Mu birori bimaze imisi biba hirya no hino, kwirinda kwanduzanya umugera wa Covid-19 usanga bidashemeye. Abantu usanga bicaye begeranye, na twa dutambara two kwikingira ugasanga ni duke kandi n’abatwambara abatari bake batwambara nabi. Aho ni mu gihe abandi babona ko ari “ubwishime”.
“Mbega barya bobo ni abahe ? Aha twebwe turi ba nyagupfa rero ? Ni ubwishime sha, ni baje hariya!” Ayo ni amwe mu majambo numvise mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu, batubonye twambaye udutambara two kwikingira ca kiza covid-19.
Ikibabaje, ivyo vyavugwa na bagezanje dusangiye umwuga wo kumenyesha amakuru. Babonye umwe muri twebwe aje yikingiye ku munwa, ukaja ubona batanguye kunwingagurana, baryana inzara nk’uko womenga yahemutse.
Amagara ni amazi…
Abashitsi nka bose bari babwambaye, uretse bamwe nk’abavuye muri Tanzaniya. Mugabo na bo nyene, abamenyeshamakuru bazananye canke abandi bari bipfutse ku munwa bose.
Ku ruhande rw’Uburundi, hari abategetsi bicara begeranye badahana imetero. Eka mbere vyarashika ugasanga bariko barabwirana iki canke kiriya, bukebuke bunamye begeranije imitwe cane.
Uravye ukuntu vyashika abantu bakabandana cane bashaka gufata isanamu, uwutari gusimba umutima ku bijanye no kwanduzanya yoba yihenze. Haba mu Barundi canke abanyamahanga baba mu Burundi, kambawe na bake. Mu baserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu warabona umwe umwe akambaye.
Abitavye ibirori, n’aho bari baberewe, bari benshi ku buryo bagerageje kubabwira ngo bicare bategeranye, mugabo ntivyakuze. Kimwe gusa warabona ko abateguye urubanza ico kintu co kutegerana bari baciyumviriye, kuko kw’irembo abasirikare n’abaporisi baratondeka abantu mu kwinjira bakababuza kwegerana, imbere y’uko babakarabisha umuti utyorora mu biganza.
Biri bwanke !
Ikibabaje ni uko mu nyuma, hari abahavuye babukura ugasanga babwambitse agasakanwa. Canke bakabushira mu mupfuko.
Warabona n’abatazi kubwambara canke kububika. Ibaze namwe: waja ubona umuntu agakuye akazinga neza n’iminwe, agaca agashira mu mupfuko canke isakoshi. Mu nyuma ukaja ubona haciye umwanya munini arasubiye kukazingurura yagakozeko hose agaca akubitira ku munwa n’amazuru ngo arikingiye.
Mu bisanzwe, iki kiza gihanze isi yose, no mu gihugu cacu cose carashitseho, mbere kimaze gufata abarenga 100. Igihambaye si uko twonebagura uyu canke uriya ngo arishimye canke aragize ate, vyiza twogerageza kwikingira. Kunebagura abikingiye rero nta kintu na kimwe bizodufasha mu kurwanya ico kiza hano iwacu. Twikebuke rero.
Coronavirus – imanza z’ubugeni : zihagarikwe canke zihinyanyurwe
Kira noneho n’umukuru w’igihugu igihe yimikwa yadutumiriye twese kwitwararika ivyo dusabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA. Murundi abivuga hageze kuko, haba gupima canke kuvura abantu bitwara uburyo bwinshi cane. Tumufashe rero twikingire, dukingire n’abandi uko dushobora, tubonye uwambaye ako gatambara canke akoze ikindi kigorwa co kwikingira, aho kumutunga urutoke tumwigane.
Ces rassemblements sont une forme de suicide collectif.
Kwambara agafukamunwa subwishime nagato ahubwo kadufasha kwirinda ikiza Covid-19 tukarinda nabandi