article comment count is: 3

Vyinshi mutari muzi kuri kahise k’intara zigize Uburundi

Igitigiri c’intara zigize igihugu c’Uburundi cagiye kirahinduka uko imyaka yagiye iragenda n’intwaro zigahinduka. Tubirabire hamwe. 

Uburundi bucikukira, bwari bufise intara 8. Itegeko ryo kuwa mbere Ntwarante 1962 ryashizeho intara zikurikira: Bujumbura, Bubanza, Muramvya, Gitega, Ngozi, Muyinga, Ruyigi na Bururi. Imbere y’uko ziba intara, ku ntwaro y’Abazungu, zari uturere (territoires mu Gifaransa). 

Izindi ntara nyinshi dufise ubu, ico gihe zari uburere bwitwa “arrondissement” mu Gifaransa, zikukira izo ntara 8.  Intara ya Bubanza yari ifise arrondissement zibiri ziyikukira, Bubanza na Cibitoke.

Intara ya Bururi yari igizwe na arrondissement ya Bururi, Makamba n’igice ca Rutana, na canecane ikomine ya Bukemba uno musi. 

Intara ya Gitega yari igizwe na arrondissement za Gitega, Bukirasazi n’iya Karusi. Intara ya Ngozi nayo yari igizwe na arrondissement ya Ngozi hamwe n’iya Kayanza. 

Intara ya Muyinga yahuza arrondissement ya Muyinga n’iya Kirundo; nayo iya Ruyigi ikagira Cankuzo, Ruyigi n’igice kinini c’intara ya Rutana y’ubu, ico gihe yari arrondissement.

Arondisema zaravuyeho

Intara ya Bujumbura yari igizwe na arrondissement ya Bujumbura ( Mutimbuzi na Bujumbura) n’iyo Mwisare (Kanyosha, Mugongomanga, Isare, Kabezi, Mutambu,…). Mu 1982, kuri Repubulika ya 2, arrondissement zaravuyeho nyinshi muri zo zihinduka intara zigenga kiretse iya Mwaro na Mwisare.

Kubw’Umwigisha Emile Mworoha, umuhinga mu vya kahise, arrondissement zavuyeho mu ntumbero yo kworohereza abanyagihugu, mu kubegereza intwaro. 

Intara zavuye kuri 8 zija kuri 15 ziyongera ku gisagara ca Bujumbura cafatwa ukwaco. Itegeko rigenga amakomine ryo mu 2005 ni ryo ryaje gushira ku rugero rumwe igisagara ca Bujumbura n’izindi ntara. 

Intara ya Mwaro yagiye kuvuka mu 1999, ica iba intara igira 16 ziyongera ku gisagara ca Bujumbura. Kugeza ico gihe, icitwa “Mwaro”, ni ukuvuga, ahari umugwa mukuru w’intara uno musi, hari imwe mu ma zone agize ikomine ya Kayokwe, yakukira intara ya Muramvya ico gihe.

Gusubira ku ka kera

Intara yabayeho vuba cane ni Rumonge. Ikaba igizwe n’amakomine atanu: Rumonge, Burambi, Buyengero, Muhuta na Bugarama. Izo zitatu za mbere zikaba zavuye kuri Bururi na zo izisigaye zikaba zahora zikukira intara ya Bujumbura.

Uno musi, Uburundi bufise inyara 18. Ariko ni bake bazi ko bwigeze kuba bufise nk’izo nyene muri kahise, imyaka ibiri imbere y’uko bwikukira. 

Kuwa 26 Nyakanga 1960, uturere twatwarwa n’abatware twahindutse intara zitunganijwe mu buryo bushasha zigera kuri 18: Usumbura, Bubanza, Mwisare, Cibitoke, Ngozi, Kayanza, Muyinga, Kirundo, Gitega, Karusi, Bukirasazi, Ruyigi, Cankuzo, Rutana, Muramvya, Mwaro, Bururi na Makamba. Izo ntara 18 zasubiye kugabanywa kuwa mbere Ntwarante 1962, zisigara ari 8 zihuriranye n’uturere Uburundi bwagize muri kahise.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Abatware batwara sous-chefferies ntibatwara intara. Sous chefferies bazishize hamwe, zar zibiri zikaba commune imwe. Izo 18 zari provinces
    bahinduye arrondissements, territoires baca bazita provinces . Territoire ya Rutana yarahavuye hasigaye arrondissement Rutana. Igipande kimwe ca territoire Rutana cagiye Muri Ruyigi ikindi muri Bururi.. Province ya Bujumbura yaje mu nyuma. Muri1960 Province yo Mwisale yahindutse arrondissement yagumye muri (Territoire) province Bubanza gushika mu 1962-63 bashizeho province Bujumbura. Vyari bitangaje kubona Commune (plus tard secteur) Kabezi yo muri arrondissement Mwisale iri muri Province Bubanza. Uvuye i Bujumbura uja mu Rumonge wabona pancarte kw’ibarabara ivuga ko winjiye muri Province Bubanza.