Ku bw’uno mwanditsi, « nta kabare nta shengero ; vyose ni hamwe ». Akavuga ati : « nk’uko Reta yashizeho amategeko agenga igwirirana n’ugukora kw’amashengero, vyari bikwiye kuba gutyo no ku bubare » ; arabisigura hano.
Ni je ndabibona uko jenyene ? Muri karitiye iwacu, eka mbere no mu yandi makaritiye maze gutemberamwo, hano mu gisagara ca Bujumbura, biratangaje cane ! Biragoye kugenda imetero ijana, udashikiriye idandarizo ry’inzoga. Hamwehamwe mbere, ni inzu ku yindi ; ivyo bita mu mvugo imenyerewe : « akadirisha ». Ni hake muri twa tuzu tw’idandarizo ry’utwa nkenerwa dutandukanye, utosanga harimwo agacupa.
Uzobona ko Abarundi twagaciye turagahana mu guha ikibanza c’iteka inyobwa. I ruhande y’ubunywero bwubatse ku buhinga bwa none ; ubwo bukaba bwakira kenshi bene amikoro afadika, hari ibirabo vyo ku nkengera z’ibarabara, mu masoko canke kuri twa tudirisha nyene, vyakira bene amikoro abayabaye.
Naho ibintu vyifashe uko, nta mategeko atanga umuco ku kugene urwo rudasanzwe rwotunganywa. Nayo, kuri uwo muvuduko udasanzwe w’ukugwiza ububare, ni ngombwa ko twibaza ibibazo : kubera iki Abarundi birukira cane urudandazwa rw’inzoga hafi gusumvya ikindi kintu cose ? Mbe hoho, ni kuki ivyo biboneka nk’aho ata ngorane biteye, mu gihe ata vyigwa vyakozwe aha iwacu, ngo vyerekane akunguko n’uruhombo igihugu kihakura muri rusangi ?
Agasinziriza
Ndasubiramwo kandi : biratangaje cane ! Ntidusiba kubona abana, mu mwambaro w’ishure, bagandagaje mu kabare, canke kuri twa tudirisha bihereza icupa ku rindi, vyose bikaboneka nk’ibisanzwe. Buri mwaka, igipolisi cama gitangaza ko mu nkomoko nkurunkuru z’amasanganya ari abatwara ingendeshwa baborewe ; iryo rikijana uko. Mu muryango, iyo inarugo asinzikarijwe igufa canke umwana akabura ikaye n’ikaramu kubera serugo yihebeye umusa, twese tubibona nk’ibisanzwe.
Noba nshikuje, hamwe nogira nti: « abazinywa n’abatazinywa, twese zaratuboreye » ? Kuko umengo zaraduteye uruhumyi, agasinziriza. Si benshi bubahuka gushira ahabona inkurikizi ziterwa n’uko gufata minenerwe ugukoresha inzoga nk’ikinyobwa gisanzwe mu bantu. Kandi nyene ari ikiyovyabwenge nk’ibindi vyose, uretse ko kiboneka nk’icemewe n’amategeko.
Ni ko, hari amashirahamwe atandukanye adasiba gusemerera, yamama ngo hagire igikorwa. Ariko nyene, ni nde avyitayeho ?
Ideni ry’inzoga…
Uwundi ni we yayamaze ati : « ideni ry’inzoga ntiriheranwa » ; haba mu mfobeko canke mu ngiro. Ni ko, nta vyigwa vy’ubuhinga birakorwa ngo vyerekane agahombo igihugu kihakura. Ariko nyene, Abarundi ntibayobewe ko ukwihebera akayoga bitijana mu buzima bwa muntu. Ari na ho baheza bakagira bati : « ni nkura mu mubindi ndagukure mu bantu ». Bari bazi ko atari ikinyobwa gisanzwe.
None rero ubu, turakenyeye akatavuga gahende akavuga ? Mu misi iheze, Reta yarikokoye irashiraho amategeko agenga ukugurura n’ugukora kw’amashengero ; kuko yabonye ko ari amahuriro adasanzwe, ashobora kugira ingaruka kw’iterambere ry’igihugu, hamwe borekerana. None ubwo, hari aho yoba atandukaniye n’ububare mbona uyu musi bugwirirana nk’ibizinu ?
Twikebuke, ntituze twibuke kuzitira twaramaze kwonerwa !
Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.
https://surveyr.datacoll.nl/uyloczloje
Ntibikwiye ko akabare wokagereranya n’amasengero na gato. Ubwo ga Deo nawe ntitwosanga uteramira ku kabare ko kw’ibutike nyene. Crois moi nta muntu numwe ndumva yidogera akabare kari kw’ibarabara ryiwe mu cité kuko uretse ko ata nico kaba kamutwaye kari très nécessaire non seulement kuri leta, uwudandaza n’uwuhanywera agasaba n’akadeni bitandukanye cane n’amasengero usanga bapfa kududagura ibitari imbere y’umuryango w’umuntu ata n’ikori batanga ugasanga ari nka business barimwo idasiguritse. Sinibaza ko ngaho nogushigikira nkesiri
Icari gikwiy bosubiramwo itegeko ribigenga Hama abana bagakingirwa ntihagire abasubira kuvyihereza uwobasanze yabirenzeko agahanwa .Hama ici ubwinshi bwabwo rero uti bopima imetero ??sinibaza ahubwo urudandazwa mur rusangi boraba abantu bakareka gucanga vyose .