Ku wa mbere Rusama hashize, wari umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi. Mbega mu Burundi, ihimbazwa ry’uwo musi ryasanze ubuzima bw’umukozi n’ineza yiwe vyifashe gute, na rirya iterambere riva muri we nyene ? Reka turabire hamwe.
“Nkironka akazi nararyohewe cane, kuko nari maze umwaka wose mpejeje kaminuza. Mu nyuma, nagiye kumenya amakuba abakozi bagira maze kururwamwo kandi ntari busubire inyuma.”
Ayo maganya ni aya Minani Jean Paul*, akora akazi ko kunyonga imodokari mw’ishirahamwe ry’abikorera utwabo rya hano i Bujumbura. Ayo makuba ayasangiye n’abandi benshi bakora mu gisata c’abikorera utwabo, aho benshi mu bakoresha bishingira amategeko uko bashatse, mu buryo buborohereza, batitayeho agateka k’umukozi.
Agashahara gato, ihohoterwa rifatiye ku gitsina mu buzi, kudategekanirizwa kazoza, n’izindi ngorane nyinshi, ng’ivyo ibihanze igisata c’akazi hano iwacu, uyu musi.
Akazi ka “baranyica”
Ahatari hake mu buzi bw’abikorera utwabo, umukoresha ni umwami, umukozi nawe agakurikiza amategeko uko ayasanze, nk’umusavyi koko. Akenshi abahakora baba ata masezerano bagiriraniye n’umukoresha, ivyo bigatuma badakingirwa no mu gihe c’impanuka z’akazi, kandi umukoresha akeneye kubirukana akabikora uko abishatse, ataho bari bwitware.
Uwugize ngo aracavuga aharanira agateka kiwe n’ak’abagenzi biwe bakorana, umukoresha amwirukana ubutarariye, kuko azi ko aho uwo avuye abahaniganira ari benshi, kandi kuri ka gashahara k’inticantikize nyene; ngo “ariko arirana ico abandi baba bakiririra”. Ivyo ntawobideha mu Burundi, aho ibice 65,4% vy’urwaruka ruba mu bisagara rutagira akazi, mu gihugu hagati naho bakaba ari 55,2%.
Abakozi bararira batari buyaserure kuko batinya kubizira, agateka kabo kagahonyangwa ata camira, ivyo bikazingamika imiryango yabo na kazoza kabo.
Amategeko arahari, ariko…
N’aho biri uko, mu Burundi hari itegeko rigenga abakozi n’akazi; ryashizweho mu mwaka w’1993. Mu buzi bwa Reta rirakurikizwa, ariko, ikibabaje gushika uyu musi, ntirirasubirwamwo ngo rijane n’igihe.
Ehe namwe! Akarorero gatoyi: ingingo ya 2 igenga ivyo gukoresha abakozi ku nguvu, n’ingingo ya 81 iraba ivyerekeye impebo y’abakozi, mu gihe zitaba zikurikijwe, zihanishwa ihadabu riri hagati y’amafaranga 2 500 n’10 000 gusa vy’amarundi.
Mu gihe iryo tegeko ritegekanya kandi ko abakozi bose, baba abo mu buzi bwa Reta canke bw’abikorera utwabo bakora amasaha 8 ku musi; amasaha 40 ku ndwi, henshi ivyo ntibikurikizwa. N’umusi w’akaruhuko utegekanirijwe umukozi wese ku ndwi nk’uko biri muri iryo tegeko, ni henshi udatangwa.
Abakoresha barakwiye kurengera inambu y’amaronko, bakamenya ko umukozi, ari ikiremwa muntu, kandi agateka ko kiwe kategerezwa kwubahirizwa na ntaryo; ni baba bipfuza iterambere ridakumira. Erega n’inka ikamwa ico yariye. Reta nayo, ikwiye gushira ku gihe itegeko rigenga akazi itibagiye no gukurikirana ishirwa mu ngiro ryaryo mu buzi butandukanye.
Ese uyu musi utoba uw’ibirori gusa, wotubera akaryo ko kuzirikana kuri izo ntambamyi zihanze ico gisata n’uko zotorerwa umuti.
Ndabashimiye yaga kuri iyi nkuru, muraraba mugende gutohoza amakuru kubakora akazi ka sécurité bamwe bitwa aba city ayo bagowe.
Ivyo ni l’état ibifata muminwe igakurikirana ishigwa munguro ryamategeko yashinze kubiraba abakozi nabakoresha.
Ataruko hohi,umukoresha wewe araba inyungu ziwe kuko nimitahe aba yaratanguje .Aba akeneye kungukaa…umurengera.
Ministere du Travail irakwiye kuraba ko abo muri prive batigenza nkabataba mugihugu muguhonyanga agateka kabakozi