article comment count is: 7

Ihiganwa “Miss Kayanza”: abatyoje Neilla bose Imana ibaharire

Ku wa mbere Nzero 2020, mu ntara ya Kayanza habaye ivyatangaje benshi. Umwigeme wo mu bwoko bw’Abatwa yagiye mw’ihiganwa ry’abigeme beza kandi baciye ubwenge bise “Miss Kayanza” araritsinda, atahukana ikibanza ca mbere. Hakurikiye amajambo menshi, agwiriyemwo ayamutyoza. Inyifato itabereye muri kino kinjana tugezemwo.

Ihiganwa “Miss Kayanza” ry’uyu mwaka ryari ribaye ku ncuro igira umunani,  ritunganijwe n’ishirahamwe Umuco ryo muri iyo ntara. Umwigeme Neilla yari yateguwe n’ishirahamwe “Fondation FEMIDEJABAT” risanzwe ritegura ihiganwa Miss Inakaranga, rifise intumbero yo guhimiriza abigeme b’Abatwa no kubategura kugira ngo bazoshobore kwitabira ihiganwa “Miss Burundi”. 

Iryo shirahamwe “FEMIDEJABAT” ryarahimirije Neilla, ryongera riranamutegura kugira aje guhiganwa n’abandi bigeme bo mu Kayanza. Neilla na we, ashize amanga, aca aratangaza  benshi, ku bukerebutsi n’inyifato vyagiye biramuranga. 

Iryo higanwa riheze uwo mwigeme atahukanye ikibanza ca mbere, abantu hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi batangura kuvuga amajambo, bamwifatira mu gahanga.

…kubera ubwoko 

Iryo higanwa ntiryari ritunganijwe neza”, “ bamutoye kubera ari Umutwakazi, nta n’ikindi”, “ni akarenganyo ku bo bahiganywe,”… . Ayo ni amwe mu majambo yahererekanywa ku mbuga ngurukanabumenyi no mu bibanza bitandukanye kubera iryo torwa ry’uwo mwigeme. Ariko uvyihweje, uwo mwigeme yatowe abikwiye koko. 

Turamenyereye ko amahiganwa nk’ayo ashira imbere ubwiza bw’abigeme. Ariko rero ntitwokwibagira ko ubwiza butagira urugezo.  Umwe wese ashima ukwiwe. Uwo mwigeme bavuga ko adafise ubwiza bubereye gutsindira iryo higanwa hari abandi babona ari ikirezi cakaka. Kukaba nkako, uwo mwana yaremwe uko n’abandi bose baremwe kandi nta kanenge na kimwe ko ku mubiri afise. 

Hejuru y’ivyo, iryo higanwa rishira imbere umwigeme arusha abandi ubwenge. Umwigeme Mutoniwimana yaratangaje benshi mu kwishura ibibazo ashirutse amazinda, agashikiriza n’imigambi irashe. 

Neilla rero ivyo vyose yiyumvisemwo ko abikwije, ndetse abona ko ashobora gutsindira iryo higanwa. Yaritoje yongera aratorwa, atako aba uwa mbere. Kubona yaratowe, ni umunezero n’iteka kuri we hamwe no mu bwoko bw’Abatwa akomokamwo. Baramuhimbariwe cane.  

Ni uwo gutera intege

Imigambi ya Neilla Mutoniwimana, ni yo yatumye arusha abandi bigeme bahiganwa, ituma bamutora mu bandi. Iyumvire namwe! Uwo mwigeme yiga mu mwaka w’12 yipfuza guharanira agateka k’abigeme b’abasangwabutaka, akabahimiriza kuja mu mashure, ndetse n’abandi bigeme bose basigajwe inyuma y’amajambere.  Yipfuza kubabona bari hamwe n’abandi, bakaja mu mashure, bakirinda imbanyi zitipfujwe zituma abigeme bamwebamwe batabandanya amashure. Vyongeye, abasaba no kureka kwikumira  nk’uko we avyemera : “Jewe sinikumira. Iyo mba narikumiriye sinari no kwiyumvira kuja muri iryo hinganwa ”. 

None ko iryo higanwa rifatira ku vyiyumviro birashe kandi bizogirira akamaro igihugu, aho uwo mugambi wa Neilla nturashe? Iyo batora uwutagira umugambi canke ufise uwutarashe bamushimye isura yiwe gusa mwumva atari ho nyabuna iryo higanwa ryari kuba ritunganijwe nabi? 

Abavuze amajambo atari meza ku mwigeme Neilla barakosheje cane. Baramuhohoteye kandi ataco bamuhora. Iyo nyifato ntihuye n’ibihe tugezemwo aho duhamagarirwa gushigikira iterambere bwite ry’umuntu. 

Urya mwigeme ni uwo gushigikirwa, agaterwa intege kugira akurane ubutwari yagaragaje muri iri higanwa; kumbure yobera n’akarorero n’urundi rwaruka na canecane abo mu bwoko bw’Abatwa bakunze kwikumira basigara inyuma y’amajambere. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Abarundi imisi yose twama dufise ico tugaya n’amajambo menshi…turakwiye kwiga gushigikirana umwe wese kuntambwe agezeko. Ivyo ndabifata nka jalousie, kuko niyo hadatorwa uyo wo mu bwoko bw’abatwa, ntibari kubura akanenge bamutora

    1. Turanezerewe natwe kumva tumaze gushika ngaho, aho twumvise our miss Burundi from Kayanza, Neila please keep going from now go ahead, ntiwumvirize ivyo vyose biguca intege iryo nishaka ryawe kandu rizogushitsa aho ashaka kandi ugafasha n,abandi. Courrage turagushigikiye turinyuma yawe. Reste yourself my dear. We wish to speak to u soon thank u Neilla Félicitation ma chère.

  2. Simbona impavu atomuba kuko baravye ubwiza bosanga Atari iryambere barenganije kubon yarubahutse ararengera igitsure ca mbere aritoza vyerekanye ishaka nukugera kure kwi ciyumviro ciwe ni bamurek ahubwo baterere agacumu kubumwe kumugambi wiw

  3. Ndakeje Inès kur’ivyo yanditse vyo kwiyamiriza abanebaguye itorwa ry’uwo mwigeme wo mu bwoko bw’abatwa, barishiramwo amacakubiri atakigira ikibanza muri kino gihugu. Ndakeje n’abatunganije iryo higanwa kuko batakoresheje ikimenyane n’akamwanawamama. Ndabifurije gukomera ku vyo biyemeje, bongera ntera intege n’izindi ntara z’igihugu ko zotunganya mwen’ayo mahiganwa.

  4. Jewe nsishatse kugira komanteri kuyu Mwigeme Mutoni ariko ndayigize kwaya majambo mwanditse; mwanditse ko ishirahamwe umuco ariryo ryatunganije iri higanwa, iri shirahamwe miss inakaranga canke se FEMi de JABAT ryitayeho cane kurusha Abo bandi bahiganywe bo babuze ku mbure aba bashigikira vyumvikane ko naho amahiganwa yariko araba ayo yandi mashirahamwe yateguye UMUTONI azinanye cane niryo shirahamwe ryateguye iryo higanwa rya Miss kayanza bari bafunditse ko vyanka vyakunda Miss kayanza aba uwo Mwigeme UMUTONI kubw’intumbero yabo bahaye iryo higanwa none mwumva abandi batarenganijwe niyo bashaka bakababwiza ukuri ati:  » si ihiganwa ariko n’akantu dushatse kwereka abarundi canke akarere ko muburundi tugeze kuntambwe ikomeye yo kwishira n’ukwizana n’akare ntawukumira abandi mu Burundi bihari ahubwo abantu nibo bashaka kwi kumira, aho rero nibaza ko atamajambo menshi yari kuvurwa Cane habaye kumenyesha abaraho n’abahiganywe intumbero yico gikorwa. Cari iciyumviro canje.

  5. uwo mutwakazi nibamureke erega gutsindira ikintu ntihakora ubwoko gusa koyarabikwiy ntacabuzako bamuha trophee yiwe batarinz kurabako akomoka mubwoko bukumiriw

  6. nibamureke kuko muburundi ntamacagutatu dukeney iyo mwihiganwa utsinzw menyako utsinzw ntihagir ivyitwazo ibi n’ ibindi ugira jew uwo mwigem ndamukeje can akomeze nomuyandi mahiganwa arutayo kandi azoyatsinde