article comment count is: 1

« Uko nabaye mu musi w’amatora  » : baratwiganira

Itariki 20 Rusama, Abarundi bazindukanye n’iyonka kwitorera indongozi nshasha. Abanditsi babiri ba Yaga baratwiganira uko uwo musi wagenze kuri bo.

Axel Gavial Harerimana: ntwengambabaye / nshinyabigoye

Bamwe mu bagenzi banje bari hanze y’igihugu, bari baraye bambajije ingene ivy’uno musi bitunganijwe. Bari bafise ubwoba. Igihugu cacu caciye muri vyinshi, mu myaka iheze.  Birumvikana ko umuntu yogira ubwoba ku musi nk’uyu. Umwe muri bo ati: « Turiko turabasabira bize bigende neza. » Ukumva ko yuzuye ubwoba nyene. Nanje nagize ubwoba, mbonye bamwe mu barorerezi nasanze imbere y’ibiro vy’itora. Sinari nzi ico bajejwe, nkaguma niyumvira ikindindiriye.

Ariko nyene, aho nagiye gutorera hari hatekanye. Ryari n’irya mbere ngiye gutora.  Vyahavuye bintera akanyamuneza. Ejo haza nta wuzi ingene hameze; ariko n’aho biri uko, mpagijwe n’ukuba nashikije iteka ryanje nk’umunyagihugu.

Ferdinand Mbonihankuye : nkundabantu

Ni umusi nari ndindiranye igishika. Navyutse kare cane ngiye kugaragaza  uwo munezero. Aho naca hose, numva nezerejewe no kuba ngiye kwitorera mu mutekano ntangere abagiye kundongora no kunserukira mu nzego zitandukanye. 

Imbere y’uko nshika aho nari niyandikishirije, nahura n’abajejwe umutekano banyuragiranwa, bigaragara ko bariko baracungera ico gikorwa twitavye, kugira kigende neza. Ndahashitse, nasanze uwari arindiranye igishika iryo sango atari jewe gusa, nsanga ibintu birahimbaye, tuja ku murongo.

Ku murongo, inkumi n’imisore bari imbere n’inyuma zanje babazanya igituma amaterefone yacu atariko arakora ; kuko kuva murako gatondo, ntawandika ubutumwa canke ngo aterefone akoresheje imbuga ngurukana bumenyi. Mu mutima nti : « mbega yemwe ni iki catumye ducirirwako imihora kandi tubifitiye uburenganzira ? »  

Mpejeje gutora, ndataha. Numva ndemye, ndashika imuhira, ndaruhuka. Ariko nyene, ngumana ivyumviro vy’ukuntu amatora yagenze aho ntashikanye amaso. Ni ko, yari atekanye gusumba ayo twaherukamwo. Mugabo, ivyo kunegura vyo si bike : ababujijwe gutora kandi bafise ivya ngombwa bikwiye, ngo ni uko biyandikishirije ahandi, ukudufatira uburenganzira bwo gukoresha imbuga koraniro n’ibindi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Murakagira aho muba mwubahwe mwe mutuyagiye. Nagomba kubaza abadushikirije ubu butumwa, mwoshobora kuturonsa amategeko agenda amatora. Vyohimbara cane tugereranije ivyiyumviro vy’abantu bamwe bamwe n’ico amategeko avuga. Vyotuma tunyurwa gusumba. Nk’akarorero hoba hariho ingingo yemerera umuntu gutorera aho atiyandikishirije?

    Muzoba mukoze muhaye agaciro iki kibazo canje, kuko mwoba munyongeye ubumenyi. Gira amahoro.