article comment count is: 3

Ivyo mwomenya ku matora yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Inkuru iguma ivugwa ku mbuga ngurukanabumenyi, ku maradiyo no ku mboneshakure muri iyi misi, ni amatora yo mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Ayo na yo ntatahurwa kumwe n’abatayazi, na rirya asanzwe adatunganywa nk’ayo mu bindi bihugu bigize isi. Muti muri ico gihugu bikorwa gute ? Umuco.

Ico gihugu citwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuko kigizwe n’amareta arenga 50 yagiye hamwe agira igihugu kimwe. Ico gihugu gifatwa na benshi nk’akarorero muri demokarasi, kikaba gifise imigambwe ibiri mikurumikuru: uw’aba demokarate (démocrates) hamwe n’uw’aba repuburikano (républicains).

Amatora ageze, iyo migambwe irahiganwa, ariko aho bitandukaniye n’ayandi matora tumenyereye mu bindi bihugu, abanyagihugu si bo bitorera umukuru w’igihugu.

Intumwa zidasanzwe

Amatora yegereje, iyo migambwe ibiri iratanga muri reta imwe imwe yose intumwa ziserukira abandi banyagihugu ; abitwa aba “senior voters” (grands électeurs mu gifaransa). Amareta yose ntavamwo igitigiri kingana c’abo baserukira abandi. Uko igitigiri c’abantu baba muri reta kanaka kiba kinini, ni ko igitigiri c’izo ntumwa zitora kiba kinini.

Izo ntumwa rero zose hamwe zingana n’538 mu gihugu cose ni zo ziheza zigatora umukuru w’igihugu, ziserukira abanyagihugu bose. Ivyo bivuga yuko uwitoza ashikanye amajwi 270 aba ahejeje gutsinda amatora.

Amatora yaraye abaye rero ni ay’izo ntumwa zidasanzwe, ay’umukuru w’igihugu azoba hanyuma.

Nta magaburanyama

Ikindi gitangaje muri ico gihugu ca Amerika, ni uko uretse muri Reta ya Nebraska na n’iya Maine, ahasigaye hose nta kugabura amajwi bibaho. Uwatsinze muri Reta imwe, naho yoba yarushije uwo bahiganwa ijwi rimwe, atwara amajwi yose yo muri iyo Reta.

Kubona hatora za ntumwa hanyuma akaba ata kugabura amajwi bibaho, birashobora gutuma uwuhganwa umwe ashobora gutsinda agatwara igihugu afise amajwi make y’abenegihugu. Ivyo vyarashitse mu mwaka w’2016 aho Hillary Clinton yarushije Donald Trump amajwi y’abenegihugu arenga imiliyoni zibiri, hanyuma Donald Trump agatsinda amatora atowe na za ntumwa zitora 290 mu gihe Hillary Clinton yatowe na 232.

Mbega ubu vyifashe gute ?

Mu matora y’uyu mwaka, hahiganywe abagabo babiri. Joe Biden wo mu mugambwe w’abademokarate,  n’uwusanzwe atwara ico gihugu, Donald Trump, wo mu mugambwe w’abarepuburikano. Naho amareta atari make yamaze gutanga ivyavuye mu matora, gushika ubu nta wovuga uwuhava atsinda ayo matora ; ariko Joe Biden ari imbere ku majwi 264 mu gihe Donald Trump afise 214. Umukuru w’igihugu ashobora kumenyekana mu gihe ibiharuro vyo mu ma Reta nka Nevada, Pennsylvaniya, Georgiya, Alaska na Caroline yo mu buraruko vyoja ahabona.

Kimwe gusa bisa n’ibitoroshe kuko Donald Trump, mw’ijambo yashikirije ku musi w’ejo, yavuga ko yatsinze amatora, ariko ko mu mareta amwe amwe, Joe Biden ariko ariba amajwi kandi ko yiteguye kwitura ubutungane. Uno musi, hari amareta yatanguyemwo imyiyerekano, ariko amajwi ntaraheza guharurwa.

Mwomenya ko:

  • Amatora muri Amerika yama aba ku musi wa kabiri mu ndwi ya mbere y’ukwezi kwa Munyonyo.
  • N’ubwo uwatsinze aba yamenyekanye mu gihe amajwi ahejeje guharurwa, za ntumwa zitora 538 zizokorana ku wa 14 Kigarama 2020 zitore umukuru w’igihugu icese. Iryo tora ntaco rihindura ku watowe ; bisa no gushikana ibwirizwa gusa.
  • Ku wa 06 Nzero 2021, amajwi ya za ntumwa zitora azoharurwa, banatangaze icese uwatowe nk’umukuru w’igihugu.
  • Ku wa 20 Nzero nk’uko vyama, ni ho umukuru w’igihugu mushasha yama arahira. Haba ari isaha zitandatu z’umurango zo ku mugwa mukuru Washington DC (isaha imwe y’ijoro i Gitega).
  • Mu gihe Joe Biden yotorwa, yoba agize uwa 46 arongoye ico gihugu kandi yoba ari we mukuru w’igihugu wa mbere atowe ashaje kuko afise imyaka 77.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Commentaire *ndi .havyarimana fabrice,amatora yibihugu vy’abazungu arayobeye,nuguhenda abanegihugu,jewe mbona umunyagihugu gutora n’ukureka ntaco bitwa,guko ijambo rikuru rihagaze kurizo ntumwa. Nibareke uwo amajwi yabaye meshi atware igihugu,guko nsanze arugutesha umwanya abigira kumurimo. Ntakamaro ko kuja gutora ngo utoye umukuru wigihugu ushaka abandi nabo bagaca babihindura ngo ni ntumwa zifise ijambo ntahinduka.

    1. @Anonyme, @M@g
      Les Peres Fondateurs/Founding Fathers barabihaririyeko neza kandi inyuma yabo hariho ivyagiye bihinduka mu gutsimbataza demokrasi mu gihugu.
      « Candidats
      Les candidats comme grands électeurs sont nommés par les partis politiques des différents États dans les mois qui précèdent le jour de l’élection. La constitution américaine autorise chaque État à choisir son propre système de nomination. Dans certains États, les candidats sont déterminés lors de primaires. D’autres, comme l’Oklahoma, la Virginie ou la Caroline du Nord, nomment les candidats lors des conventions de parti. En Pennsylvanie, les comités de campagne de chacun des candidats à la présidence désignent les candidats grands électeurs. Tous les États exigent que les noms de tous les candidats soient transmis au secrétaire d’État de l’État (ou le poste équivalent) au moins un mois avant l’élection… »
      https://fr.wikipedia.org/wiki/Coll%C3%A8ge_%C3%A9lectoral_des_%C3%89tats-Unis