article comment count is: 5

Umugera w’igitigu w’ubwoko B : abenshi barawugendana batabizi; weho ?

Igenekerezo rya 28 Mukakaro uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya indwara y’igitigu yitwa Hépatites mu Gifaransa. Ni indwara ikomeye, kuko ihitana abantu itarinze no kwibonekeza, uwuyirwaye akaguma ayigendagendana. Hano, uwugendana iyi ndwara ya hepatite iterwa n’umugera B aradukebura, abicishije muri iyi ntahe yiwe.    

Maze imyaka 42 mbonye izuba. Navukanye umugera w’igitigu wo mu bwoko bwa B. Abanje, mpereye kuri data, datawacu, senge, mukurwanje n’abandi benshi bahitanywe n’indwara y’igitigu. Maze kubwira abantu benshi cane ko bokwipimisha canke bakegera abaganga, bakabafasha kugira bamenye uko igitigu cabo cifahe, ariko sinumvirwa.

Uwo mugera ngendana, uretse ko wanyambuye bamwe mu banje, narabonye ukuntu ari indwara izi kwiyorobeka, ikakubozora, ugasanga waraheze wibaza ngo urakomeye.  Ni co gituma nubahutse kubivuga, kubera ko ari urugamba niyemeje. 

Uko nabimenye

Nagiye gutanga amaraso kugira ngo ndokore ubuzima bw’abayakeneye, baca basanga arimwo umugera w’igitigu wo mu bwoko B. Uwapimye yaciye ambarira ngo haheze amezi atandatu bizokwiheza. Aho hari mu 2002; nca  ndiraramira ngo bizokwiheza. Mu 2004 nasubiye kuja gutanga amaraso, basanga kandi ndacafise wa mugera. Na ho nyene bambwira ngo bizokwiheza. No mu 2007 vyagenze uko, nca nigumira aho. 

Mu 2011, nasubiye kwisuzumisha, mbere ndipimisha n’izindi ndwara nyinshi cane. Wa mugera wangerereyemwo wari ukiri muri jewe.

Naciye nja ku muganga w’umuhinga mu vy’igitigu. Na we nyene yanyibwiriye bimwe vy’abambere. Narasubiyeyo haheze umwaka, asanga ni kwa kundi nyene asubira kumbwira ngo bizohera; kimwe gusa, arambuza inzoga. 

Nari bwapfe 

Kuva muri Ruheshi 2016,  umuganga yanshize ku muti. Ibipimo birerekana ko ubukari butera bugabanuka cane, kuko vyari bigeze kure; urugero rw’imigera (charge virale) rwari runini cane. 

Uko ukwezi gutashe rero, ndaja gutora umuti ku buntu, ngaheza nkama ndabisha uko vyifashe kabiri mu mwaka. Uno musi, amagara yanje yifashe neza, kandi n’abanje bose barakomeye kuko baracandazwe batarawandura. 

Biraturaba twese

Ndamaze kuganira n’abantu benshi bahejeje za kaminuza, mugabo ubumenyi ku bijanye n’iyo ndwara nasanze ari buke cane. Uwo mugera wo mu bwoko bwa B nashimikiyeko ntibazi ko ufise uracanco, iyo rwova, n’ingene yandukira. Ariko, ni benshi bawugendana batabizi, bakaza kubimenya bageze ku gusinzikara.

Aho ngeza, ndasemereye kandi sinzorambirwa. Reta, yo itujejwe twese, yobandanya uko yabitanguye; uwo muti ntukabure. Kandi kandi, hoba isekeza ryo gupima abantu ku bwinshi, tutibagiye guhimiriza, kugira abantu bagire ubumenyi kuri iyo ndwara yica akayombekero. Ikindi gikwiye ni uko mbere hojaho umugambi wo kurwanya indwara z’igitigu, kurya biri ku mugera wa Sida, igituntu na Marariya.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Uwo muntu yotubwira umuti yafashe ?naje ndafise umugenzi ayigwaye ariko kwa muganga bamubwira ko hataragera ko afata umuti mais muri we yumva aguma amerew nabi

    1. Ico yokora ni ukwegera abaganga b’abahinga muri vyo. Umuti w’abagendana Hépatite B, utangwa ku buntu. Kandi bimenyereho ni uwitwa Truvada basanzwe baha n’abagendana VIH. Dutonda hamwe, tukawutorera hamwe. Gusaba bo barafise iyindi miti batora biharije. Uwufise iyo ndwara hari ibipimo bamugirira. Umuganga ni we aheza akabona ko hageze. Ivy’ubuhinga sinobisgura noba ngiye mu bindengeye. Kimwe gusa waonyandikira inbox kuri facebook nkaguha umuco ku vyo nzi, nkakurangira n’abaganga naciyeko. Izina ni iryo nyene.