article comment count is: 0

Kumenyesha amakuru : ubwingenge bwo mu nyandiko gusa ?

Igenekerezo rya 3 Rusama, isi yose  yarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Reka turabire hamwe zimwe mu ntambamyi zidakunze kuja ahabona. 

Imbere y’ukugira ico mvuze, reka mbanze nibuke bagenzi bacu Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Térence Mpozenzi ; bavundiye mu buroko, mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Baciriwe imyaka ibiri n’igice. Abategetsi bati : « ni ingingo y’ubutungane, kandi buringenga. »  Bazotaha, impimba si Mpanda ; akavuze uwuri hano. 

Iruhande y’iryo pfungwa ry’abamenyeshamakuru, mu Burundi hari izindi ngorane zihanze uwo mwuga, ariko bisa n’aho ata wuvyitayeho. Ico bikoze, birazingamitse umwuga nyene. Ni ingorane ijanye n’uburyo abamenyeshamakuru bakoresha mu bikorwa vyabo.

Kuri iyo ngorane, ibibazo ni injojo : mbega ubwo buryo buva he ? Mbega bungana gute ? Mbe hoho, bivanye n’inkomoko yabwo, amagara y’umwuga araheza akifata gute ? Ubwo nta vyohinduka zikenewe ? Hari uwayamaze ati : 

« Urya ubusa ukaba ubundi » 

Sindinda gusubiramwo uko vyanditse ; itegeko rigenga akarangamutima k’umumenyeshamakuru, mu ngingo ya 23 havuga ko umumenyeshamakuru yoronswa agahembo gakwiye, kugira ngo yigenge no mu buryo. Aho, umumenyeshamakuru wese, yaba umukozi canke umukoresha, yokwiha inyishu ku bijanye n’ukuntu iwe vyifashe.

Nta wobideha, umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi urageramiwe n’ubukene, na bwo butuma haduka ingendo zitabereye. Harimwo gutega amashi ; « Ganza sabwa ! » 

Nta bwigenge bushoboka mu gihe uriko ukora inkuru y’umuntu yaguhaye amafaranga. Kandi ga, bene kuyatanga barazi kuvyita neza : amafaranga yo kwiyunguruza (frais de déplacement). Ubu rero, hari abamenyeshamakuru uja wumva babajije ngo « uyu musi ka kandi ntituronka ga nyakubahwa ? »

Ejo hasa gute ?

Abarundi turi mu matora. Abazoramutswa igihugu aho bukera, mwogerageza mugashira uburyo mu kigega gifata mu mugongo umwuga wo kumenyesha amakuru. Ni ku neza ya twese. Erega abamenyeshamakuru bazobabera ijisho mu kubereka ibitagenda neza mu gisata kanaka ; na kare umutegetsi ntashika hose. Na none vyiza birivuga, kandi muzobironka mu vyegeranyo, naho ata woca abireka. Mu ngingo zo guherekeza, mwokwihaniza inzego zitandukanye guha amafaranga abamenyeshamakuru. 

Abakoresha b’abamenyshamakuru, bobanza kuraba ko bashoboye guhemba neza abakozi babo. Urwego rujejwe gucungera uwo mwuga (CNC) na rwo, imbere yo kwemerera ikimenyeshamakuru gishasha, rwobanza rukaraba ko na vyo bikwiye. Atari uko, karacari agatukisha. 

Kurya muganga abwira umunyacubahiro kanaka ngo « kura impuzu ico ndaba » ; uno na we akubaha, kimyozi na we ati : « unama » ; nyakwubahwa cane akunama, ni ko umumenyeshamakuru yakura umutegetsi, akamuha amakuru amubajije. 

Uwo mwuga wubahwe, kandi wubahirizwe na bose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion