article comment count is: 2

#KwandikwaMuriKaminuza : inzira y’umusaraba ?

Haheze amayinga yababa abiri abanyeshure barangije amashure yisumbuye batanguye ivyigwa vyabo vyo mu ma kaminuza, ku bashoboye kuronka ubwo burenganzira. Hagati y’umusi w’ukurangiza ishure ryisumbuye n’umusi w’uguhonyoza ikirenge mw’ishure kaminuza, urugendo ni rurerure. Kubera iki ? Bene kuharuhira bokworoherezwa gute ? Na nde ?

Hari impapuro zitandukanye abanyeshure bipfuza kwinjira kaminuza basabwa. Ntimwibaze ngo ziba zizimvye cane. Nka zose zisaba amafaranga 1000 rumwe rumwe.  Ariko, uravye ukuntu zingana n’ukuntu harimwo izicumukuza bene kuzirondera, utubazo ntitubura kuvyuka. Ubwinshi bwazo butuma uwuzirondera yikokora, akahamarira uburyo n’umwanya. Aho ntituvuze gucurumba, bagenda bagaruka.  

Uburuhe, ukwihebura, inzara n’inyota,… ni vyo biranga imirongo iba itonze imbere y’ibiro, vyaba ivy’ubushikiranganji bw’indero canke ubw’umutekano, barindiriye izo mpapuro. Muri abo batonze, hari ababa ari irya mbere baje kuzisaba, n’ababa baje kw’isango rigira kabiri, gatatu canke karenga… Ikigaragara, ni uko izo mpapuro zicumukuza abazirondera, kandi ata kundi bari bubigenze kuko bategerezwa kuzironka imbere yo kwandikwa. 

“Igihugu umuce”

Nk’uko tubisoma mw’itegeko ngenderwako rishasha rya kaminuza y’Uburundi, ingingo ya 16 irerekana urutonde rw’ibintu uwiyandikisha atagerezwa kwibangikanya: impapuro 11 zose hamwe, hamwe rero n’impapuro zemeza ko barihiye kwiyandikisha, n’amafoto atatu. 

Iryo tegeko nyene rirarekurira kaminuza gusaba izindi mpapuro zose ziyongera kuri izo, mu gihe bikenewe ; ubuyobozi bujejwe ivyigwa muri kaminuza bukira kubimenyesha ukwezi kumwe imbere y’uko kwiyandikisha bitangura. Ivyo vyose bitwara amafaranga, inguvu n’umwanya wo kubirondera.

Ba sokuru barayamaze bati : “ Igihugu umuce ikindi umuce” ; mu zindi kaminuza, baba bitunganije ukundi n’ibisabwa vyabo. Ariko hose, icibonekeza, ni uko hari impapuro zibiri zigoye kuboneka: urwemeza ko umunyeshure yatoye ikibazo ca Reta kimwemerera kuja muri kaminuza n’urwemeza ko adakurikiranwa n’ubutungane, zitigera zihara. 

Mu 2017, kubera urutangirwa mu bushikiranganji bw’indero vyagaragaye ko rutari rworoshe kuboneka, vyabaye ngombwa ko baba barabakira n’abatarufise, bagasabwa kubandanya kuguma barurondera kugira bakwize dosiye. Iyindi myaka yose, izo mpapuro zose zitabonetse, umunyeshure ntiyiyandikisha.

Uyu mwaka w’2020 naho, bivanye kukubona amananiza aranga ukurondera zimwe muri izo mpapuro, hari zimwe mu ntara zaciye zihutira gufata ingingo zisa n’izije gupfunyiriza urugendo abo banyeshure. Nta wutobishima. Ariko none ubwo, izo ngingo zirahagije?

Amananiza

Biratahuritse ko umunyeshure, agiye ku rugero rwa kaminuza, ategerezwa kugira dosiye ikomeye, igizwe n’impapuro zidasanzwe. Ariko rero, birakwiye ko yoroherezwa, akabironka vyoroshe. Ntitwibagire ko uwo munyeshure avugwa ari wa wundi avuka mu muryango winjiza musi y’idolari rimwe ku musi, agakenera kuyafunguramwo, kuyambaramwo, no kuyivuzamwo ; tutibagiye n’uko Uburundi n’aho ari buto, ukwiyunguruza navyo bitoroshe

Kuva kaminuza zibaho, impapuro zisabwa ntizigeze zigabanuka. Haba na mba. Nyabuna zagumye zongerekana, ziva kuri zibiri mu myaka y’1990 zija kuri 10 n’izirenga. Mbega ryoba ari iterambere ryo ku rwego rwo hejuru ? Ibaze namwe!

Mu rukurikira rw’ibisomwa bigiye guca kuri runo rubuga, tuzobona uko izo mpapuro zagiye ziragorana kuboneka n’icabitumye, amakuba urwo rwaruka rubona ruri mu bihe vyo kwiyandikisha, twongere turabire hamwe n’inzira zishoboka kugira ico gikorwa corohe ku neza y’umwana w’Umurundi.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Ndaramukije uwanditse iyi nkuru, abasomyi n’abakunzi ba Yaga Burundi. Nagire nisabire Rivardo Niyonizigiye ko yodutohoreza, mu rukurikirane rw’iyi nkuru, akamaro k’urupapuro rumwerumwe. Nk’akarorero urupapuro rwemeza ko uwushaka kwiyandikisha adakurikiranwa ku caha kibure ngo abe yaragiriye icaha.
    1. Mbega ugukurikiranwa ku caha birabuza nyene gukurikiranwa kubandanya amashure? Ivyo nize kandi nigisha harimwo ko umuntu ataragira icaha mu rubanza ntabanduka afata nk’umwere. Ivyo bituma niyumvira ko urupapuro rwerekana ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane ku caha ata nsiguro dufise. Mugabo umuntu abitohoje neza ku bashizeho iryo tegeko, hari aho wosanfa balance insiguro inyura.
    2. Ndetse gukurikiranwa n’ubutungane ku caha, n’aho twofata umuntu yaciriwe igihano na sentare, akaba yaragikoze. Mbe hari ibwirizwa rimubuza kwiga muri kaminuza ya Leta? Kuko uburenganzira bwo kwiga, no kwiga aho umuntu ashaka (mu gihe akwije ibindi bisabwa) biri mw’ibwirizwa nshingiro rya Republika y’Uburundi.
    Mu kurangiza, nagire nsabe Yaga Burundi y’uko yodutohoreza kuri inzu mpapuro. Na canecane ku burenganzira bwo kwiyandikisha bw’uwukurikiranwa ku caha canke uwarangije igihano yaciriwe na Sentare.

    Tera imbere.