article comment count is: 1

Isuku mu bisagara: kumbe twisigira ubukwe gusa ?

Isuku mu bisagara bigize igihugu cacu ntirishemeye cane. Ariko, umusi mukuru twaraye duhimbaje, uwa mbere Mukakaro, waraye werekanye ubudasa. Iyo ngendo yo kwisigira urubanza gusa si imberagabo.  

Uburundi bwaraye buhimbaje imyaka mirongo itanu n’umunani bumaze bwikukiye. Mu kwitegurira uwo musi utari usanzwe, ibikorwa vy’ugusukura n’ugushariza vyarakozwe hano mu gisagara ca Bujumbura. Uciye hagati mu gisagara, aho kenshi ivyo birori nyamukuru bikunze kubera, amabara yitiriwe Mwezi Gisabo, iryitiriwe ukwikukira canke iryitiriwe umugambwe Uprona, yari ateye igomwe. Yarasukuwe, mbere anasigwa amabara mashasha aho yari atakiboneka. N’amatara yari amaze igihe kinini ataka yarakijwe, Bujumbura harakaka ukurikwamye.

Umusi w’ibirori, igisagara cari gisa neza cane, n’amasanamu yarabigaragaje ku mboneshakure. Umuntu akibaza igituma ivyo bikorwa bitama bikorwa, ndetse bigakorwa no ku yandi mabarabara hamwe n’imifurege itwara amazi; na rirya vyagaragaye ingene ico gikorwa co gusukura aho tubaye cokorwa kandi kigashoboka bitagoranye. 

Ibikorwa rusangi: inzira

Kuva bitanguzwa, ibikorwa rusangi vyari bifise ihangiro ryo gukomeza ubumwe bw’Abarundi, ukwiteza imbere mu nyubakwa rusangi no kugira isuku aho tubaye, dushize inguvu hamwe. Kanatsinda, kuva kera kuri ba sokuru, Abarundi twamye dukorera hamwe, ico bita « guhinda ikibiri ». Ku bakurambere babibonye barazi ico vyabamarira ; n’ibikorwa rusangi, ntawovuga ko ata ho vyadushikanye mw’iterambere. 

Ikibabaje, inyuma y’imyaka yababa cumi n’itanu, Abarundi ntibabaye bakbitahura kumwe ; hari bamwe babona ko ari ivyo abanyamigambwe gusa. Abandi bakibuka ko bikorwa iyo hari umutegetsi abagendeye gusa.

Bikica akokize

Nk’akarorero kamwe k’aho nsanzwe ntuye, muri zone Musaga ya komine Muha hano mu gisagara ca Bujumbura, uvuye ku nyubakwa z’ibiro vya zone ukamanuka, ibarabara rija muri karitiye ya kinanira ya kabiri uciye kw’isoko y’aho nyene ku Musaga, imiserege n’ibarabara biteye isoni cane. 

Imiserege imwe yarazivye, bigatuma imvura iguye amazi yisesa mu mabarabara, ayandi mu ngo z’abantu. Kandi aho vyinshi vyarahononekariye, eka mbere n’indwara zimwezimwe zikaziramwo. 

Iyo utembereye ahatandukanye muri kino gisagara ca Bujumbura, ibiri ku Musaga ni vyo biri no muyandi ma zone. Aho bagize ngo barasibuye, nko kw’ibarabara rya 12 ry’aho mu kinanira ya 2, ivyo bakuyeho vyose bigahera ku musozi, imvura yagwa ikabisubizayo.

“Turi kumwe twese, birashoboka”? 

Ndi mu bizera ko turi kumwe twese, ivyari vyaratunaniye gushira mu ngiro vyoshoboka, maze isuku ry’aho tubaye rikaja mu bitegerezwa gukorwa n’uwo ari we wese. Tugiye inama imwe, tugakura amaboko mu mpuzu ku bw’iterambere ryacu, nta nkeka ko ibisagara vyacu vyoyagayaga. 

Kukaba nkako, vyaragaragaye ko bishoboka hano i wacu, eka no mu bindi bihugu bibanyi, nta kindi gisukura ibisagara. Imyiyamamazo iheruka yaranzwe n’ijambo ngo “turi kumwe twese birashoboka”, ijambo ryampaye ivyizigiro ko hagiye kuba impinduka; Ese ibikorwa rusangi vyokomezwa, bishigikiwe n’ingingo nziza, zihurujweko na bose kandi zorohereza bose, tukumva ko iterambere ari irya twese ! 

Vyose bizova ku nyifato y’indongozi twaraye turonse.  

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)