Haraheze imisi duhimbaje umusi Uburundi bwaronswa intahe y’ukwikukira. Imwe mu nsiguro y’iyo ntahe ni uko igihugu gikomorerwa uburenganzira bw’ukwishira n’ukwizana mu gutunganya ivya co. Imwe mu nkingi z’iyo ntahe, naho nyene ab’ubu tutabizirikana, ni ururimi kavukire: Ikirundi. None, inyuma y’imyaka 58 turonse iryo teka, ururimi rwacu rwifashe gute? Twebwe ba samuragwa b’iyo ntahe, turiko dukora iki ngo ntiduhemukire kimwe mu vyabijije akuya sokuru? Ido n’ido ni muri runo rukurikira rw’ibisomwa: #UrwegoNshingwaKirundi.
Nk’uko bimenyeshwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’indero Unesco, imicokama ifise ikibanza ntasubirizwa mw’iterambere ry’ibihugu. Iyo nayo, umugende uyisasagaza muri bavukabihugu ni ururimi. Vyumvikana ko, iyo igihugu gitakaje ururimi kavukire, kiba gitakaje cane umurindi w’iterambere gishobora kuba cofata.
Hano iwacu mu Burundi, twarahiriwe. Aho uko intwaro za ba kavamahanga zateye ibindi bihugu gutakaza indimi zavyo, maze bigatorana ururimi rw’umukoroni, tweho twararusimvye. Naho nyene indimi mvamahanga twazisigaranye, Ikirundi cacu cagumye gifise ikibanza ca mbere. Maze, inyuma y’ukuronka intahe y’ukwikukira, indongozi z’Uburundi zarashizeho urwego nshingwakirundi. Hari mu ntumbero yo kuzigama iryo tunga ridasubirizwa.
Twarinjiranywe
Mbega yemwe! Ni nde yahenze Abarundi ngo “ukwitaho Ikirundi ni isubiranyuma?” Ni nde yaturoze, akadutera gutakaza akanovera k’ururimi twonse mw’ibere?
Sokuru ati: “uta akaranga, ukaba utaye akabanga”; aho bigeze mu gihe ca none, ukumenya izindi ndimi, maze ukayoberwa burundu ururimi kavukire, bisigaye umengo ni bwo butore, ni ryo terambere. Ugasanga n’uwugize ngo arakimenye, akivanga cane n’izo ndimi mvamakungu, e mama ngo “Ikirundi kiragoye”, ahandi ngo “kirakenye”.
None, ni caba kigoye, abo kugitahura kurusha abandi bazoba bande, atari twebwe nyene bene co? Ni caba gikenye naho, bene kugitungisha ni bande, uretse twebwe twakirazwe? Erega, “Aka muntu kamara iyagwe”. Vyongeye, n’aho worara uriga indimi mvamahanga, ntuzoba umunyamahanga gusumba bene amahanga. Mbaye wa Mufaransa ngo “ugusibira mu mazi ntiguhindura igiti mu ngona”.
Hindukira !
Aho hambere hahise, bitewe n’umutima w’ukuzigama n’ugutsimbataza intahe y’ukwikukira, indongozi zari zarashizeho urwego nshingwakirundi. Akamaro n’inyubako vyarwo, tuzobica mu mizi muri runo rukurikirane rw’ibisomwa.
Ariko uyu musi, haba mu mashure, mu bikorwa vya Reta n’ivy’abikorera utwabo, ntaho uzokumva mu matangazo y’akazi canke y’inyigisho bavuga bati: “kumenya neza ururimi rw’ikirundi ni akabirya” kugira urangure neza imirimo. Vyumvikana ko ata wuriko aritaho kuzigama no guteza imbere urwo rurimi rwacu.
Mbega none, ubwo icotubera ciza, ntikwoba ugukunda Ikirundi, noneho tukagikundisha n’abandi? Muti: “vyomara iki ? Vyogenda gute ? Vyokorwa na bande ?” Inyishu kuri ivyo bibazo vyose n’ivyo mutari muzi kumbure, mu buryo buramvuye, ni muri runo rukurikirane rw’ibisomwa tugiye kubashikiriza.
Jewe birambabaza caaane rwose iyo umushikiranganji agiye i Kigobe gushikiriza ingingo zirya na ziriya imbere y’abashingamateka hariya i Kigobe, HANYUMA UKUMVA BOSE BAVUGA MU KINYAMAZURU/GIFONOFONU KANDI UMUNYAGIHUGU ASANZWE URWO RURIMI ATARWUMVA NAMBA!!!
Jewe mpora nibaza ingene nk’umurundi ubu yoba afise imyaka 28, LERO YAVUTSE IMYAKA 30 YOOSE UBURUNDI BUMAZE KURONKA INTAHE YO KWIKUKIRA, KANDI ATIGEZE ABA HANZE Y’UBURUNDI, UBU ASHOBORA KUBA ATAVUGA/ATAZI IKIRUNDI.
NONE UWO MUNTU YOVUGANA N’ABANYAGIHUGU GUTE mugihe vyomusaba kurondera akazi muri leta canke mw’ishirahamwe ryose ryigenga akarungikwa gukorera nko muri commune jewe nturukamwo.
NONE NTIMUBONA KO KUTAMENYA IKIRUNDI BISHOBORA KUBERA INTAMBAMYI NINI KU MURUNDI W’URWARUKA RW’UBU?
Birabaje ukuntu abarundi bamwebamwe umengo ntibitayeho ivy ururimi kavukire🤦🏽♀️twari dukwiye kucijukira nyabuna kugira ntikize kizimangane
Ikirundi cacu kiriko kiratakaz uburemer kuk n mu buzi ntakibanza gifise bose barondera abazi izind ndimi,kuber nikirund kidakoreshw rer mubuzi ntawubon k ari ngombw kuciga nih bavuga niteranyuma,kuko ntakamaro atari munyigisho zamashure ntahand gikoreshw
Birababaje caaane, kubona ikirundi cacu kugiye kuzimangana.