article comment count is: 8

#UrwegoNshingwaKirundi : twaratewe ntitwabimenya

Uko iterambere ridushwara, ni ko habaho n’imvugo ijanye na ryo. Hatabonetse urwego rwoza gufasha gusubiza ijunja n’ijambo ururimi rwacu, nta kabuza turarubura iyo twarubonye, ruhinduke uruvange. Uno musi, amajambo mvamahanga asigaye akoreshwa nk’Ikirundi ashishikara kugwira mu biyago vya misi yose. Twihweze amwe muri yo.

Muri iyi myaka 20 iheze, nko mu bijanye n’ihanahana ry’amakuru, ubuhinga bwarateye imbere cane gushika aho bumwe mu buryo twahora dukoresha buzimangana burundu. Aha novuga nko kwandikiranira amakete ; abarutse ubu bavyumva ku matwi. 

Ubwo buryo na bwo bwugururiye imiryango ayandi majambo atari ay’Ikirundi asigaye akoreshwa mu mvugo ya misi yose. Aha novuga nk’amajambo “connexion” “réseau” “internet” ama “unités” n’ayandi. Mbega ko ayo majambo ashishikara kugwirirana mu buzima bwa misi yose, ingaruka mbi bifise ku rurimi rw’ikirundi ni izihe?

Akanovera karatakara

Mu mwihwezo nakoze ku bantu cumi nasavye batore ijambo ry’Ikirundi twokoresha mu kuvuga  connexion, inyishu bampaye ziratwengeje cane. Bamwe ngo ni konegisiyo, abandi ngo ni umuvuduko ngurukanabumenyi, abenshi na bo bemeje ko ritabaho. Ivyo vyose rero nkabona ko ari ibigaragaza ko ururimi rw’Ikirundi rugeramiwe.

Ntitwoja kure cane. Hari amajambo y’Igifaransa duhindura ay’Ikirundi mu gukwegerako. Nk’uturorero, “facture” twayihinduye fagitire, “quittance” nayo igitansi, “taxe” tuyita itagisi, “bus” tuyigira ibisi, n’ibindi vyinshi. 

Ariko, ivyo vyovyo vyapfuma, kuko ugutirana hagati y’indimi kuremewe, na canecane iyo zivugwa ahantu hamwe. Ariko rero, navyo birafise amategeko abigenga. Ni ugutira bikwiye, ijambo rikava muri urwo rurimi, maze rigafata inyubako y’urwo rurimi ruritiye. Nko mu Kirundi rukagira inyitangizo, itsitso na karangura. 

Agahomerabunwa

Hari utujambo twamaze kuba nk’Ikirundi, ku buryo n’uwutize usanga adukoresha. Aha twovuga nk’amajambo verema (vraiment), donko (donc), kameme (quand même) n’ayandi. Hari iyindi ngendo iteye isoni yamaze kutwinjirana mu gihugu cacu. Tugafata ijambo ryiza ry’Ikirundi ryokora mu kibanza kanaka, ariko ugasanga turisubirije n’irindi rivuye mu ndimi mvamahanga. Ivyo kenshi biza iyo umuntu agomba kwiyemera ku bandi ko yize.  

Nk’uturorero: aho kuvuga ku vy’ukuri, tuvuga vreuma (vraiment), mbabarira tukavuga sorry canke pardon, wanashaka  tukavuga d’ailleurs, n’ayandi. Abakundanye aho kuvuga ndagukunda bakavuga  I lov U canke J t’aim ; utundi tujambo tw’urukundo turyoheye ugutwi mu Kirundi nka kirezi canje, rubavu rwanje, rukundo, maso nk’inyana, kazuba gaserutse, … bakadusubiriza n’ayandi akomoka mu zindi ndimi  nka darling, sweetie, honey, … ; .hari n’aho bakoresha ayasigura ibindi mu mico y’Abarundi. Nko kwita umwigeme ukunda ngo ni chouette kandi tuzi ko igihuna ari igikoko gitera imikoshi mu Burundi.  

Mu gihe vyoguma uko, uko imyaka izohera, dushobora gutakaza Ikirundi cacu, tugasanga dusigaye twivugira Ikirundi gike kivanze n’amajambo menshi y’indimi mvamahanga. Ata gikozwe, tuzosanga na gike cavugwa giherengeteye burundu.

Mu vy’ukuri, dukwiriye guha agaciro Ikirundi mu kukivuga tutakivanze n’ikinyamazuru; n’aho bigoye. Abavyeyi, na bo bakagerageza gukundisha abana babo ururimi rwacu mu kubacira imigani, mu kubigisha ibisokozo n’ibindi biranga amayagwa y’Ikirundi. Na yo Reta ikihutira gushiraho urwego nshingwakirundi, rwo rwofasha bikomeye mu guteza imbere no kunagura  urwo rurimi, maze amakemwa rufise agahera burundu. 

  

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (8)

  1. Murakoze cane.je ndiko ndihweza ingene dufata ururimi rwacu ndumva n’ubwoba kuko mumyaka mikeyi ruzozimangana burundu.aha notanga akarorero mfatiye kubiyago hagati y’abantu bize aho usanga bariko barayaga mukirundi badashobora kuvuga amajambo cumi batavanza n’ayandi mvamahanga.ikindi naco wihweje ingene no muri kaminuza ikirundi baciga mururimi rw’igifaransa uca ubona ko ikirundi kikibuze abacitaho.ariko rero dukwiye kurugarukira kuko « uwutaye ururimi aba ataye akaranga »

  2. haha. Ngo kwita uwo ukunda igihuna kandi gitera umukoshi. Uranyishe! Ariko uvuze ukuri kwuzuye. Ndibuka iwacu abantu bumvise igihuna mu gicugu baravyuka kucamira. Ahandi ho bagira ngo kije kudutega urupfu. Ca wumva rero, umugani wawe, ugiye kwita uwo ukunda ngo « gihuna ». Ntidutahura n’ivyo tuvuga ngo dufatire no ku mico yacu. Kugarukira imvugo rero ni no kugarukira iyo mico n’akaranga. Urakoze.

    1. Kumenya indimi nuko dutahure nukuntu tuzivuga rumwe mumwanya wagwo.mbe ntaco twokwibaza mugire dukoresheje amajambo yicongereza canke igifaransa turikumwe nuwutazi gusoma nokwandika nkakarorero?

  3. Muvyakuri ikirundi gikwiye kugarukirwa kuko biramaramaje.kubwivyo mwofasha abo Bantu bakoresha amajambo mvamahanga kuyakoresha mukirundi.erega abo mwabajije insiguro yijambo « connection » bikanka mwari guca mubasigurira gutyo bakoroherwa.gira amahoro.

    1. Jewe ahubwo ndumva muntangaje cane!! Mbese ko mutuzingira kuri ico kirundi, iyo muroye za Europe na Amarica ikirundi ni co mu bwira abazungu, ahubwo urwaruka rw’uburundi sachet nibave kumaso bamenye cane Anglais et Français. Sinon, ibibintu ngo ni akaranga tuzohava dusanga navyo harimwo quelques traits et tricks de la colonisation indirecte par nos frères et sœurs intellectuels. Shalome !