Uno musi, ku musi umwe gusa, harakorwa urubanza rwo gukwa, urw’ubugeni, ndetse no gutwikurura bakagenda babihejeje. Ivyo si ko vyahora kera, twabitumwe n’uko ibintu biguma bihinduka. None urubanza rw’ubugeni rwakorwa gute ? Umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Barbara Ndimurukundo Kururu aratwiganira ibice bikurubikuru vyari bigize urubanza rw’ubugeni.
Mu ntangamarara y’igitabu ciwe Antologie des épithalames burundais (Icegeranyo c’imvyino z’ikirundi Ndlr), uwo mwigisha muri kaminuza arasigura neza ko imico n’imigenzo vy’Abarundi biriko biratituka. Amayagwa yoyo, ariko aragenda akagirire. Ni ho yaca afata umugambi wo kwegeranya imvyino z’ikirundi, mbere akabonerako akaryo ko gusubira kutwibutsa ibihe bikurubikuru vyari bigize urubanza rw’ubugeni rw’aho hambere, kuva umwigeme avuye iwabo gushika bamutwikuruye abicishije muri izo mvyino.
Gusezera
Urumarwa rw’ubugeni burya rutangurira iwabo w’umukobwa. Biratangaje ariko ni ivy’ukuri. Mu gatondo ka kare, hamwe umwigeme asezera ibintu vyose vy’iwabo, agasezera inzu ya se, inka, n’abavyeyi ( na canecane ko kera abavyeyi bataherekeza bakobwa babo bagiye kwubaka), ni ho urubanza rwatangura. Ico kiringo kirahambaye cane kuko kirakora ku mutima umwigeme cane. Aba agire atandukane n’ivy’iwabo vyose, aje mu Burundi, aje kwubaka urwiwe.
Aho hambere hahise, wari umwanya abigeme barira cane, kuko abamuherekeje baba bariko baramuvyinira imvyino zidasanzwe, zikora ku mutima, zimubwira iyo aroye, zimwibutsa ubuzima avuyemwo n’ubwo agiyemwo.
Aho baca baterera mu kayira bakamuherekeza, bagenda baravyina.
Kurabukwa iyo agiye
Hakurikira ikindi gihe kidasanzwe, aho abajanye umugeni batangura kubona iyo bajanye umugeni. Baba bakiri nko ku mutumba ugira gatatu. Igituma ari igihe gihambaye, ni uko ababa bajanye umugeni baca bahindura imvyino bariko baravyina, maze bagatangura kuvyina bavuga urugo uwo mukobwa agiye kubamwo.
Baba barubona canke bataranarubona neza, ntibatinya kuruvuga nk’abaruzi, ariko igitangaje, baba bariko bahavuga nabi. Ukumva ngo :“Pfunya urugendo ndahaye ndahabona, hahandi hatamera akajumbu hatamera agaharage.”
Iki kiringo cegeranye n’ico kwegereza urugo rw’umugeni, aho baca batangura kuvyina bavuga aho bagiye, bahatazira.
Gusanganira abashitsi
Muri iki kiringo, abashingizi baba bashitse mu rugo aho bazanye umugeni. N’imvyino baba bariko baravyina, zari imvyino zihamagarira abasangwa kubakira, bakabacambirwa, bakabaha icicaro kibereye abakwe nyene.
Iki gihe baranahamagara umukwe ngo aze asanganire ingabire yagabanye umusi wo gukwa none agire akomorerwe uwo musi nyene. Vyose baba bariko babicisha mu mvyino ziryoheye ugutwi, zirimwo n’ubutumwa budasanzwe.
Bagishika mu bikingi vy’irembo, abageni barahana abana. Bahana imbuto zose, kugira na bo bazovyare imbuto zose. Umuhungu yatanga umwana w’umukobwa, umukobwa na we agatanga umuhungu, canke umukobwa agatanga umukobwa, umuhungu na we akazana umuhungu, vyavana n’igice y’igihugu. Uwo mugirwa ntugikorwa ubu.
Kubashikisha
Abasangwa baba biteguriye neza kwakira abashitsi. Bahejeje kubasanganira, baca babashikisha, bakabaha ivyicaro vyagenewe abakwe, abo na bo bakaruhuka. Kera baba barondeye ibirago bishasha kandi vyizavyiza vy’indava.
Muri ako kanya, abashingizi baca batererako utuvyino two guhoza umugeni, yaba yasubiye kurira kubera ikigumbagumba c’uko abonye iyo bamukoye kimufashe. Biranasobanutse cane yaba atandukanye n’ab’iwabo.
Iki kiringo ni co gisozera urubanza rw’ubugeni nyezina.
Gutwikurura
Heheze ikiringo kitari munsi y’indwi ni ho bagaruka bagatwikurura. Iryo zina rikomoka mu rivuga “gutwikurura”, ni ukuvuga, gukura umwitwikiro umugeni yaba yambaye umusi w’ubugeni. Muri ico gice, baza gutwikurura umugeni yaba yitwikiriye, bakamuha uruhusha rwo gusubira kuboneka mu bantu. Imiryango yarakorana, mu nyuma imigirwa ijanye n’urwo rubanza ikaba.
Mu gihe co gutwikurura, haba harimwo imvyino zihanura cane abageni, bakababwira uko bokwitwara mu rugo rushasha bashinze. Zaba ari imvyino zitekanye zikomeye mu majambo. Vyaryoshe vyarashika bakanasubira mu mvyino zaryoshe umusi w’ubugeni.
Uko ni ko urubanza rw’ubugeni rwagenda muri make. Uno musi, ivyo bice harimwo ibitagikurikizwa, kandi atari uko bitagira insiguro nziza mu migenzo y’Abarundi, ahubwo ari uko hari abatabizi. Hari n’ivyongewemwo bifise insiguro mu yindi mico atari iy’Abarundi. Icari gikwiye gukorwa, ni ukumenya ivyiza biri mu nteguro y’imanza z’ubu kandi bifise insiguro mu mico yacu, hamwe n’ibibi bikwiye guhindurwa, ariko bikaba bifise ico vyisunga.
C’est authentic
None Nikuberik Ubugeni Bwubu Ataricokimwe Nubwakera?Mbona Ubu Abeshi Atabwobkora Nimuduhe Umuco
Murakoze cane hanyuma murotubwire uko bavuga ijambo murubanz rwubugeni, es ijamb ryaratumw? Cank se wumwana niw yaryivugira?