi bwa Ntare Rushatsi bwari bugizwe n’akarere ko hagati na hagati mu gihugu, ni ukuvuga intara kama za Mugamba, Kirimiro, Bututsi na Nkoma”.
Uwo mwami, nk’uko bivugwa n’uwo mwigisha, yaranesheje abo batware b’utwo duhugu twigenga, maze aratwigarurira twose. Mu nyuma, ni ho yaca atwegeranya atugira igihugu kimwe. Igihugu citwa Uburundi kiba kiravutse.
Imiryango yegeranirijwe hamwe…
Mu gihe umwigisha Kazoviyo avuga ko atemeza ijana kw’ijana ko iyo nkomoko ari yo, umwigisha Denis Bukuru wewe arayishimangira. Avuga ko : “ Izina Uburundi ryoba rikomoka kw’ijambo risigura “kwegeraniriza hamwe”, ridasigura gusa “kwegeraniriza hamwe ubuhugu butobuto” ( uburundi bw’ibihugu), ariko risigura kandi “kwegeraniriza hamwe imiryango”, “uburundi bw’imiryango”. Vyumvikana ko “Uburundi” atari igihugu (ku bw’imenyesha ntara) gusa, ahubwo risigura n’abanyagihugu baba muri ico gihugu.
Uwundi mwigisha akorana n’abo duhejeje kuvuga aho hejuru, we ntabibona uko. Muri make, avuga ko ijambo “Uburundi” rifise insiguro “yihishije” ku buryo vyogorana gutora insiguro yaryo ya mbere.
Agasaba ko ivyo abatohoji bose bamaze gutora vyoshirwa ahantu, bikabanza bikigwako neza. Akabisigura avuga ati: “ Amazina y’ibihugu kenshi usanga afatiye ku nsiguro yibonekeza cane, ugasanga ni insiguro yihishije; nk’uko biri kw’izina Uburundi”. Ku bw’uwo muhinga, izina “Uburundi” ryacitse ikimenyetso, imparati ikoreshwa mu kuvuga ahantu, igihugu.
Kukaba nkako, Uburundi ni igihugu, aho kahise gahererekanywa biciye mu mvugo (ikiyago); ari naco gituma bigoye kumenya insiguro y’ukuri y’iryo zina. Ivyo bikaba bitumwa n’uko mu Burundi ata “bibutsa” babayeho, nk’abari bashinzwe kuguma bibutsa akahise no kubihererekanya ku runganwe ku rundi mu bihugu vya Afirika y’uburengero.
Ni co gituma abahinga mu vy’indimi n’abahinga mu vyigwa vy’akahise bari bakwiye gukorera ubutohoji hamwe. Intererano ya bamwe bose muri ivyo bisata yotuma turonka insiguro y’izina Uburundi yemejwe na bose, yokwigishwa hose mu gihugu.
Nimba « uburundi » rikomoka murivuga « kurunda », hama rikaba risigura umugwi w’ubuhugu butobuto bwegeranirijwe hamwe, bwari kwitwa « uburundo? »
But it would be false. I’d rather have it as is so Burundians can interpret rather than believe what we’re told by these historians. Some things don’t need definitive meaning rather how Burundi is today. Unless Cambarantama yasize ivyandiko vyiwe, niho vyokwemerwa neza na neza.
Jew mfatiy kunsiguro abo batohozi babiri bambere bavuze,izina ry’igihugu cacu riratomoye kuko rihwanye nururimi risanzwe rifise,rikongera rigahwana na kahise.
Vous devriez faire des version fançaise de vos articles en kirundi et vice versa.
Ndabashimiye cane none mwohwanya gute ijambo uburundi n’ijambo ku murundi ko turisangiye n indimi zimwezimwe duhanye imbibe
Ayo matohoza mwakoze arafis akamara na njewe nahora niyumvura kunsiguro « uburundi » hama abo bigisha babibi ndemerenya nabo pe. Murakoz cane
Nta sano riri hagati y’izina « uburundi » na urundi-rwanda ko habavuga ngo uburundi bwari urundi rwanda(canke urwanda rundi, urwanda rugira kabiri ko twari tunahururiy kuri vyinshi n’urwanda)
Ivyo bivuga ko izina « Burundi » ryavuye kuri Rwanda-Urundi si vyo na gato! Abize kahise k’akarere k’ibiyaga binini, u Burundi bwamye bwitwa u Burundi kiretse ku ntwaro y’abera hagati y’impera za 1890 gushika muri 1962. Muri make, abera basanze u Burundi bwitwa u Burundi.
Ivyo bisigura ko iyo mvugo ya « Urundi » atari iya kera! Ahubwo yazanywe n’abera kubera mu myaka batwara u Burundi n’u Rwanda, batwarira ivyo bihugu (ubwo bwami) hamwe. Hari abashimangira ko abera bahisemwo gukoresha « Urundi » kubera badashobora kuvuga « B » yacu neza.
Gusa rero, iyo mvugo y’uko u Burundi ari « urundi Rwanda » n’imvugo ikoreshwa cane n’abavandimwe bacu bo mu majaruguru: Vyatanguye ari nk’inkuru (nyuma y’umuzo w’abera) none ubu abantu benshi baravyemera nk’aho ari ukuri…
Ego nivyo kbx
Ndashima izo nsiguro zanyu ntimubeshe nanje nagire muzonsigurire izina domitien
None Ubu naho babwita ngwiki? (igihuhu ciganjemwo igiturire,ubukene ninzara,akarenganyo,agahotoro nagatotezo!!!!!!!
Mfatiye kuvyo umwigisha w’ambere yatohoj mbeg uburundi kugira bwitw uburund vyavuy murutwo duhugu? K tuzinezek uburundi bwari bumatany nurwanda kuberi uburundi bwitwa urundi sikubera cari igihugu kimw nurwanda? Impamv jew nibaz nuk uburund bwisw uburund mugih bwari buvany nurwand ah bitandukaniy ivy nivyo jew nibaz arik vyiz kugir hatangwe insigur nziza kand imw nuk abahing bos bokwegera hamw bakig insobanuro yigihugu cacu bakazoduh insigur imw itomoye
Ayo matohoza siyo u Burundi bwanyaburunga bwariho imbere yuko Ntare yegeranya utwo tu royaumes.
rishobora kuba ryari izina ry’umuntu
Burundi na Burunga biregeranye amatohoza yogirwa kuri Nyaburunga
TURABASHIMIRA KUNSIGURO MUTUGEZAHO